Ubwa mbere mu myaka mirongo Ubushinwa bugerageje ibisasu vyo mu bwoko bwa za misile

Ifoto yo mu bubiko y'ikirwanisho ruhonyanganda ca DF-41c'Ubushinwa kirasa kure, cerekanywe muri defire ya gisirikare mu 2019

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Igihugu c'Ubushinwa bufise mu bubiko bwaco ibirwanisho ruhonyanganda birenga 500 nk'uko ibiharuro ngereranyo vya Pentagon bivyerekana
    • Umwanditsi, Kelly Ng
    • Igikorwa, BBC News
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 4

Ubushinwa bwavuze ko bwagerageje neza igisasu co mu bwoko bwa misile (ICBM) zirasa kure mw'ibahari ya Pacific.

Umushikiringanji wo kwivuna abansi w'Ubushinwa yavuze ko ICMB yatewe kuri uyu wa gatatu, nk'isaha zibiri n'iminota 44 ku masaha yo mu Bushinwa (isaha cumi n'iminota 44 z'igitondo kw'isaha mpuzamakungu ya GMT) ica "igwa mu duce tw'ibahari yari yitezwe kugwamwo", avuga kandi ko iryo geragezwa cari "igikorwa gisanzwe" kandi kiri mu myimenyerezero ngarukamwaka.

Ubwoko bwa misile n'inzira yaciyemwo ntibizwi neza, ariko ikinyamakuru ca reta y'Ubushinwa cavuze ko Beijing yari "yamenyesheje kare ibihugu birabwa n'iryo gerageza".

Igihugu c'Ubuyapani cavuze ko kitigeze kimenyeshwa ivyo iryo gerageza.

Mu bisanzwe, Ubushinwa bugeragereza ibirwanisho ruhonyanganda ku gataka kabwo, kandi buheruka kugerageza ICBM mu burengero bw'ubugaragwa bwa Taklamakan buri mu karere ka Xinjiang.

Ibi bikekwa ko ari ubwa mbere kuva mu 1980 bugerageza ICBM mu mazi bisangiye n'ibindi bihugu.

Ankit Panda, umuhinga mu vyerekeye ibirwanisho ruhonyanganda wo mw'ishirahamwe rya Carnegie Endowment for International Peace, yanditse ku rubuga rwa X ati ":Kiretse nimba hari ico noba ntamenye, ndibaza ko ibi ari ubwa mbere bibaye - kandi vyari vyaratangajwe kuva kera."

Yongeyeko ko kubona Beijing yise iryo gerageza "irisanzwe" na "ngarukamwaka" vyari amayobera kuko batahora bakora ibintu nk'ibi "nk'ibisanzwe" canke "ngarukamwaka".

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Reta y'Ubuyapani yavuze ko itigeze imenyeshwa ivyo igeragezwa rya ICBM.

Umuvugizi wa reta, Yoshimasa Hayashi, yabwiye abanyamakuru ko ata butumwa bwo kumenyesha bahawe n'Ubushinwa imbere y'uko biba.

Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwo mu Buyapani bwavuze kare ko amato yabwo ataco yabaye.

Muri aka gatondo ko ku wa gatatu, ubwo bushikiranganji vyavugiye ku mboneshakure y'Ubuyapani NHK, buti: "Tuzobandanya kwegeranya no gusuzuma amakuru y'ingendo z'ingabo z'Ubushinwa kandi tuzofata ingingo zose zishoboka mu kuba maso kwacu no kubikurikirana."

Ubuheruka Ubushinwa bukora igerageza nk'iryo - mu kwezi kwa gatanu mu 1980 - misile yagenze ibirometero 9.070 ica igwa mw'ibahari ya Pacific. Iryo geragezwa ryarimwo amato y'ingwano y'Ubushinwa 18 kandi gushika ubu riracafatwa nk'igikorwa gikomeye c'igisirikare c'Ubushinwa kigwanira mu mazi.

Umushakashatsi Drew Thompson, yigisha muri kaminuza yo muri Singapore rya Lee Kuan Yew School of Public Policy, yanditse ku rubuga rwa X ati:"Gukurikirana neza igihe ibintu vyabereye ni ingirakamaro cane".

Yavuze kandi ati:" Itangazo ry'Ubushinwa rivuga ko igerageza ritibasiye igihugu na kimwe, ariko hari icuka kibi gikomeye hagati y'Ubushinwa n'Ubuyapani, Philipine n'uko biri kose icuka kibi camaho na Taiwan."

"Igerageza ni ikimenyetso gikomeye gifise intumbero yo gutera ubwoba abantu bose."

Umushakashatsi w'Umunyamerika mu bijanye no kwivuna abansi, John Ridge, yavuze ko Ubushinwa bwakoze igerageza nk'uburyo " bwo kwihagararako canke guha ubutumwa Amerika".

Naho umubano hagati ya Beijing na Washington wabaye mwiza mu mwaka uheze, Ubushinwa bukomeza kwihagararako no kugamika izosi mu karere.

Imishamirano yaraduze hagati y'Ubushinwa na Philipine mu gihe amato yabo yamye agonganira mu mazi bagwanira bompi. Mu kwezi guheze, Ubuyapani bwihutishije kugurura indege zabwo z'ingwano inyuma y'aho bwagiririje indege y'Ubushinwa kuza gusuma urusaku mu kuvogera ikirere cabwo, igikorwa yise "ikitemewe na gato."

Ivyo Beijing ivuga ku gihugu cigenga ca Taiwan vyabaye iyindi soko y'ubushamirane,

Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi muri Taiwan bwavuze kuri uyu wa gatatu ko Ubushinwa bwamye na ntaryo burasa za misile kandi bugira n'iyindi myimenyerezo mu minsi ya vuba. Muri iryo tangazo nyene, ubwo bushikiringanji bwavuze ko bwabonye indege za gisirikare z'Ubushinwa ziguruka muri Taiwan mu bikorwa vyo kurasa kure.

Beijing isanzwe irungika amato n'indege z'ingwano mu mazi no mu kirere vya Taiwan mu co abashakashatsi bavuga ko ari agace y'urugabaniro k'ingwano kashiriweho guhagarika ibitero.

Mu kwezi kw'indwi muri uyu mwaka, Ubushinwa bwarahagaritse ibiganiro vyo kugenzura ibirwanisho ruhonyanganda na Washington, mu ntumbero yo kwihora Amerika kubera yabandanyije kugurisha ibirwanisho muri Taiwan.

Mu mwaka uheze, Ubushinwa bwarahinduye abayobozi babiri bo mu gisirikare ca reta bahoze mu murwi urasisha ibirwanisho ruhonyanganda uzwi nka People's Liberation Army's Rocket Force unit - bubagiriza igiturire.

Mu cegeranyo casohotse mu mwaka uheze, ikigo ca Pentagon kigereranya ko Ubushinwa bufise ibirwanisho ruhonyanganda birenga 500 mu bubiko bwabwo, mur'ivyo ivyababa 350 ni ivyo mu bwoko bwa ICBM.

Ico cegeranyo cerekana ko Ubushinwa buzoba bufise ibirwanisho ruhonyanganda birenga 1000 mu 2030. Naho biri uko, ni agace gato k'ibirwanisho ruhonyanganda birenga 5.000 Amerika n'Uburusiya bifise kuri buri gihugu.