Ubushinwa bwafatiye ibihano amakompanyi atanu ya gisirikare ya Amerika yagurishije ibirwanisho kuri Taiwan

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Na Peter Hoskins
- Igikorwa, Umunyamakuru mu bijanye n'ubudandaji
- Yatangajwe
Ubushinwa butangaza ko bwafatiye ibihano amakompanyi atanu y’Uburengero aherutse kugurisha ibirwanisho vya Amerika kuri Taiwan.
Ibi bitangajwe mu gihe Taiwan iriko yitegurira amatora y’umukuru w’igihugu n’ay’abashingamateka ku wa 13 Nzero (1).
Amerika kugurisha ibirwanisho kuri Taiwan ni intandaro y’icuka kibi hagati ya Amerika n’Ubushinwa.
Ubushinwa bufata Taiwan nk’ubutaka bwayo, ivyo ubutetsi bwa Taiwan bwamirira kure.
Mu kwezi guheze, ubushikiranganji bwa Amerika bujejwe imigenderanire bwaremeje igurishwa ry’ibikoresho bifise agaciro k’imiriyoni 300 z’amadorari y’Abanyamerika mu ntumbero yo kuyifasha gutsimbataza ubuhinga bwayo bwo guhanahana amakuru mu vyo kwivuna abansi.
Ejo ku wa Mungu, ubushikiranganji bw’imigenderanire bw’Ubushinwa bwasohoye itangazo buvuga ko ibi bihano vyari ivyo “kwihora kuri ibi bikorwa bibi bikorwa na Amerika”.
Rivuga kandi ko irugishwa ry’ibirwanisho riheruka "ribangamira bikomeye ubusugire n’umutekano vy’Ubushinwa, rigahungabanya amahoro n’umutekano mu Muhora wa Taiwan”.
Aya makompanyi yafatiwe ibihano ni BAE Systems Land and Armament, Alliant Techsystems Operation, AeroVironment, ViaSat hamwe na Data Link Solutions.
Ubushinwa buzofata amatungo y’ano makompanyi bwongere bubuze abanyagihugu n’amashirahamwe mu Bushinwa gukorana nayo, nk’uko ubushikiranganji bw’imigenderanire bubivuga.
BBC yituye ubuserukizi bwa Amerika mu Bushinwa kugira bugire ico bubivuzeko, bukaba butarishura.
Ubushinwa burabandanya butera igitsure cane Taiwan imbere y’ano matora ashobora gusubiramwo gushasha imigenderanire hagati y’iri zinga n’Ubushinwa.
Mw’ijambo ryiwe yashikirije buca hatangura umwaka mushasha, Perezida Xi Jinping w’Ubushinwa yashimangiye ivyo yamye avuga ko Taiwan ishobora "ata nkeka gusubirana" n’Ubushinwa.
Yerekanye kandi uburakari gusumba ubwo yerekanye mw’ijambo ry’umwaka uheze, aho yavuga ko Taiwan ari igice c’"umuryango umwe".
Ubushinwa bufata ko iri zinga ry’abantu imiriyoni 23 rifise ubutegetsi bwigenga ko ari intara yabwo yiyonkoye, ariko ko uburuhiro izosubira mu butegetsi bwabwo.
Taiwan yifata ko ari igihugu cigenga kitagendera ku Bushinwa, gifise ibwirizwashingiro n’abategetsi batowe mu nzira ya demokarasi.










