Irani na Amerika bigiye kwinjira mu kindi kiringo c'intambara?

    • Umwanditsi, شیدا هوشمندی
    • Igikorwa, بی‌بی‌سی
    • Yakoze inkuru ari, واشنگتن
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 6

Kw'igenekerezo rya 17 Myandagaro (8) 2026, ni ho harangiye ikiringo c'imisi 60 cari cashinzwe kugira ngo Irani na Amerika bibe vyashitse ku masezerano yagutse yo guhagarika intambara, gutorera umuti ikibazo c'umugambi wa Irani wo gukoresha inguvu za nikleyere no gusubira kwugurura umuhora wa Hormuz. Ariko, uretse ugusenyuka kw'ayo masezerano, bisa nk'aho izo mpande zibiri ubu ziriko ziritegurira guhangana igihe kirekire.

Uko ikiringo c'imisi 60 co gushika ku masezerano cariko kiregereza, ibimenyeshamakuru vyo muri Amerika vyagiye biravuga imigambi ibiri isa n'iyivuguruzanya ya Irani n'Amerika.

Mu gihe ubutegetsi bwa Donald Trump buguma bwisunga ibihano vy'ubutunzi no kuzibira ibivuko kugira ngo ahatire Irani guca bugufi no kwemera ivyo isabwa, ikinyamakuru Wall Street Journal kivuga ko bamwe mu bari mu nzego z'ubuyobozi bwa Tehran babona inyifato ya Amerika nk'ikimenyetso kitari ic'amahoro, ahubwo nk'akaryo ko kwitegurira uguhangana gukomeye kurushiriza.

Hari ikibazo kiguma kigaruka mu bimenyeshamakuru vyo muri Amerika: Nimba iyi ntambara yahindutse uguhiganwa no kunyinyurana vy'igihe kirekire, Amerika izoshobora kwikorera gushika ryari ikiguzi cayo mu vya gisirikare, ubutunzi n'umutekano?

Wall Street Journal: Ihagarikwa ry'intambara kari akaryo ko kwitegurira iyindi ikomeye gusumba

Ikinyamakuru Wall Street Journal, mu nkuru yagutse cakoze ifise umutwe "Umugambi w'ibanga wa Irani wo kubandanya intambara," kivuga ko ubutumwa bwafashwe hamwe n'ayandi makuru yegeranijwe n'inzego z'umutekano zo mu bihugu vy'Abarabu vyerekana ko hari impinduka mu migambi y'abategetsi ba Irani, hamwe n'imyiteguro yo kwagura intambara.

Nk'uko ico kinyamakuru kibivuga, inyuma y'uko hashizwe umukono ku masezerano yo kwumvikana ingene ibintu vyogenda hagati ya Irani na Amerika ku wa 17 Ruheshi (6), abategetsi ba Amerika na Trump bari biteze ko ayo masezerano yari gutuma Umuhora wo Hormuz usubira kwugururwa, hanyuma amatati akagabanuka.

Ariko, Wall Street Journal, ivuga ko bamwe mu bategetsi ba Irani mu mutwe bari bafise iciyumviro gitandukanye cane.

Bari bafise ubwoba ko ayo masezerano yoshobora kuba inzira canke uruyeri bishobora gutuma Irani itakaza uburyo yishimikiza mu gutera igitsure ubutunzi bw'isi, ariko kandi agaha Amerika na Israel umwanya wo kwitegurira ibitero bikomeye gusumba kuri Irani mu gihe kiri imbere. Ni co gituma, mu gihe c'agahengwe n'ibiganiro, imirwi imwe imwe yo muri reta y'ico gihugu yagumye yitegurira intambara yagutse kurushiriza.

Wall Street Journal yanditse ko hafashwe ingingo zikomeye harimwo izijanye no gukomeza uruhara rw'ishami rya gisirikare rijejwe gucungera ubutegetsi bwa kiislam (IRGC), kurushiriza gukora ama misire n'ama drones, gukomeza ibikorwa vy'iperereza, hamwe no kugena abasirikare bakuru bafise kahise k'intambara ya Irani na Iraki, hatibagiwe guhasha abatavuga rumwe na reta.

