Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ayavugwa mw’igura n’igurishwa ry’abakinyi: Pogba, De Ligt, Neymar, Torres, Solomon, Diaby
Juventus yageze ku mazeserano yo kugarukana umukinyi wo hagati umufaransa Paul Pogba w’imyaka 29 mu masezerano y’imyaka ine inyuma y’aho amasezerano yari afitaniye na Manchester United arangiriye. (Sky Sports)
Chelsea yizeye gushika ku masezerano y’umwe mu bakinyi b’inyuma babiri irondera mu gihe ibiganiro bibandanya kuri aba bakinyi mpuzamakungu ba Hollande, Matthijs de Ligt w’imyaka 22 akina muri Juventus, hamwe na Nathan Ake w’imyaka 27 akina muri Manchester City. (Standard)
Hahati aho, Bayern Munich yageze ku masezerano yo ku munwa na De Ligt iyi ikaba atari inkuru nziza ku vyo Chelsea yari yizeye. (Sport1 mu kidagi)
Umumenyereza Paris St-Germain mushasha Christophe Galtier avuga ko yipfuza y’uko Neymar aguma muri uyu murwi, n’aho hari vyinshi bivugwa kuri kazoza k’uyu musatirizi wa Brezili w’imyaka 30 muri uno murwi. (Metro)
Tottenham iracipfuza kugura umukinyi w’inyuma wa Villarreal umunya-Espagne Pau Torres w’imyaka 25, n’aho bakirindiriye ko umufaransa akina inyuma Clement Lenglet w’imyaka 27 ashika avuye muri Barcelona. (Mirror)
Ajax yemereye Tottenham imiriyoni 28 z’amapawuni mu kugerageza kugura umukinyi wo muri Hollande akina ku ruhande Steven Bergwijn w’imyaka 24 muri uyu murwi w’i Londres. (Mail)
Fulham iri hafi yo kuronka umukinyi mpuzamakungu wa Israel akina ku ruhande Manor Solomon w’imyaka 22 nk’intizo avuye muri Shakhtar Donetsk. (Athletic)
Newcastle nta mugambi ifise wo gutanga imiriyoni 60 z’amapawuni zisabwa na Bayer Leverkusen ku mufaransa akina ku ruhande Moussa Diaby w’imyaka 22. (Telegraph)
Umukinyi wo ku ruhande wa Chelsea umwongereza Callum Hudson-Odoi hamwe n’umusatirizi wa Everton umwongereza Anthony Gordon, bompi b’imyaka 21, bararonderwa na Newcastle.(90 Min)
Brentford yizeye kwemeza ko yaguze umukinyi w’inyuma wa Ecosse ku miriyoni 18.9 z’amapawundi Aaron Hickey w’imyaka 20 imukuye muri Bologna mw’iyi ndwi. (Guardian)
Nottingham Forest yagiriraniye ibiganiro na Bayern Munich mu ntumbero yo kugura umwongereza akina inyuma ku ruhande rw’ibubamfu Omar Richards w’imyaka 24 asanzwe ari ku giciro c’imiriyoni 8.5 z’amapawundi. (Telegraph iciye kuri Nottingham Post)
Southampton iri mu biganiro kugira irabe ko yoronka umukinyi wo hagati wa Nigeria Joe Aribo w’imyaka 25 asanzwe akinira Rangers ku miriyoni 10 z’amapawundi. (Athletic )
Leicester yatanguye ibiganiro na Feyenoord kugira irabe ko yoronka umukinyi mpuzamakungu wo hagati wa Turukiya Orkun Kokcu w’imyaka 21. (Mail)
Bournemouth irarondera umukinyi w’inyuma, umwongereza Nathaniel Phillips w’imyaka 25, ko yosubira muri uyo murwi avuye muri Liverpool ku ntizo. (Football Insider)
Everton yatanguye kubaza nimba umukinyi mpuzamakungu w’umusatirizi wa Albania asanzwe akinira Chelsea Armando Broja w’imyaka 20, mu ntumbero yo gusubiriza Richarlison yamaze kwimukira muri Tottenham. (Telegraph)
Uwahoze ari umumenyereza wa Tottenham Mauricio Pochettino w’imyaka 50, ariko araraba ingene yosubira muri Premier League inyuma yo kwirukanwa na Paris St-Germain. (Sun)
Amasezerano y’umukinyi wo hagati w’Ubutaliyano Jorginho w’imyaka 30 muri Chelsea azorangira mu ci rya 2023, umuserukizi wiwe akavuga ko ibiganiro ku bijanye n’amasezerano mashasha vyiteze gutangura mu kw’icenda. (Tuttomercatoweb kibicishije muri Goal)