Agathon Rwasa yakoresheje amakoraniro ya CNL atisunze amategeko -Ubushikiranganji

Agathon Rwasa

Ahavuye isanamu, CNL

Insiguro y'isanamu, Agathon Rwasa niwe arongoye CNL kuva wemewe nk'umugambwe uvuye mu mugwi FNL wahora witwaje ibigwanisho wagwanya reta gushika mu 2006
Yatangajwe

Umukuru w’umugambwe wa mbere utavuga rumwe n’ubutegetsi mu Burundi yamenyeshejwe ko amakoraniro y’uwo mugambwe aherutse gukoresha hamwe n’ivyayavuyemwo vyose ari impfagusa imbere y’amategeko.

Agathon Rwasa arongoye umugambwe CNL ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati- ari nabwo bujejwe ingene imigambwe ikora- bwamubwiye ko ayo makoraniro ata na rimwe ryisunze amategeko agenga uwo mugambwe.

Bamwe mu bagize ibiro vya poritike muri uwo mugambwe bari biyiyamirije ayo makoraniro banasaba ubushikiranganji kuyagira impfagusa.

BBC Gahuzamiryango ntiraronka Agathon Rwasa ngo agire ico abivuzeko.

Ni ingingo ikomeye kuri kazoza k’uburongozi bwa Agathon Rwasa mu mugambwe CNL w’Inyankamugayo.

Abatari bake mu bagize ibiro vya potike, urwego rukuru rw’umugambwe CNL bari bagize igihe bavuga ko umukuru wabo ariko arakora ibiciye ku biri n’amategeko y’umugambwe wabo.

None ubushikiranganji bujejwe ingene imigambwe ikora bwabahaye ukuri.

Mw’ikete ry’impapuro zitatu yarungikiye Agathon Rwasa, umushikiranganji w’intwaro yo hagati, umutekano n’iterambere rusangi amumenyesha ko ayo makoraniro yabaye mu kwezi kwa gatatu no mu kwezi kwa kane uyu mwaka yose yarenze ku ngingo nyinshi z’amategeko agenga uwo mugambwe.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Avuga ko ivyegeranyo vy’ayo makoraniro Agathon Rwasa we nyene yarungikiye ubushikiranganji, ata na hamwe vyerekana uruhara ibiro vya poritike vy’umugambwe vyigeze bigira mu kuyategura kandi ariko bitegerezwa kugenda.

Buvuga kandi ko abitavye ayo makoraniro batigeze basuzumwa ko ari ababifitiye ububasha canke ko hubarijwe igitigiri c’abitaba bene ayo makoraniro gisabwa kugira ashobore kuba yisunze amategeko.

Bwisunze ivyo bwandikiwe na bamwe mu biro vya poritike vy’umugambwe biyamiriza ayo makoraniro, ubushikiranganji busanga Agathon Rwasa atisunze inama bwari bwamuhaye zo kubanza gutorera inyishu icuka kibi carangwa mu mugambwe imbere y’uko agirisha amakoraniro.

Rwasa we yari yemeje ko vyari vyatunganye.

Ubushikiranganji rero bwamenyeshe Agathon Rwasa ko ivyavuye muri ayo makoraniro harimwo n’inzego nshasha z’umugambwe vyose ataco bimaze, umugambwe uguma utwarwa n’inzego zihasanzwe kuva um 2019 gushika habaye irindi koraniro ryisunze amategeko.

Bisiguye ko uruhande rw’abo Agathon Rwasa yasa n’uwushaka kwigizayo mu burongozi bw’umugambwe wiwe ubu ari bo bagiye mu kuri.

Hasigaye kumenya ingene izo mpande ziribiri zigiye gukorana.

Izina rya Agathon Rwasa risa n’iryabaye icitiranwa ca CNL, umugambwe wamutse ku mugwai wahora witwaje ibigwanisho FNL Agathon Rwasa yarongoye imyaka myinshi ukigwana kugeza gushika aho wemereye kubihagarika mu 2006.