Ukraine: Umuhanuzi wa Zelensky yatanze imihoho kubera ivyo yavuze kuri Dnipro

Yatangajwe

Na Oliver Slow

BBC News

Umuhanuzi w’umukuru w’igihugu ca Ukraine Oleksiy Arestovych yatanze imihoho inyuma yo kuvuga ko igisasu ca misire catewe ku nzu mu gisagara ca Dnipro cakorowe na Kyiv kigahitana abantu 44.

Arestovych yasavye imbabazi avuga ko yakoze “ikosa ry’agacamutwe”.

Aya majambo yarateye uburakari igihugu cose, mbere aca akoreshwa n’Uburusiya mu kwagiriza Ukraine.

Uyu muhanuzi arazwi cane kubera amakuru yama atanga buri musi y’ingene ibintu bimeze ku rubuga aciye kuri Youtube, akaba akurikiranwa n’amamiriyoni.

Perezifa Volodymyr Zelensky wa Ukraine ntaragira ico ashikirije ku ngingo ya Arestovych yo gutanga imihoho.

Amasaha make inyuma y’igitero ca misire co ku wa gatandatu cagemye inzu ituwemwo n’abantu i Dnipro, Arestovych yavuze mu ntango ko vyaboneka ko ico gisasu c’Uburusiya caguye kuri iyo nyubakwa inyuma yo gukororwa n’ingabo zirwanira mu kirere za Ukraine.  

Ukraine ivuga ko iyo nyubakwa yatewe igisasu ca misire yo mu bwoko bwa Kh-22, ivuga ko idafise ubushobozi bwo gukorora kandi kikavugwa ko gihusha cane.

Abanya-Ukraine bararakajwe n’aya majambo ya Arestovych bamwe bamwagiriza ko atsimbataza impigi z’abamamaza Uburusiya.

Bamwe mu bashingamateka bateye igikumu ku rwandiko rwasaba ko Arestovych yirukanwa mu mabanga ya reta.

Mu nyuma yahavuye asohora urwandiko rwo gutanga imihoho avuga ko yakoze “ikosa ry’agacamutwe”.

Mu butumwa burebure yacishije ku rubuga rwa Telegram avuga ati: "Ndasavye imbabazi abahuye n’ico gitero n’imiryano yabo, abanyagihugu ba Dnipro hamwe n’abo bose bababajwe n’amajambo nashikirije mu kwihenda ku gitero ca misire y’Uburusiya yagemye inzu ituwemwo n’abantu”.   

Arestovych ni umwe mu bantu bazwi cane muri Ukraine kuri ino ntambara, akaba asanzwe akoresha umurongo wa YouTube mu biganiro vyerekeye iyi ntambara.

Uwo murongo ufise afise abantu barenga imiriyoni 1.6 biyandikishije kuri wo, amavidewo yiwe nayo akaba akurikiranwa n’abantu barenga 200.000. Mu bintu bitamenyerewe ku bategetsi ba Ukraine, wewe avuga ikirusiya hakuvuga ikinya-ukraine.

Imbere y’uko atanga imihoho, amajambo yiwe yakoreshejwe n’abategetsi b’Uburusiya mu kwagiriza Kyiv kuri ico gitero.

Umuvugizi wa Kremlin Dmitry Peskov avuga ko ibitero vy’Uburusiya bidakorwa “ku nzu zituwemwo n’abanyagihugu”, aca avuga ko ivyabaye vyatumwe n’igisirikare ca Ukraine kirwanira mu kirere, akarangiza avuga ko na bamwe mu “bategetsi ba Ukraine bavyemeje”.

Abategetsi ba Ukraine gushika ubu bavuga ko abantu nibura 44 bapfiriye muri ivyo bitero abandi nabo batari bake baburwa irengero, kandi ko hari “amahirwe make” yo gutora abandi boba bakiri bazima.

Ibisagara vya Kyiv, Kharkiv na Odesa na vyo nyene vyaratewe muri ivyo bitero vyo ku wa gatandatu Moscou ivuga ko vyakozwe ku bigo vya gisirikare n’ivy’amasoko ntanganguvu vya Ukraine.