Bine bikuru bikuru womenya ku biganiro vy'i Washington kuri Ukraine

Zelensky na Trump mu kiyago muri Bureau Oval. Trump yambaye kostime y'ubururu n'ikaravato iturkura, Zelensky nawe ikoti ya kostime yirabura. Bompi mu maso hakeye

Ahavuye isanamu, PRESIDENTIAL PRESS SERVICE/HANDOUT/EPA

    • Umwanditsi, Bernd Debusmann Jr
    • Igikorwa, Atanga amakuru ari kuri Maison Blanche
    • Umwanditsi, Laura Gozzi
    • Igikorwa, BBC News
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 5

Perezida Volodymyr Zelensky yarasubiye i Washington kuri uyu wa mbere kubonana na perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump mu biganiro bishasha birondera kurangiza intambara muri Ukraine.

Abandi bategetsi benshi ba Bulaya nabo barajabutse i Washinton kwitaba iyo nama, iminsi mike inyuma y'aho Putin abonaniye n'umukuru w'Uburusiya Vladimir Putin muri Alaska mu nama itashoboye gushika kw'ihagarikwa ry'intambara.

Uretse amajambo arimwo icizere yashikrijwe na Trump abanyabulaya nabo bagasa n'abavuga ko ibintu vyagenze neza kurusha uko bahora, umunsi wo ku wa mbere waheze ata kintu gifadika cahapfundikiwe mu kwizeza umutekano wa UKraine canke gushika ku masezerano y'amahoro.

Ibi ni bikuru bikuru womenya kuri ivyo biganiro.

Inama ihuza Putin na Zelensky izoba?

Inama iheze, Trump yanditse ku mbuga yiwe hwaniro ko yahamagaye Putin kugira atangure gutegura ibiganiro hagati y'umukuru w'Uburusiya na Zelensky.

Trump yavuze ko bamaze kubonana ari babiri, mu kibanza kizogenwa, hazoca haba inama ihuza batatu aho umukuru wa Amerika azoheza akajamwo.

Umujenama wa Putin yavuze mu nyuma y'aho ko Trump na Putin bavuganye iminota 40 kuri terefone ku wa mbere.

Imbere y'uko abategetsi ba Bulaya bicarana na Trump mu cumba ca East Room muri Maison Blanche, humvikanye ivyo umukuru wa Amerika n'umukuru w'Ubufaransa Emmanuel Macron bacishijemwo [ariko bitari bigenewe kuvugirwa hejuru].

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

''Nibaza ko ashaka gushika ku masezerano. Nibaza ko ashaka kunyemerera amasezerano. Ivyo uravyumva? N'ubwo bigoye kwumva,'' niko Trump yumvikana abwira Macron, vyumvikana ko yashaka kuvuga Putin.

Hasigaye kuraba ingene abo bantu babiri badacana uwaka bazoshirwa ku meza y'ibiganiro imbonankunone ubwa mbere kuva Uburusiya bugavye igitero ku gihugu cose ca Ukraine muri Ruhuhuma (2) mu 2022.

Haheze igihe Zelensky aguma asaba ko yobonana na Putin, n'ubwo bishoboka ko yari inzira yo kwerekana ko Uburusiya ari bwo budashimitse ku kurondera amahoro, kuko yibaza ko ubutegetsi bw'Uburusiya butanezwe iyo nama.

Gushika ubu Uburusiya bwagumye bwanka iciyumviro c'umubonano wa Putin na Zelensky.

Mu majambo atari ukuvuga ko ari ukwiyemeza kuyashira mu ngiro, umujenama wo mu biro vy'umukuru w'igihugu c'Uburusiya Yuri Ushakov ku wa mbere mw'ijoro yavuze ko ''bikenewe kuraba ko bishoboka ko hoduzwa urugero rw'intumwa'' za Ukraine n'Uburusiya mu biganiro.

Abanyabulaya baguma basunika mu gihe Trump we aguma aja kure y'iciyumviro c'agahengwe mu ntambara

Abategetsi ba Bulaya,  Zelensky na Trump bahagaze ngo bafate ifoto bari hamwe muri Maison Blanche. Abo bagabo indwi n'abagore babiri bahagze imbere y'umurongo w'amabendera imbere y'inkingi zibiri za marbre mu cumba cagutse no hasi hari marbre.  Uva i bubamfu uja i buryo, abo bategetsi ni Ursula von der Leyen, Sir Keir Starmer, Alexander Stubb, Volodomyr Zelensky, Donald Trump, Emmanuel Macron, Giorgia Meloni, Friedrich Merz na Mark Rutte.

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Abategetsi ba Bulaya bari bagiye Washington ku wa mbere kuvugana inzira zo kurangiza intambara

Trump asa n'uwahevye ic'uko hakenewe amasezerano y'agahengwe mu ntambara imbere y'uko hatangura ibiganiro vyo kuyirangiza.

Muri kahise, ico cari ikintu gikomeye Ukraine iguma isaba, yerekana ko guhagarika intambara ari ikuntu c'ibanze imbere y'uko ibindi biganiro n'Uburusiya bibandanya kugira amaherezo bishikane ku masezerano y'amahoro.

Kandi kwumvikana ku gahengwe bishobora kworoha kurusha gushika ku masezerano y'amahoro yuzuye, mu gihe ayo ashobora gufata amezi menshi, aho Uburusiya kumbure bwoca buba burabandanya gutera Ukraine.

