Isoko nkuru ya Bujumbura: Igikomere kitavurwa inyuma y'imyaka cumi

Ahavuye isanamu, Getty Images
‘Habuze iki ngo iyahora ari isoko nkuru ya Bujumbura isubire kwubakwa?’
Ico kibazo kibazwa n’ishirahamwe Olucome ryishinze kurwanya ibiturire n’iseseagurwa ry’itunga ry’igihugu mu Burundi.
Ariko kibazwa kandi n’uwariwe wese yigeze kubona canke kwumva iryo soko.
Ni mu gihe uyu musi haheze imyaka cumi, umunsi ku wundi, iyo soko ihiye.
Muri reta y’Uburundi ntibavuga aho umugambi wo kwubaka ‘ikigo ca kijambere’ muri ico kibanza ugeze.
Ku kirangaminsi reta yari yarihaye - giheruka kwibutswa ubwa vuba mu nama yayo yo mu kwezi kwa gatanu mu 2021 - ibikorwa vyagumye bicererwa gushika n’uyu munsi:
- Muri Ruheshi(ukwezi kwa gandatatu) 2021: hategerezwa kujaho ishirahawe rusangi ryo gushiramwo imitahe
- Munyonyo (11) 2021: Itorwa ry’ishusho [y’igicapo] ry’ico kigo
- Ruheshi (6) na Mukakaro (7) 2022: Gushikirizwa ivyigwa no gutanga isoko ryo kwubaka ico kigo
- Ndamukiza (4) 2023: Ibuye ryo gutanguza ivyo bikorwa
- Ndamukiza (4) 2026: Kwinjira ico kigo
Kuva habaye inama y’abashikiranganji yo mu mwaka uheze n’ico gihe yasanga ibintu vyaracerewe, nta kirasubira kuvugwa ku vyo yari yemeje ico gihe.
Ishirahamwe ryo mu mabanki yo mu Burundi ryari kwegeranya amafaranga yo kwubaka ico kigo, reta muri iyo nama yari yafashe ingo yo guha iryo shirhamwe ukwezi kumwe kugira ryemeze niba ribishoboye.
N’ishirahamwe rusangi ryo gushiramwo imitahe ryategerezwa kuba ryashinzwe mu kwezi kumwe nyene.
Abajijwe na BBC Gahuzamiryango aho ibintu bigeze, umuvugizi wa reta, Prosper Ntahorwamiye, yishuye ati: ‘’Ikirangaminsi nticubahirijwe ku mvo zitandukakanye ziri muri ico cegeranyo [c’inama y’abashikiranganji yo mu kwezi kwa gatanu mu 2021]. Murabisanga mu nyandiko z’ico gihe. Nta kindi co kwongerako.’’

Umwihwezo w'umunyamakuru wa BBC - Prime Ndikumagenge
Isoko ya Bujumbura yari mu mutima w’ico gisagara haba aho itumbereye haba no ku butunzi bwaco.
Ku butunzi ho ni ku gihugu cose kuko yinjiza amafaranga angana na 20% mu kigega ca reta. Kandi niyo ahanini yaha ibidandazwa ayandi masoko yo mu gihugu.
Ingene umuriro wadutse ku wa mungu itariki 27 Ukwezi kwa mbere mu 2013 mu gatondo, ugaturira isoko yose, naho hagumye ibibazo bitaronse inyishu.
Ariko ikibazo nyamukuru ni ingene ico kibanza c’uruhara ntangere mu buzima bw’igihugu gishobora kumara iyo myaka yose kigaragara, mbere n’iminyota y’ivyahiriyeyo itarakuburwa.
Mu myaka cumi hamaze kurangurwa iyindi migambi myishi y’iterambere mu gihugu. Uw’ico kibanza kuba utashizwemwo canke ngo ushirwe mu ngiro, reta yonyene niyo yotanga insiguro kuko ni ikibanza cayo, ariko na cane ni ic'igihugu ijejwe kurongora.
Gushika mu mpera z’umwaka wa 2018 - imyaka itanu isoko nkuru ya Bujumbura ihiye – ico gisagara nico cari umurwa mukuru w’Uburundi imbere y’uko wimurirwa i Gitega. N’ubu nico gisagara gikuru kikaba n’umurwa mukuru w’Ubutunzi.
Gushika uyu munsi umutima w’ico gisagara ufise igikomere c’ubushe n’ubu kitarigera kivurwa.
Gusa bigoye kumenya niba habuze imiti canke ishaka - canke vyompi - vyo kuvura ico gikomere, kuko ntawokwibaza ko hari n’umwe afise inyungu ko umutima wa Bujumbura ugumana igikomere.

Isoko nshasha nkuru ya Bujumbura yubatswe mu 1994 ku kirere kingana na hegitari zitatu hagati na hagati mu gisigara.
Amabisi aja irya n’ino mu gisgara niho ahagarara. N’ubunndi buzi bwinshi muri ico gisagara burangurirwa irya n’ino yayo, canke aho yahora ubu.
Iyo soko yakoreramwo abantu barenga 5.000. Abahinga bakagereranya ko yinjiza ayangana na 20% y’amafaranga yinjira mu kigega ca reta.
Benshi mu batakarije ibintu muri uwo muriro nta bwishingizi bwo gutanga inshumbusho bari barafashe. Umuhinga yabwiye ibinyamakuru vyo mu Burundi ko ku bantu barenga 5.000 bari bafise ibintu muri iyo soko, abahawe inshumbusho batarenze 50 bonyene.
Igihe iyo soko yasha havuzwe vyinshi ku nyanduruko y’umuriro wayituriye. Ishirahmwe OLUCOME ryiyemeje kurwanya ibiturire n’isesagurwa ry’itunga ry’igihugu mu Burundi rivuga ko n’ubu ico kibazo kitegeze kironka inyishu na cane cane ku cabuze kugira ibikoresho vyo kuzimya umuriro bifashe kuwuhagarika.
Ribabazwa kandi n’ingene mu nyuma hahiye n’ayandi masoko menshi mu gihugu, ayandi nayo akabandanya yubakwa ariko ata ngingo zifatwa kugira abazimya imiriro boronke aho baca mu gihe co gutabara.












