Burundi – Mpox: “Vyaranka ko mpema mw’ijoro, nkarara ntasinziriye”

Burundi – Mpox: “Vyaranka ko mpema mw’ijoro, nkarara ntasinziriye”
Yatangajwe

Egide amaze iminsi mu bitaro, ati: “Hari umugenzi twagendana yari afise ibihere, nibaza ko ariwe nayanduyeko.”

Ni umwe mu barwayi barenga 170 bamaze kuyitorwa mu Burundi.

Abamenyeshamakuru ba BBC bashitse i Bujumbura, ahari ikigo kimwe rudende mu gihugu, gipimirwamwo akaranda ‘Mpox’, “hariko havugwa abagwaye 55 muri iki kigo c’ibitaro.”

Iyo ngwara nt’ivugwa cane kandi abaja kwivuza baguma biyongera: “Ndamaze kuyumva, ariko sindabona uwuyigwaye.” (umunyagihugu w’i Bujumbura).

Ariko abarongoye ubuvuzi m’Uburundi bafise amakenga uko iyo ngwara iriko irakwiragira, ata n’incanco ziraboneka.