''Sinibaza ko ivyo ari ngombwa,'' niko Trump yavuze ku gahengwe.

Ariko abategetsi ba Bulaya ntibahesheje, uwarushije abandi mu kubishimikako akaba ari umushikiranganji wa mbere w'Ubudagi Friedrich Merz.

''Simbona ko inama ikurikira yoba ata gahengwe,'' niko Merz yavuze. ''None, reka dukorere kuri ico hanyuma tugerageze kuremera Uburusiya.''

Asabwe kuvuga, Zelenky ntiyagarutse ku vyo yahora asaba ko agahengwe kobanza kuboneka.

Trump yacishijemwo ivyo kwizeza umutekano wa Ukraine

Trump yabwiye Zelenky ko Amerika izofasha kwizeza umutekano wa Ukraine mu masezerano ayo ari yo yose, ariko ntiyavuze neza na neza ico Amerika yofasha.

Umukuru wa Amerika ntiyemeye ko hari ingabo azorungika. Ariko abajijwe n'abamenyeshamakuru niba mu kwizeza umutekano wa UKraine hobamwo uruhara rwa girikare mu gihugu ,Trump ntiyavuze ko bidashoboka.

Yavuze ko Ubulaya ari ''umurongo wa mbere mu kwivuna'' ariko ko ''natwe tuzoba turimwo''.

''Tuzobakingira neza,'' niko Trump yavuze igihe kimwe.

Aho niho Trump asa n'uwagize ico avuga gifadika kurusha ahandi hose kuri ico kibazo co kwizeza umutekano, ikintu gifatwa nka nkoramutima ku masezerano ayo ari yo yose n'Uburusiya.

Yavuze kandi ko mu mubonano muri Alaska ku wa gatanu, Putin yemeye ko hazobamwo ingingo zo kwizeza Ukraine umutekano wayo nka kimwe mu vyoba bigize amasezerano.

Mu kiganiro n'abamenyeshamakuru inyuma y'inama zo ku wa mbere, Zelensky yavuze ko muri uko kwizeza umutekano hobamwo amasezerano y'ibigwanisho biciye miriyaridi 90 z'ama dorari hagati ya Amerika na Ukraine.

Yavuze ko aho hoba harimwo ibigwanisho vya Amerika Ukraine idafise, birimwo ubuhinga bw'indege, ubuhinga bwo kwirinda ibisasu vya misire '' n'ibindi bintu ntahishura''.

Zelensky yavuze ko Amerika yogurira Ukraine indege zitajamwo abadereva(drone), zoca zifasha gukora izabo.

Umukuru wa Ukraine yabwiye abamenyeshamakuru ko ibijanye no kwizeza umutekano bishobora kwigwa mu minsi 10 iri imbere.

Zelensky yari yazikenyeye ngo yiyerekane neza

Uravye ingene umubonano wiwe waheruka muri Maison Blanche wari wabaye akaga muri Ruhuhuma, umukuru wa Ukraine yagiye yazikenyeye kugira yiyerekane neza ku bamutumiye - harimwo kuvuga ''murakoze'' gatandatu kose mu minota ya mbere y'umubabonano.

Aho yaheruka muri Maison Blanche Zelenky yaracokowe n'icegera c'umukuru w'igihugu JD Vance mu co yafashe ko ari ukudashima imfashanyo ahabwa na Amerika.

Ubu Zelensky yagiye yambaye kostime yirabura aho yahora agenda mu mwambaro umeza nk'uwa gisirikare, ivyo bikaba bitacitse Trump yaciye avuga ngo umushitsi ''yari yambaye neza uyu munsi''.

Ifoto zibiri zibangabanganwa za Zelenky yambaye ikoti n'ishati vyirabura ku wa mbere muri Bureau Oval , n'iyindi yo mu kwa kabiri aho yaneguwe ko yambaye impuzu za gisirikare

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Zelensky, mu maso -no mu nyambaro - ku wa mbere yari atandukanye no mu kwezi kwa kabiri aho yaheruka muri Bureau Oval

Zelensky yararondeye kandi ingene yokwubaka imigenderanire y'umuryango muri iyo nama, aho yashikirije ikete ry'umugore wiwe, Olena Zelenska, yarungikiye umugore wa Trump, Melania Trump.

''Si rwawe -[ni] iry'umugore wawe,'' niko yabwiye Trump.

Abategetsi ba Bulaya barakeje Trump [mu gakekezo] imbere y'inama yabo, bamushimira ku bwinshi ku gikorwa ciwe co kuba yabazanye kuri iyo meza.

''Nashaka vy'ukuri ndagushimire ku burongozi bwawe,'' uwo n'umukuru wa Otan Mark Rutte.

Umushikiranganji wa mbere w'Ubutariyano Giorgia Meloni yuavuze ko mu gihe imbere vyasa n'uko Uburusiya budashaka kuja mu nzira y'amahoro ubu ''hari ikintu cahindutse'' kubera Trump.

N'aho bumvikana nk'abashimye, Abanyabulaya baragerageje kwumvisha ko, nabo nyene, bumva ko ataho bosigira igitero ico ari co cose Uburusiya bwogaba muri kazoza.

Perezida w'Ubufaransa Emmanuel Macron yabwiye bagenziwe ati: ''Iyo tuvuze kwizeza umutekano, tuba turiko turavuga kandi ikibazo c'umutekano w'umugabane wa Bulaya''.