Angola yarondeye abashingwamanza bayiburanira kw'ishingurwa rya Dos Santos

Ana Paula dos Santos (i Buryo)  na prezida Jose Eduardo dos Santos

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Ana Paula dos Santos (i Buryo) ashaka ko uwahoze ari prezida Jose Eduardo dos Santos ashingurwa muri Angola
Yatangajwe

Reta ya Angola yarondeye abashingwamanza bayiserukira hamwe n'umupfakazi w'uwahoze ari umukuru w'igihugu Jose Eduardo dos Santos, Ana Paula dos Santos, mu matati ari mu muryango kw'ishingurwa ry'uwo mutegetsi.

Abana bakuru b'uwo yahoze ari prezida bashaka kugumya ikiziga ciwe hanyuma bamuhambe muri Espagne, mu gihe umupfakazi wiwe n'abana bato bashaka ko ikiziga ciwe gitahukanwa muri Angola.

Jose dos Santos yapfiriye mu bitaro vy'i Barcelone muri Espagne itariki 8 z'ukwezi kw'indwi, inyuma yo gutwara Angola imyaka 38 gushika avuye ku butegetsi mu 2017.

Ibinyamakuru vyo muri Angola bivuga ko utwigoro twa reta n'umuryango wiwe two kwumvikana ku bijanye n'ishingurwa ryiwe, ataco twashitseko.

Vyitezwe ko sentare yo muri Espagne ifata ingingo kw'igumizwa ry'ikiziga ciwe muri ico gihugu mu mpera z'iyi ndwi.