Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ayavugwa mw’igura n’igurishwa ry’abakinyi: Bellingham, Ronaldo, Gabriel, Spence, Zinchenko
Real Madrid yahindukiriye umwongereza Jude Bellingham w’imyaka 19 akina hagati muri Borussia Dortmund, avugwa kandi ko aronderwa na Liverpool. (Marca)
Umuserukizi wa Frenkie de Jong yabwiye Manchester United ko uyu mukinyi wo hagati wa Hollande w’imyaka 25 yemera kuva muri Barcelona ariko akaba adashaka kwimukira muri Old Trafford. (Sport – mu ki Espagnol)
Barca iriko iraraba nimba ikwiye kutajana De Jong mu bakinyi bazofata urugendo ruzobashikana muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika kugira ngo yemere kwimukira muri uyo murwi w’Amashetani atukura (Red Devils). (Sport – mu ki Espagnol)
Umusatirizi wa Manchester United Cristiano Ronaldo ariteguye kwanka umushahara yemerewe n’umurwi wo muri Arabie Saoudite mu gihe, Bayern Munich na Atletico Madrid irondera uyu munya Portugal w’imyaka 37. (ESPN)
Juventus yegereye Arsenal mu rugamba rwo kurondera umukinyi w’inyuma wa Brezili Gabriel Magalhaes w’imyaka 24 kugira irabe ko yosubiriza umunya Hollande akina inyuma Matthijs de Ligt w’imyaka 22 yiteze kwimukira muri Bayern Munich. (Independent)
Barcelona irarondera umwongereza akina hagati Carney Chukwuemeka w’imyaka 18 asigaje umwaka umwe gusa mu masezerano afitaniye na Aston Villa . (Mundo Deportivo – mu ki Espagnol)
Arsenal iriko irarondera ingene yoronka umukinyi w’inyuma wa Ukraine ku ruhande rw’ibubamfu Oleksandr Zinchenko w’imyaka 25 asanzwe akina muri Manchester City. (The Athletic)
Arsenal kandi iriko iraraba ko yogura umunya-Espagne akina inyuma ku ruhande rw’ibubamfu Sergio Gomez w’imyaka 21 asanzwe akina muri Anderlecht. Mu gihe boronka Zinchenko canke Gomez, Nuno Tavares ashobora guca agenda, mu gihe Marseille isanzwe irondera uyu munya-Portugal w’imyaka 22 akina inyuma ku ruhande rw’ibubamfu. (Fabrizio Romano, Twitter)
Leeds United iri hafi yo kwemera amasezerano y’imiriyoni 25 z’ama euros na Paris St-Germain kugira ishobore kugura umusatirizi w’umufaransa Arnaud Kalimuendo w’imyaka 20. (90min)
Newcastle United iriko irategura imiriyoni 20 z’amapawundi kugira irabe ko yoronka umukinyi wo hagati wa Leeds United umwongereza Jack Harrison w’imyaka 25, ariko uyu murwi rwa Elland Road ushobora kuba umushakako amafaranga menshi. (Mail)
Ibiganiro birabandanya hagati ya Arsenal n’abaserukizi b’umukinyi wo hagati wa Leicester umubirigi Youri Tielemans w’imyaka 25. (Football London)
Arsenal kandi iripfuza umukinyi wo hagati wa Lyon Lucas Paqueta w’imyaka 24 ariko ntiramenyesha amafaranga ishaka gutanga kuri uno munya-Brezili. (Media Foot – mu gifaransa)
Everton iracari mu biganiro na Wolves kugira irabe ko yoronka umwongereza akina hagati Morgan Gibbs-White w’imyaka 22, inyuma y’aho igiciro c’imiriyoni 22 z’amapawundi cankiwe mu ndwi iheze. (Sky Sports)
Newcastle United iriko iraronderera ahandi inyuma y’aho ikuriye meza mu rugamba rwo kurondera umusatirizi wa Real Sociedad umunya Suède Alexander Isak w’imyaka 22, be n’umufaransa akina ku ruhande Moussa Diaby w’imyaka 23 asanzwe akina muri Bayer Leverkusen, kubera amafaranga asabwa mu kubagura be n’imishahara. (Telegraph)
Umukinyi wo ku ruhande wa Bayern Munich umudagi Leroy Sane w’imyaka 26 yemerewe kwinjira muri Real Madrid. (Marca)
Paris St-Germain iripfuza umusatirizi wa Benfica umunya Portugal Goncalo Ramos w’imyaka 21, be n’umusatirizi wa Reims umufaransa Hugo Ekitike w’imyaka 20. (Fabrizio Romano, Twitter)
PSG kandi irarondera umufaransa akina hagati Khephren Thuram w’imyaka 21, umuhungu w’uwahoze akinira umurwi nserukiragihugu w’Ubufaransa Lilian Thuram, asanzwe akina muri Nice. (L'Equipe - in French)
West Ham yemeye guha Sassuolo imiriyoni 40 z’ama-euros ku musatirizi w’umutaliyano Gianluca Scamacca w’imyaka23, mu gihe PSG yoyo yemeye ko yotanga imiriyoni 35 z’ama euros. (Fabrizio Romano, Twitter)
AC Milan iriteguye guha ayandi masezerano mashasha y’igihe kirekire umunya-Portugal akina ku ruhande Rafael Leao mu gihe idashaka kugurisha uyu mukinyi w’imyaka 23 muri Chelsea ku giciro ico ari co cose kiri musi y’imiriyoni 127 z’amapawundi. (Mail)
Cesc Fabregas w’imyaka 35 ariteguye kuja gukinira umurwi wo mu cicaro ca kabiri (Serie B) mu Butaliyano, Como, inyuma yo kuva muri Monaco. (Gianluca di Marzio)
Southampton na Leicester irarondera umwongereza akina inyuma Levi Colwill, yamaze umwaka w’inkino uheze akina muri Huddersfield yari yatijijwemwo. Uyu mukinyi w’imyaka 19 ntarasaba ko yova burundu muri Chelsea ariko aripfuza ko kazoza kiwe gatomoreka. (CBS Sports, Twitter)
Crystal Palace ishobora kwinjira mu rugamba rwo kurondera Colwill, mu gihe Arsenal, Brighton na Everton nayo nyene imurondera. (Mail)