Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Israel - Hamas: Ibimodoka vy’intambara vya Israel vyinjiye muri Gaza mu ‘bitero ku bibanza runaka’
Igisirikare ca Israel (IDF) cakoze “igitero ku bibanza runaka” mw’ijoro ryakeye mu buraruko bwa Gaza ikoresheke ibimodoka vy’intambara( Chars/tanks).
Kivuga ko iki gitero cakozwe mu rwego rwo “gutegura intambwe ziri imbere muri ino ntambara” kandi ko “cakozwe ku bigo bitari bike vy’iterabwoba, ku bikorwa remezo no ku birindiro birasirwamwo ibisasu vya misire bisambura ibimodoka vy’intambara”, nk’uko biri mu butumwa bwo kuri uno wa kane, burimwo na videwo y’iki gitero.
Kivuga kandi ko “abasirikare bamaze gusubira inyuma, kandi ko bashitse ku butaka bwa Israel”.
Imbere y’aha, umushikiranganji wa mbere Benjamin Netanyahu yavugiye ku mboneshakure ko ingabo za IDF zicitegurira igitero co ku butaka, ariko akaba atatatanze ikintu na kimwe cerekana aho iki gitero kizotangurira.
Mu ndwi iheze, Israel yasavye abanyagihugu imiriyoni 1.1 baba mu gisagara ca Gaza no mu tundi turere two mu buraruko ko bohava ku mvo z’umutekano wabo.
Ariko umutegetsi wo hejuru mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yabwiye BBC ko bamwe mu banya-Palestina bari bahunze bava mu buraruko bwa Gaza batanguye gusubira inyuma kubera ibintu bigenda biba nabi mu bumanuko.
Ni mu gihe ingabo za Israel zivuga ko indege z’intambara zakubise ibibanza 250 vya Hamas muri Gaza ku musi w’ejo.
Zivuga kandi ko ingabo za Israel zirwanira mu mazi zasambuye ikirindiro kirasirwamwo ibisasu vya misire mu karere ka Khan Younis mu bumanuko bwa Gaza.
Haraciye amasaha make konte yo ku rubuga rwa Telegram ikoreshwa na Hamas itangaje ko uno muhari wakubise kajugujugu ya Israel ukoresheje igisasu ca misire hafi y’ikambi y’impunzi ya Bureij muri Gaza. Nta vyemezo watanze canke igihe iki gitero cabereyeko.
Ibindi bisasu vya muzinga vyarashwe hagati muri Israel
Mu mwanya uheze, ibisasu vya rokete vyarashwe hagati muri Israel bivuye muri Gaza.
Inzamba zo kugabisha zasamiranye hafi mu gihugu cose, bikavugwa ko ubuhinga bwo kwivuna ibitero vyo mu kirere bwaciye buja bukora akazi.
Amashusho yerekana igisasu – canke igisigarira caco – gihejeje gukubita inzu mu karere ka Petah Tikva, hafi ya Tel Aviv, yahanahanywe ku mbuga hwaniro.
Inyuma y’aho gato, hasohotse ubutumwa bwo kugabisha, inzego zijejwe ubutabazi za Israel zikavuga ko ata nkomere ziravugwa gushika ubu.
Hamas – wa muhari uhanganye na Israel kuva aho urasiye ibihumbi n’ibihumbi vy’ibisasu muri iki gihugu ku wa 07 Gitugutu (10) – ivuga ko ari yo yabirekuye.
Abarongoye Hamas, Islamic Jihad na Hezbollah bahuriye muri Liban
Mu masaha 24 aheze, hasohotse isanamu y’abarongoye imihari ya Hamas na Islamic Jihad muri Liban, bari mu mubonano na Hassan Nasrallah, umukuru w’umuhari w’Aba-Islam b’Abashia wa Hezbollah.
Hezbollah ni rwo rwego rwa mbere rukomeye gusumba izindi zose muri Liban, rukomeye gusumba reta ya Liban, na rirya ishami ryarwo rya gisirikare rifashwe mu mugongo, rikigishwa kandi rigahabwa ibirwanisho na Iran.
Abanya-Iran babona Hezbollah nk’urwego ngirakamaro mu bikorwa vyo kwivuna abansi mu karere. Yoba ifise misire 150.000 z’ubwoko butandukanye, ibihumbi n’ibihumbi vy’abarwanyi bigishijwe ivy’intambara kandi bamenyereye urugamba kuko barwanye mu ntambara yo muri Syria kw’izina ry’ubutegetsi bwa Assad.
Kimwe mu bintu nyamukuru biteye ubwoba muri ibi ni uko hashobora kwaduka iyindi ntambara hagati ya Israel n’umuhari Hezbollah muri Liban ufise inguvu zidasanzwe.
Mu bisanzwe iyi mirwi yama ivugana, ariko yahisemwo gushira ku mugaragaro ino nama, ku ruhande rumwe mu ntumbero yo gutera ubwoba Israel, ku rundi naho kubera yo nyene ubwayo itewe igitsure.
Iyi mihari iranegurwa kuko yama iriko iraririmba ko izotera Israel, mu gihe rero ubu kari akaryo keza, hari abavuga bati: “None ko mudatera?” Ushobora kwumva n’abanya-Palestina bamwe bivugira bati, “Hezbollah yaduhemukiye”.
Hagati aho, nta bimenyetso vyinshi vyerekana ko Iran yoba yipfuza ko ibi biba. Imvo nyamukuru ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu kurungika ubwato bwikorera indege z’intambara mu kiyaga Méditerranée, ubundi nabwo bukaba buri mu nzira buja mu Kigobe c’Abarabu, ni ukuzibira Iran n’incuti zayo zo muri Liban.
Israel yasubiye kwagiriza Hamas ko izibira abashaka guhunga
Israel yasubiye kwagiriza umuhari Hamas ko uriko urakoresha amabariyeri mu kuzibira Abanya-Gaza bashaka guhunga bava mu buraruko.
Igisirikare ca Israel casohoye ubutumwa bw’ijwi (audio), kivuga ko ari ikiyago hagati y’umwe mu bawanyi bawo n’umunyagihugu wo muri Gaza.
Uno murwanyi abaza ati: "Bazibiye ibarabara gute?"
"Bariko bararasa abantu", niko uno munya-Gaza yishura, nk’uko vyerekanwa mu nyandiko n’igisirikare ca Israel.
Ku wa 13 Gitugutu (10), Israel yategetse Abanya-Palestina bose baba mu buraruko bwa Gaza - ico gihe barenga umuriyoni umwe – kuhava bakaja mu bumanuko baciye mu nzira zibiri zifise umutekano.
Igisirikare ca Israel cari giherutse kwerekana amasanamu yafatiwe mu kirere kivuga ko ari ayerekana amabariyeri kuri rimwe mu mabarabara abahunga bacamwo.