DRC muri ONU: 'Ntidushobora kuganira na M23 kuko n'Urwanda ntirwigeze ruganira na FDLR'

Yatangajwe

Uwuserukira Repubulika y’Intwaro Rusangi ya Congo yaraye avuze ko reta y’igihugu ciwe idashobora kuganira n’umuhari M23 ngo nk’uko kw’isi yose ata gihugu na kimwe kirigera kiganira n’umurwi w’iterabwoba.

Ambasaderi Georges Nzongola-Ntalaja yabivugiye mu mubonano w’Inama nkuru ya ONU ijejwe umutekano kw’isi nijoro ku wa gatatu, aho yihweza ingene ibintu bimeze mu karere k’ibiyaga binini, cane cane mu buseruko bwa DR Congo.

Mw’ijambo ryiwe, yongeye kwagiriza Urwanda ko ari rwo ntandaro z’ingorane zo mu buseruko bw’igihugu ciwe.

Ni mu gihe mw’ijambo ryiwe nawe, Ambasaderi Claver Gatete aserukira Urwanda muri ONU yagirije reta ya DR Congo ko ari yo nzitizi y’umugambi w’amahoro mu buseruko bwayo mu kudashaka kuganira no mu gushigikira umuhari FDLR urwanya reta y’Urwanda.

Ambasaderi Gatete yabwiye abari muri uwo mubonano ko “kubona umuhari M23 waremeye ukava mu turere wari warigaruriye ubu turi mu minwe y’ingabo z’akarere ka Afrika y’Ubuseruko”, ari icerekana ko M23 yiteguriye gushira mu ngiro ivyumvikanyweko n’abategetsi b’akarere i Luanda na Nairobi, agasaba ko no ku ruhande rwa reta ya Congo vyogenda uko.

'Imvugo ya reta ya Congo irabangamiye utwigoro tw'amahoro' – Ambasaderi Gatete

Mw’ijambo ryiwe, Ambasaderi Gatete yavuze ko Reta ya Congo ibandanya yerekana ko idashaka gushira mu ngiro amasezerano n’amwe amaze guterwako igikumu n’abakuru b’akarere.

Ati: “Impande zose zifise uruhara riziko rirakurikiza amasezerano amaze gushikwako kiretse DR Congo”.

Ambasaderi Gatete yagirije atarya umunwa Perezida Félix Tshisekedi we nyene ubwiwe ko aterekwa umugambi w’amahoro uciye mu kuganira n’umuhari M23.

Abivuga afatiye ku kiganiro aherutse guha abamenyeshamakuru mu ndwi iheze ari kumwe n’umukuru w’igihugu c’Ubuswisi i Kinshasa.

Ambasaderi Gatete ati: “Iyi mvugo ya DR Congo ni iyo gusubiza inyuma, kandi irabangamiye utwigoro twose tw’akarere two kurondera amahoro mu buseruko bwa Congo.

“Mu gihe hatoba ibiganiro inyuma y’uko M23 izoba iviriye mu turere twose yari yarigaruriye, umugambi w’amahoro ushobora gupfa ubusa, kandi ingaruka zishobora kuba intambara gusubira kwaduka.

“Rero, akarere n’amakungu biteze ko Kinshasa yifatanya n’abandi mu kurondera amahoro arama mu Buseruko bwa congo inyuma y’aho M23 isubiriye inyuma”.

Ku bw’iwe, ikibazo co mu buseruko bwa Congo kiragoye ariko kandi kiroroshe gutorera umuti, akabona ko inzitizi ku twigoro two kurondera ituze ari “amajambo ashikirizwa n’abategetsi b’iki gihugu hamwe kandi n’ingene bakingira ikibaba umuhari FDLR”.

'Urwanda ni rwo soko ry'ingorane za DR Congo' – Nzongola

Uyu muserukizi wa DR Congo muri ONU yerekana ko intandaro y’ibibazo vya Congo ari Urwanda atari Congo.

Ng’aha aragiriza Urwanda “gushinga imirwi myinshi ya gisirikare, kwiba ubutunzi bwa Congo, gukwiragiza urwanko rushingiye ku moko no gushaka kwiyagurira akarere”.

Nayo ku vyo Urwanda rwagiriza reta ya Congo ko ikorana ikongera igakingira ikibaba umuhari w’inyeshamba wa FDLR zagirizwa ko ari zo zakoze jenoside mu Rwanda mu 1994, Ambasaderi Nzongola avuga ko uru ari urwitwazo rwa reta y’ico gihugu mu kuvogera igihugu ciwe.

Ahejeje kuvuga ibikorwa vya gisirikare bitanu vyakozwe n’igisirikare ca DRC gifadikanije n’ic’Urwanda kuva 2009 gushika 2022, asigura ko “ibisigarira vy’uyu muhari waciwe umutwe nta bwoba bigiteye bwo gutera Urwanda gisirikare”.

Ati : “Haciye imyaka itari mike ata gitero bakoze mu Rwanda. Barabikoze mu ntango mu za 1994-1995, ariko ubu nta na kimwe”.

Nayo ku vyerekeye ibiganiro n’umuhari M23, Ambasaderi Nzongola avuga ko kw’isi yose ata gihugu na kimwe cigeze kiganira n’umuhari w’iterabwoba.

Ati: “Urwanda ntirurigera ruganira n’aba-FDLR, none ni kubera iki twebwe botubwira ngo tuganire na M23? Ndabisubiyemwo, ntituzokwigera tuganira na M23”.

DR Congo imaze igihe mu ndyane, aho igisirikare c'igihugu, FARDC, gihanganye n'umuhari w'inyeshamba, M23, reta ikavuga ko ufashwe mu mugongo n'Urwanda, ivyo reta y'iki gihugu yamye kandi ibandanya yiyamiriza, co kimwe na M23 ubwayo.