Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Uwahoze ari Papa Benedicto XVI yitavye Imana ku myaka 95
Na Paul Kirby & Emily McGarvey
BBC News i London
Uwahoze ari Papa Benedicto XVI yitavye Imana aho yaba i Vaticano, ku myaka 95, hafi imyaka 10 kuva atanze imihoho kubera amagara make.
Yabaye umukuru wa Ekereziya Katorika mu kiringo kidashika imyaka umunani gushika aho, mu 2013, yaba umu-Papa wa mbere atanze imihoho kuva kuri Gregoire XII mu 1415.
Benedicto yamaze iminsi yiwe ya nyuma muri monastere ya Mater Ecclesiae mu kigo ca Vaticano.
Uwamusubiriye Papa François yavuze ko yagiye kuhamuraba kenshi.
Vaticano yavuze nw'itangazo iti: "N'intuntu ndabamenyesheje ko Papa Emerite, Benedicto XVI, yitavye Imana uyu munsi isaha 9:34 muri monastere ya Mater Ecclesiae i Vaticano.
" Amakuru yandi aratangwa aho bija gushobokera''.
Vatacano yavuze ko ikiziga ca Papa Emerite kizoshirwa muri Basilique St Pierre kuva itariki 2 Nzero.
Integuro y'umugirwa wo gushingura Papa Benedicto izomenyeshwa mu masaha yimirije, nk'uko vyavuzwe na Vaticano.
N'ubwo uwo yahoze ari Papa yari amaze igihe afise amagara make, Intebe ya Papa yavuze ko vyunyutse kubera imyaka myinshi yari afise.
Ku wa gatatu, Papa François yasavye mu mubonano wiwe wa nyuma wo mu mwaka i Vaticano ''gushikiriza igisabisho gidasanzwe kuri Papa Emerite'', avuga ko yari arwaye cane.
Yavutse yitwa Joseph Ratzinger mu Budagi, ku myaka 78 mu 2005 aba umwe mu ba-Papa batowe bashaje cane.
Mu mwanya munini w'ikiringo ciwe nka Papa, Ekereziya Katorika yavuzweko vyinshi, haraba imanza n'ivyegeranyo ku myaka mirongo y'ihohoterwa ry'abana n'abapatiri.
Muri uyu mwaka, uwo yahoze ari Papa yaremeye ko amakosa yakozwe mu buryo bwo kwitwara mu kibazo c'amabi igihe yari musenyeri mukuru wa Munich hagati ya 1977 na 1982.