Perezida Ramaphosa yirukanye umuhanuzi ku mvo z'ibibazo kuri PhD avuga ko afise

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Na Damian Zane
- Igikorwa, BBC News
- Yatangajwe
Perezida Cyril Ramaphosa wa Afrika y’Epfo yirukanye umuhinga mu vyerekeye ubutunzi mu murwi w’abajenama biwe mu gihe hari ibibazo ku rupapuro rw’umutsindo rwiwe rwa Doctorat/PhD.
Thabi Leoka avuga ko yaruhawe n’ishure kaminuza y ‘i Londres mu Bwongereza, London School of Economics (LSE), ariko abanyamakuru b’ibinyamakuru Business Day na Daily Maverick bavuga ko batashoboye kubona dosiye y’uru rupapuro rw’umutsindo rwiwe.
Mu ndwi iheze, umupfasoni Leoka yarahakanye ko atibesheye ku vyerekeranye n’amashure yiwe.
Ku wa mbere, yatanze imihoho mu bagize uburongozi bw’amakompanyi abiri akomeye.
Ikompanyi yimba ubutare Anglo American Platinum Limited yavuze ko Leoka yatanze imihoho mu kibanza ciwe co mu buyobozi nshingwantwaro “mu ntumbero yo kwitaho amagara yiwe n’ibibazo bimuhanze ku bijanye n’amashure yiwe”.
Ikompanyi y’amaterefone ngendanwa MTN SA nayo nyene yasohoye itangazo nk’iryo.
Kuri uwo musi nyene, yaciye amenyeshwa “ingingo yo kumuhagarika ubwo nyene mu murwi w’abajenama b’umukuru w’igihugu mu vyo ubutunzi”, nk’uko umuvugizi wa Perezida Ramaphosa, Vincent Magwenya, yabibwiye BBC.
Avuga ko kuba muri uno murwi bidasaba umwihwezo ku muntu.
Uno murwi w’abajenama urahanura ku "bibazo bijanye n’ubutunzi biraba iterambere rusangi”, nk’uko biri ku rubuga ngurukanabumenyi rw’ibiro vy’umukuru w’igihugu.
Imbere y’aha, mu vyo yabwiye ikinyamakuru co muri Afrika y’Epfo Daily Maverick gikorera ku rubuga ngurukanabumenyi cari camusavye ivyemezo vy’amashure avuga ko yize, Leoka yari yavuze ko yari yagize akazi kenshi ku buryo vyanse ko atora urupapuro rwiwe rw’umutsindo.
Muri ico kinyamakuru co ku rubuga ngurukanabumenyi, yagize ati: "Siho ndi [muri Afrika y’Epfo] umwanya wose... maze imisi ku bitaro Miami Bascom Palmer Eye Hospital kuko mfise glaucoma [ingwara y’amaso] kandi nkaba mbere narahumye ijisho ryanje ry’uburyo”.
Yongerako ati: "Kandi nta mazina yanje mufise nk’uko ari ku mpapuro zanje z’umutsindo”.
Mu ndwi iheze, yavuze ko yari hafi yo kubagwa.
BBC ibajije ishure kaminuza London School of Economics nimba rifise izina rya Leoka mu banyeshure bahawe urupapuro rw’umutsindo rwa doctorat, ryishuye riti: "Twaravye mu madosiye yacu, nta makuru tubona ajanye n‘ingene 'Thabi' canke 'Bathabile' Leoka yaronse Doctorat kuri LSE."
Ikinyamakuru News24 co muri Afika y’Epfo gikorera ku rubuga ngurukanabumenyi candika ko yahinduye izina ryiwe rya Bathabile mu 2018.
Leoka yaremeye kwitaba ikiganiro kw’iradiyo Radio 702 yo muri ico gihugu inyuma y’aho iyo nkuru isohokeye mu kinyamakuru Business Day mu ndwi iheze.
Abajijwe nimba yarabeshe ku mashure yize, yishuye ati: "Inyishu ni oya".
Leoka yabaye umusobanuzi azwi cane akongera akaba n’umuhinga mu bijanye n’ubutunzi muri Afrika y’Epfo, aho yabaye mu nama nyobozi zitari nke, yongera agira inama reta.










