Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Goma: Abarenga 5000 bitabiriye umuhango wo gufuba abiciwe mu myiyerekano
I Goma mu buseruko bwa Republika ya demokrasi ya Congo biriwe mu muhango wo gufuba abantu cumi baguye mu myiyerekano yo kwiyamiriza ONU.
Abantu barenga 5000 nibo bitabiriye uwo muhango wo gufubira rimwe abo bantu, wabereye ku kibuga c'umupira ca Goma.
Uyu muhango ubaye nyuma y'iminsi ine habaye uwundi wo kwibuka abakozi ba ONU baguye muri iyo myiyerekano.
Imyiyerekano yadutse i Goma mu ndwi iheze kubera ishavu ry'abanyagihugu bavuga yuko abasirikare ba ONU bo mu mugwi MONUSCO bananiwe kubakingira ibitero vy'inyeshamba.
Mu muhango w'uno munsi, abarongoye amadini basavye amahoro n'ubutungane mu kwibuka abaguye mu myiyerekano yo kwiyamiriza ONU i Goma.
Bavuze yuko abapfuye bariko baraharanira amahoro, ko ku bw'ivyo rero bagomba gufatwa nk'intwari.
Benshi mu biciwe muri iyo myiyerekano bari ku kigero c'imyaka iri munsi ya 30, uwari muto muri bose akaba yari umwana w'imyaka 11.
Abitabiriye umuhango bose baguma bamanika inzandiko ziyamiriza ONU, bagasaba ko umugwi wayo uhagarariye amahoro, MONUSCO, uva mu gihugu.
MONUSCO imaze imyaka irenga cumi ikorera muri Congo, kandi ni bwo butumwa bwa ONU bwo guhagarira amahoro bufise abasikare benshi kurusha ahandi hose kw'isi.
Ariko abanyagihugu bo muri Congo bavuga yuko uwo mugwi ata mahoro na makeyi wigeze ubazanira, ko ahubwo bopfuma birwanaho bo ubwabo.
Mu ntango z'ino ndwi, icegera c'umuserukizi yihariye w'umunyamabanga mukuru wa ONU muri MONUSCO, yabwiye BBC yuko ubutumwa bwa ONU bwo guhagararira amahoro buzotahukanwa.
Yongerako yuko hazoshirwako umugambi witondewe wo kubusubira buke buke mu buseruko bwa Congo.