Niger: Uwahoze ari inyeshamba yiyemeje gusubizako Prezida yakombowe

Ahavuye isanamu, AFP
Uwahoze ari inyeshamba y’umu-Tuareg akaza kuba umushikiranganji ajejwe ubukerarugendo muri Niger avuga ko umugambwe wiwe mushasha ugamije gusubiza ku butegetsi Prezida Mohamed Bazoum aheruka gutembagazwa muri kudeta.
Kuri ubu apfunzwe n’abajejwe kurinda umukuru w’igihugu, ari nabo bafashe ubutegetsi haraciye indwi zibiri.
Rhissa Ag Boula yabwiye ikiganiro ca BBC, ari co BBC Newshour, yuko ico bashaka ari ukugarukana ukungana gutegekanywa n’ibwirizwa shingiro, avuga ko bariko barahuriza hamwe abantu muri Niger banasaba akarere ngo kabafashe gusubiza umukuru w’igihugu ku butegetsi.
Bwana Boula yari umukuru w’inyeshamba mu ntambara zibiri z’abo mu bwoko bw’aba-Touareg, iya mbere ikaba yarabaye mu myaka ya 1990, iya kabiri nayo iba hagati ya 2007 na 2009.
Kuri ubu, avuga ko abantu benshi muri Niger badashigikiye gukura umukuru w’igihugu, akavuga yuko ibihugu bikomeye vyo mu karere bikwiye gufata ivyemezo ruhasha.
Yagize ati: “Dufise ubwinshi bw’abanyagihugu, benshi mu banyagihugu ba Nigeri baremera demokarasi – baremera amahame ya demokarasi hamwe n’itunga rusangi kandi hari abashaka gusubira mu murongo w’amahoro.
“Hari leta imwe gusa yemewe n’amategeko. Twebwe [Council of the Resistance for the Republic), nk’umugwi udaharanira ivyicaro vya politike dushigikiye leta kandi dushaka yuko isubizwa ku butegetsi. Dushaka yuko amakungu adufasha.
“Dusavye ECOWAS (ishirajamwe ry’akarere) gufata mu minwe ikibazo c’umutekano ku rwego rw’akarere. Haramaze kwigaragaza igisa n’indwara yandukira ya za kudeta.
“ECOWAS niyaba idafata minenerwe kurwanira demokarasi, yari ikwiye kuza”.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umugwi w'abasirikare umaze indwi zibiri ufashe ubutegetsi muri Niger uvuga ko wabikoze kuko igihugu cari kigeramiwe n'ibitero vy'abiyahuzi hamwe n'ugutituka kw'ubutunzi.
Umukuru w'uwo mugwi akaba ari nawe ubu aramutswa igihugu, General Abdourahmane Tchiani, aramaze no gushinga leta nshasha.
Hagati aho ibihugu vy'akarere bihurikiye mw'ishirahamwe ECOWAS, biri mu nama muri Nigeria birabira hamwe ico vyokora, mu gihe umwanya ntarengwa vyari vyatanze ngo Prezida Bazoum asubizwe ku butegetsi warenganye kuwa Mungu uheruka.
Ivyo bihugu vyari vyavuze yuko bishobora gukoresha inguvu mu gihe abafashe ubutegetsi muri Niger batobusubiza.