Ico kinyamakuru, gisubiramwo amakuru atangwa n'abategetsi bajejwe iperereza bo mu bihugu vy'Abarabu, kivuga ko ubutumwa buhanahanwa hagati ya Irani n'imirwi iyishigikiye iri muri Iraki na Yemeni bwerekana ko Tehran ubu yibanda cane ku gutegura izo ngabo kugira zishobore kwagura intambara no kwongereza ikiguzi c'ibikorwa vya gisirikare vya Amerika n'abayishigikiye.

Mohammad Hassan Sangtarash, umusesanguzi w'ibibazo vy'umutekano aba i Tehran, uwo Wall Street Journal ivuga ko afitaniye imigenderanire ya hafi na reta ya Irani, yabwiye ico kinyamakuru ko muri Irani hari iciyumviro kimaze gukwiragira hose c'uko "intambara nyayo itaratangura."

Yavuze ko bamwe mu bategetsi ba reta y'ico gihugu babona ivyabaye gushika ubu nk'ukwiyongera kw'amatati gusa intambwe ku yindi, bigamije guca intege ubushobozi bwa Irani imbere y'uko haba uguhangana gukomeye gusumba.

Wall Street Journal kandi yatangaje ko IRGC imaze kugisha inama imirwi iyishigikiye iri muri Iraki, Yemeni na Libani ku bijanye n'uko ibitero vyokwongerezwa muri iki gihe amatati yagabanutse, yisunze abategetsi bafise amakuru ku bijanye n'isuzuma ry'iperereza ry'ibihugu vy'Abarabu.

Nk'uko ico kinyamakuru kibivuga, abakomanda bararungitswe muri Yemeni kugira ngo bahuze ibikorwa vy'Abahouthi, kandi Irani yarabahaye amakuru hamwe n'urutonde rw'ahashobora kuraswa, harimwo ibivuko n'ibikorwa remezo vy'inguvu muri Arabiya Sawudite.

Nk'uko abategetsi ba Amerika babivuga, IRGC yaraburiye ibihugu bimwe bimwe vyo mu kigobe ko nimba Amerika yotera ibikorwa remezo nk'ivyo muri Irani, ibikorwa remezo vy'inguvu vy'ivyo bihugu na vyo bizoterwa.

Intambara y'ubutunzi hagati ya Irani na Amerika

Mu gihe Wall Street Journal yibanda ku myiteguro ya Irani ijanye no kubandanya intambara, ikinyamakuru New York Times co kivuga ko intambara ya Irani yinjiye mu kiringo gitandukanye n'ibindi vyose c'"intambara y'ubutunzi hamwe n'igerageza ryo kwihagararako kw'impande zompi."

Ico kinyamakuru kimenyesha ko ikiringo c'imisi 60 cari cashinzwe inyuma y'amasezerano yo muri Ruheshi, kugira ngo hashikwe ku masezerano yagutse yo guhagarika intambara no gutorera umuti ikibazo c'umugambi wa Irani wo gukoresha inguvu za nikleyere, mu bikorwa kitakiriho.

Ni co gituma umugambi wa Amerika wagarutse ku bihano vy'ubutunzi n'ukuzibira ibivuko vya Iran, mu ntumbero yo kwongereza igitutu c'ubutunzi kuri ico gihugu.

Uwo mugambi wagiye ukoreshwa cane kugira ubutegetsi bwa Trump bucishe bugufi Iran. Ariko, ntibiratomoka neza ingene igitutu c'ubutunzi conyene coshobora guhatira Tehran guhindura aho ihagaze.

Ubu, abategetsi ba Amerika bavuga ko bariko bategura ibihano bishasha vy'ubutunzi kuri Irani. Kandi bavuga ko bizoba bikomeye kuruta ivyari bimaze gufatwa vyose.

