Goma: Abarenga 5000 bitabiriye umuhango wo gufuba abiciwe mu myiyerekano

Abaherekeje abantu 10 baguye mu myiyerekano yo kwiyamiriza ONU i Goma mu ndwi iheze

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Umuhango wo gufuba abantu 10 baguye mu myiyerekano yo kwiyamiriza ONU i Goma witabwe n'isinzi ry'abantu
Yatangajwe

I Goma mu buseruko bwa Republika ya demokrasi ya Congo biriwe mu muhango wo gufuba abantu cumi baguye mu myiyerekano yo kwiyamiriza ONU.

Abantu barenga 5000 nibo bitabiriye uwo muhango wo gufubira rimwe abo bantu, wabereye ku kibuga c'umupira ca Goma.

Uyu muhango ubaye nyuma y'iminsi ine habaye uwundi wo kwibuka abakozi ba ONU baguye muri iyo myiyerekano.

Imyiyerekano yadutse i Goma mu ndwi iheze kubera ishavu ry'abanyagihugu bavuga yuko abasirikare ba ONU bo mu mugwi MONUSCO bananiwe kubakingira ibitero vy'inyeshamba.

Mu muhango w'uno munsi, abarongoye amadini basavye amahoro n'ubutungane mu kwibuka abaguye mu myiyerekano yo kwiyamiriza ONU i Goma.

Umuhano wo gusezera ku bakozi ba ONU baguye mu myiyerekano i Goma

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Umuhango w'uno munsi wabaye nyuma y'iminsi ine habaye uwo gusezera ku bakozi ba ONU baguye mu myiyerekano

Bavuze yuko abapfuye bariko baraharanira amahoro, ko ku bw'ivyo rero bagomba gufatwa nk'intwari.

Benshi mu biciwe muri iyo myiyerekano bari ku kigero c'imyaka iri munsi ya 30, uwari muto muri bose akaba yari umwana w'imyaka 11.

Abitabiriye umuhango bose baguma bamanika inzandiko ziyamiriza ONU, bagasaba ko umugwi wayo uhagarariye amahoro, MONUSCO, uva mu gihugu.

MONUSCO imaze imyaka irenga cumi ikorera muri Congo, kandi ni bwo butumwa bwa ONU bwo guhagarira amahoro bufise abasikare benshi kurusha ahandi hose kw'isi.

Ariko abanyagihugu bo muri Congo bavuga yuko uwo mugwi ata mahoro na makeyi wigeze ubazanira, ko ahubwo bopfuma birwanaho bo ubwabo.

Mu ntango z'ino ndwi, icegera c'umuserukizi yihariye w'umunyamabanga mukuru wa ONU muri MONUSCO, yabwiye BBC yuko ubutumwa bwa ONU bwo guhagararira amahoro buzotahukanwa.

Yongerako yuko hazoshirwako umugambi witondewe wo kubusubira buke buke mu buseruko bwa Congo.