'Diabète igeze kure' - Imvo Bunyoni ashimikirako asaba kuburana yidegemvya

Yatangajwe

Jenerari Alain Guillaume Bunyoni yarengutse mu ntahe y’icese igira kabiri ku bibazo vy’intangamarara imbere y’uko urubanza rwiwe rutangura kuburanishwa mu muzi.

Uwo yahoze ari umushikiranganji wa mbere wa reta ya Prezida Evariste Ndayishimiye gushika mu kwezi kw'icenda mu 2022, yafashwe mu kwezi kwa kane yagirizwa ivyaha bitandukanye.

Ariko bwabaye ubwa mbere umushikirizamanza avuga ko mu vyo Bunyoni yagirizwa harimwo kugerageza kwica umukuru w'igihugu. Kare vyavugirwa muri rusangi guhungabanya umutekano w'igihugu hamwe no guhungabanya ubutunzi bw'igihugu, gutunga ibigwanisho atabifitiye uruhusha hamwe no kuronka inyungu bidaciye mu mategeko.

Apfunganywe n’abandi bantu batandatu barimwo intwazangabo mu giporisi c’Uburundi, Desire Uwamahoro.

Inyuma y’intahe y’icese ya mbere yabaye itariki 28 Nyakanga (9) urugero rwa mbere rwa Sentare Ntahinyuzwa iburanisha urubanza rwiwe rwari rwemeje ko abandanya kuburana apfunzwe.

Bunyoni n’uwundi muntu umwe mu bo bapfunganywe - Samuel Destin Mpfumukeko – nibo bonyene bunguruje ku rugero rugira kabiri.

Intahe yo kuri uyu wa mbere yari iyo kwumviriza imvo nshasha batanga z’uko boburana bidegemvya.

Indwara ya diabete igeze kure

Alain Guillaume Bunyoni yatanze imvo zitatu. Yavuze ko:

  • Sentare itahaye agaciro gakwiye urupapuro yandikiwe n’umuganga wa reta rwerekana ko indwara yiwe ya diabete ubwoko 2 igeze kure kandi imiti ariko ataco igishobora kumurarira; kandi ko atumva igituma apfunzwe mu buryo bukaze cane kurusha abandi aho yemeza ko icumba arimwo imiryango yaco iriko amagufuri atatu atatu kandi kure y’abandi
  • Yemeye gutanga ingwati y’amafaranga miriyoni amaja atatu (300.000.000) hiyongerako ayandi matungo yiwe yafatiriwe; kandi ko kubona umushikirizamanza ataco yabivuzeko ari akaryo k’uko yorekurwa
  • Ingingo-ngenderwako yo gufatwa nk’umwere igihe ata caha kirakwagira yubahirizwa, ati kuvuga ko arekuwe yobandanya umugambi mubi yari afise ari urwikekwe gusa

Ivyo vyose ariko umushikirizamanza yasavye sentare kutabiha agaciro avuga ko umuntu yagirizwa ivyaha bikomeye harimwo ico kugerageza kwica umukuru w'igihugu -icaha umushikirizamanza yavuze kugira ashimangire igituma asaba ko Bunyoni atorekurwa ngo yidegemvye - kuko bishobora kurenza igihano c’imyaka 20 yo gupfungwa, uwuvyagirizwa akaba adashobora kurekurwa vy’imfatakabibanza.

Indwara yiwe nayo ngo ntizokizwa n’uko arekuwe, izokizwa n’uko ahinduriwe umuti n’umuganga. Ivyo navyo ngo arabifitiye uburenganzira ari mw’ibohero.

Amafaranga Bunyoni yemera kugwatiriza umushingwamanza yavuze ko sentare itoyemera kuko ngo ari amafaranga yaronse mu buryo buciye kubiri n’amategeko.

Akeneye umuganga wo kumubaga

Samuel Destin Mpfumukeko nawe nyene yashize imbere ikibazo c'amagara mu gusaba kurekurwa vy'imfatakibanza.

Yavuze ko akeneye umuganga wo kumubaga kubera amasu asanzwe agendana mu mubiri.

Ariko nawe nyene umushikirizanzamanza yasavye Sentare kumuha inyishu nk’iyohabwa Bunyoni, ni ukuvuga ko ari mw’ibohero afise uburenganzira bwo gusaba kuvuzwa aho hose akeneye.

Mpfumukeko -yari asnzwe ari umukozi w'iperereza - nawe nyene yemeye gutanga ingwati y’amafaranga, ariko umushikirimanza yabwiye Sentare ko arekuwe yohava abandanya umugambi bari batanguranye na Bunyoni,

Urubanza rwaciye rushirwa mu mwiherero, ingingo ikaba yitezwe mu masaha 72. Urubanza rukazoca rutegekanywa gutangura kuburanshwa mu mizi.