Burundi – amatora: Kirazira gutangaza ibiharuro bidatanzwe na CENI-biri mu ngingo zigenga abanyamakuru

Ambassadeur Espérence Ndayizeye arongoye CNC avuga ko ingingo zizogenga abamenyeshamakuru bo mu Burundi mu gihe c'amatora zumvikanyweko n’impande zose
Insiguro y'isanamu, Ambassadeur Espérence Ndayizeye arongoye CNC avuga ko ingingo zizogenga abamenyeshamakuru bo mu Burundi mu gihe c'amatora zumvikanyweko n'impande zose
    • Umwanditsi, Gildas Yihundimpundu
    • Igikorwa, Umunyamakuru i Bujumbura
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 2

Ambassadeur Espérence Ndayizeye arongoye inama nkuru y'igihugu ijejwe gukurikirana ibijanye no kumenyesha amakuru CNC, yaraye ashize ahabona urwandiko rw'ingingo 20 zizogenga abamenyeshamakuru bo mu Burundi mu gihe c'amatora yimirije, urwandiko rwerekana ko kizira gushikiriza ibiharuro bataronse uruhusha rw'abari mu mugwi CENI ujejwe amatora.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa kabiri aho yashira ahabona uru rwandiko, Ambassadeur Ndayizeye avuga ko gushikiriza ibitigiri bitaratomoka neza bishobora kujuragiza abenegihugu.

Ibi rero avuga ko ari bimwe mu vyumvikanyweko hagati y'urwego CNC n'abarongoye ibimenyeshamakuru mu nama yabereye ku mugwa mukuru wa politike i Gitega, kw'igenekerezo rya 9 ukwezi kwa 12.

Ati : " Ivyo birerekana ko ibimenyeshamakuru vyo mu Burundi vyiyemeje gukora vyisunze amategeko kugira ngo bitange amakuru anonosoye neza mu gihe c'amatora yo mu 2025.

" Kandi [abaserukira ibimenyeshamakuru] bariyemeje ko batazotanga ibitigiri bivuye mu matora mu bice bazoba barimwo bataronse uruhusha rw'abari mu mugwi [ujejwe amatora] CENI".

Nk'uko bishikirizwa n'uwo arongoye CNC, ku baserukira ibimenyeshamakuru 60 bitavye inama, 59 barashize umukono kuri uru rwandiko.

Yongerako ko n'abandi bayobozi b'ibinyamakuru batitavye inama y'i Gitega bariko baraza kurushirako umukono. Agirako amenyesha ko CNC iza yaratanguye kurukurikiza.

Mu gihe hasigaye amezi ane gusa ngo amatora atangure, hari bamwe mu bamenyeshamakuru bidoga mu ntamatama ko ingingo ziri muri uru rwandiko ziburabuza ubwigenge bwo gukurikirana amatora n'ubwo gushikiriza ku mwanya ku mwanya ingene ariko aragenda.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Hari n'ababona ko umurwi CNC usa n'uwuriko urakoresha igikenye canke agahato.

Ariko Espérence Ndayizeye awurongoye abandanya ashimangira ko vyumvikanyweko n'impande zose.

Agira ati: "Ivyo ni uguhakana ukuri kandi ntibiri mu karangamutima ko kumenyesha amakuru".

Ndayizeye abandanya avuga ko uru rwandiko rw'ingingo zigenga abamenyeshamakuru mu gihe c'amatora rutaje gusubirira itegeko rigenga abamenyeshamakuru canke ayandi mategeko asanzwe akora muri iki gisata.

Ayo mategeko ngo azoguma akurikizwa nk'uko bigenda mu gihe gisanzwe.

Ingingo ya 239 y'itegeko rigenga amatora ivuga ko umuntu wese azotangaza ibiharuro vyerekeye amatora atarahabwa uruhusha n'inzego zibijejwe, ashobora guhanishwa umunyoro w'imyaka iva kuri itanu gushika kuri 10, hamwe n'amande ava ku bihumbi 800 gushika ku miriyoni zine.

Amatora y'abashingamateka n'abajenama b'amakomine azoba kw'igenekerezo rya 5 ruheshi umwaka wa 2025.

Ay'abakenguzamateka ategekanijwe ku wa 23 mukakaro, mu gihe ay'abakuru b'imitumba n'ay'abarongoye amakaritiye azoba kw'igenekerezo rya 25 myandagaro.