Angola: Umugambwe MPLA ni wo uza imbere mu matora

Ahavuye isanamu, EPA
Ibiharuro vya vuba vy'ivyavuye mu matora muri Angola vyerekana ko n'aho umugambwe uri ku butegetsi MPLA uri mbere amajwi y'awo yagabanutse.
Akanama kajejwe gutegura amatora kavuze ko ku majwi 86% amaze guharurwa, umugambwe wa prezida João Lourenço - umaze ku buegetsi imyaka irenga mirongo ine - waronse gusa ayarenga 52%.
Umugambwe utavuga rumwe na reta, Unita, waronse ayari musi ya 43%.
Unita yahereka kuvuga ko ibiharuro vy'agateganyo vyerekana ko ari wo waza imbere.
Abaraba ibintu n'ibindi bavuga ko bazoronka amajwi yegeranye.
Indorerezi zo mw'ishirahamwe ry'akarere k'ibiyaga binini (ICGLR) zashimye ingene ayo matora yabaye mu mahoro, baca bahamagarira imigambwe yose kwemera ibizoyavamwo.
MPLA yaranebaguwe cane mu kunanirwa kugwanya iduga ry'ibiciro, ubukene hamwe n'ibura ry'akazi, mu gihe ico gihugu gifise ubutunzi bw'igitoro.