Itororokanirizo ry'amakuru Reuters rivuga ko mu ngingo ziriko zirigwa harimwo kwongereza igitutu ku bagura ibitoro vya Irani, hamwe no ku mihora y'ubutunzi ifitaniye isano n'ubudandaji bw'ico gihugu.

Ariko muri ico gihe nyene, haracari ukutumvikana gukomeye: Irani ivuga ko Amerika ibanza gushitsa ivyo yasezeranye, nk'ukurekura amatungo ya Tehran yafashwe, mu gihe ubutegetsi bwa Trump bushaka ko Irani ibanza kwugurura umuhora wa Hormuz, imbere y'uko Amerika ifata izindi ngingo.

Muri ubwo buryo, impande zompi zisa n'iziriko zirakina umukino usa no gukwepana, aho buri ruhande rugerageza kwiteza utunyoni kugira umwanya ube uragenda, gurtyo bitume urundi rwemera ivyo rusabwa.

Ivyo vyatumye hasubira kwaduka ivyo kurasana.

Abanyagihugu basaba iki Trump?

Uko intambara ibandanya kandi ikiguzi cayo mu vy'ubutunzi kikagenda ciyongera, ni ko hagaragara ibimenyetso vyerekana ko ugushigikira iyo ntambara kuriko kuragabanuka muri Amerika, mbere no mu bashigikiye Donald Trump mu vya politike.

Muri Rusama(5), ica kabiri c'abatora bahurikiye mu citwa MAGA (bipfuza ko Amerika igaragaza inguvu zayo) baremera ko intambara yo kurwanya Irani yari ifise ikiguzi bakavuga ko vyari vyumvikana.

Ariko ubu, ico gitigiri caragabanutse gushika ku barenga gato ica gatatu, kikaba caragabanutse ku bice 13 kw'ijana mu mezi abiri gusa.

Vyongeye, 37% vy'abashigikiye MAGA bavuga ko Amerika ikwiye kubandanya kugira uruhara muri iyo ntambara, ariko gusa hamwe itoba ituma ibiciro vyiyongera, ugereranije na 29% mu kwezi kwa Rusama.

Hafi umwe kuri batanu mu batora bashigikiye MAGA na bo bavuga ko Amerika ikwiye guhagarika intambara na Irani, uko ibiciro vyoba bingana kwose.

Ivyo vyerekana ko ukwiyamiriza intambara yo muri Irani ubu kwashitse no mu gice c'abashigikiye cane Trump mu vya politike.

Umushingamateka wo mu mugambwe w'aba Républicains Trump akomokamwo akaba n'uwahoze ari umusirikare mu ngabo za Amerika zo mu kirere, Don Bacon, yavugiye mu kiganiro "Face the Nation" ca CBS ko Donald Trump yatanze "ivyizigiro bidashingiye ku kuri", kubera ko yagumye avuga ko amasezerano na Irani ari hafi gushikwako.

Bacon yavuze ko mu ntango, abantu benshi babona ko iyo ntambara yoshobora kurangira mu kwezi kumwe canke abiri, ariko ubu bikenewe ko abanyagihugu babwirwa mu buryo butomoye ko uguhangana na Irani gushobora kumara igihe kirekire kuruta uko vyari vyitezwe.

Bacon yagiriye inama Perezida wa Amerika yo kudakomeza kuvuga cane ku bijanye n'amasezerano ashobora gushikwako, ahubwo akareka igitutu c'ubutunzi kuri Irani kikabandanya gutanga umwimbu.

Ariko rero, yaraburiye kandi ku kiguzi c'intambara. Abona ko ibandanije bishobora gutuma ibirwanisho bimwe bimwe, nka misire za Patriot na misire za cruise bikena.

Amajambo y'uwo mushingamateka wo mu mugambwe w'Aba Républicains, hamwe n'ibindi vyiyumviro vyegeranijwe, vyerekana ubwoko bubiri bw'ivyiyumviro bivuguruzanya bihanze Trump: bamwe bashigikiye ko abandanya intambara, ku rundi ruhande hakaba abashigikiye ko ihagarara.