Burundi – Mpox: “Vyaranka ko mpema mw’ijoro, nkarara ntasinziriye”

Insiguro ya video, Umwe mu barwayi barenga 170 bamaze kutorwa 'akaranda' mu Burundi, BBC yasanze ari mitende.
Burundi – Mpox: “Vyaranka ko mpema mw’ijoro, nkarara ntasinziriye”
Yatangajwe

Egide amaze iminsi mu bitaro, ati: “Hari umugenzi twagendana yari afise ibihere, nibaza ko ariwe nayanduyeko.”

Ni umwe mu barwayi barenga 170 bamaze kuyitorwa mu Burundi.

Abamenyeshamakuru ba BBC bashitse i Bujumbura, ahari ikigo kimwe rudende mu gihugu, gipimirwamwo akaranda ‘Mpox’, “hariko havugwa abagwaye 55 muri iki kigo c’ibitaro.”

Iyo ngwara nt’ivugwa cane kandi abaja kwivuza baguma biyongera: “Ndamaze kuyumva, ariko sindabona uwuyigwaye.” (umunyagihugu w’i Bujumbura).

Ariko abarongoye ubuvuzi m’Uburundi bafise amakenga uko iyo ngwara iriko irakwiragira, ata n’incanco ziraboneka.

Umwe mu barwayi barenga 170 bamaze kutorwa 'akaranda' mu Burundi.
Insiguro y'isanamu, Umwe mu barwayi barenga 170 bamaze kutorwa 'akaranda' mu Burundi, BBC yasanze ari mitende.