Trump afise 'icizere cinshi' ko Putin na Zelensky bazobonana inyuma y'urugendo rw'intumwa yiwe mu Burusiya

Donald Trump imbere ya micro muri Maison Blanche/White House

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Donald Trump avuga ko hashobora kuba umubonano hagati ya Putin na Zelensky "vuba cane"
    • Umwanditsi, Laura Gozzi
    • Igikorwa, BBC News
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 4

Perezida Donald Trump wa Amerika avuga ko hari "icizere kinini" ko ashobora kubonana n'abakuru b'ibihugu vy'Uburusiya na Ukraine, inyuma y'ico yise "ibiyago vyiza cane" hagati y'intumwa yiwe na Perezida Vladimir Putin mu gitondo c'ejo ku wa gatatu.

Abajijwe muri Maison Blanche/ White House (ibiro vy'umukuru w'igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika) nimba aba bategetsi babiri baremeye iri huriro, Trump yavuze ko hari "icizere cinshi", ariko nta nsiguro yatanze.

Imbere y'aho, Kremlin (ibiro vy'umukuru w'igihugu c'Uburusiya) yasohoye itangazo ridatomoye ku vyerekeye ibi biyago hagati ya Putin na Steve Witkoff, aho umujenama mu vy'imigenderanire yavuze ko izi mpande zompi zerekanye "ibimenyetso" nka kimwe mu vyerekana ibiyago "vyubaka" i Moscou (umugwa mukuru w'Uburusiya).

Uno mubonano waje imisi mike imbere y'uko ikiringo ntarengwa Trump yahaye Uburusiya ko bwokwemera guhagarika intambara muri Ukraine, canke naho bufatirwe ibihano bishasha, kirangira.

Trump yashikirije aya majambo muri Maison Blanche ejo ku wa gatatu inyuma y'uko amenyesheje ku rubuga hwaniro rwiwe Truth Social ko yasavye zimwe mu ncuti za Amerika i Bulaya gukurikiranira hagufi ibi biyago.

Trump ati: "Bose baremera ko iyi ntambara itegerezwa kugera igihe igahagarara, kandi iki nico tugiye gukorerako mu misi n'amayinga ari imbere".

Maison Blanche yabwiye kandi BBC ko Uburusiya bwamenyesheje ko bwipfuza kubonana n'umukuru w'igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika, kandi ko "yiteguriye kubonana na Perezida Putin na Perezida Zelensky".

Hagati aho, Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine yavuze ko yavuganye na Trump ku bijanye n'urugendo rwa Witkoff, kandi ko n'abategetsi ba Bulaya bakurikiranye iki kiyago co kuri terefone.

Zelensky abandanya agabisha ko inzira yonyene yotuma Uburusiya bufata ingingo ziboneka ari uko amahera yobuherana.

Trump avuga ko Uburusiya bushobora gufatirwa ibihano bikomeye canke bigafatirwa ivyo bihugu vyose n'amakompanyi yose vyobandanya bikorana nabwo, ari nka hamwe butofata ingingo zo guhagarika intambara.

Ibiganiro vy'ejo ku wa gatatu hagati ya Putin na Witkoff bisa n'ivyabaye mu mwumvikano nubwo ishavu rya Trump ribandanya ryiyongera kubera ata ntambwe iboneka mu biganiro hagati y'Uburusiya na Ukraine.

Amashusho yasohowe n'ibinyamakuru vyo mu Burusiya yerekanye Putin na Witkoff - bamaze guhura incuro zitari nke imbere y'aha - bariko baramukanya  batwenga mu nzu isize inzahabu muri Kremlin

Ahavuye isanamu, GAVRIIL GRIGOROV/SPUTNIK/KREMLIN POOL/EPA/Shutterstock

Insiguro y'isanamu, Amashusho yasohowe n'ibinyamakuru vyo mu Burusiya yerekanye Putin na Witkoff - bamaze guhura incuro zitari nke imbere y'aha - bariko baramukanya batwenga mu nzu isize inzahabu muri Kremlin
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Inyuma y'akanya gato Witkoff avuye i Moscou, Maison Blanche yavuze ko Trump yari yateye igikumu kw'itegeko bwirizwa ryo kuduza amakori y'inyongera ku rugero rwa 25% ku Buhindi kubera bugura igitoro c'Uburusiya. Aya makori azotangura gushirwa mu ngiro ku wa 27 Myandagaro (8).

Perezida Trump yagiriza Ubuhindi kutitaho "abanyagihugu ba Ukraine bariko baricwa n'ibirwanisho vy'Uburusiya".

Icizere si kinini ko gushika ku wa gatanu umuti uzoba wabonetse, mu gihe Uburusiya bubandanya ibitero vy'urutavanako vyo mu kirere kuri Ukraine n'ubwo Trump yabugabishije ko ashobora kubufatira ibihano.

Imbere y'uko ashikirizwa ubutegetsi muri Nzero (1), Trump yavuga ko yari gushobora guhagarika intambara hagati y'Uburusiya na Ukraine mu musi umwe. Intambara ibandanya yiha inkumbi, kandi kuva ico gihe imvugo yiwe ku Burusiya si iyo gushishitira.

Mu kwezi guheze yagize ati: "Ku ncuro zitari nke, twaribajije ko [intambara] yari irangiye, ariko mu nyuma Perezida Putin agaca abandanya arekurira ibisasu vya muzinga ku bisagara bimwe bimwe nka Kyiv, yica abantu benshi mu nzu y'abageze mu zabukuru, ibintu nk'ivyo".

Ibiganiro bimaze kuba incuro zitatu hagati ya Ukraine n'Uburusiya i Istanbul muri Turukiya vyarananiwe no guhagarika intambara imaze imyaka itatu n'igice kuva itangujwe n'Uburusiya.

Ibisabwa n'Uburusiya mu vya gisirikare na poritike kugira ngo haboneke amahoro ni ibintu Ukraine n'incuti zayo zo mu Burengero badashobora kwemera. Kremlin imaze kandi kwanka incuro zitari nke ivyo Ukraine isaba ko hoba umubonano hagati ya Zelensky na Putin.

Hagati aho, ku wa kabiri, ubutegetsi bwa Amerika bwaremeje ingingo yo kugurisha ibindi bikoresho vya gisirikare kuri Ukraine bifise agaciro k'imiriyoni 200 z'amadorari y'Abanyamerika, inyuma y'ikiyago co kuri terefone hagati ya Zelensky na Trump, aho aba bategetsi bompi baganiriye kandi ku bijanye no gufashanya mu vyo kwivuna abansi no guhingura indege zitajamwo abadereva (ama-drone).

Ukraine irakoresha amadrone mu gutera ibigo ntanganguvu n'ivyo gusukura igitoro vy'Uburusiya, mu gihe ibitero vyo mu kirere vy'Uburusiya vyovyo vyiziziye ibisagara vya Ukraine.

Umukuru w'ubutegetsi bwa gisirikare bwa Kyiv (umugwa mukuru wa Ukraine) avuga ko abahitanywe n'ibitero vyo mu ndwi iheze kuri iki gisagara bageze kuri 32 inyuma y'umugabo yapfuye azize ibikomere. Ico gitero cari kimwe mu bitero bikomeye kuri Kyiv vyahitanye abantu benshi kuva iyi ntambara itanguye.

Ejo ku wa gatatu, abategetsi ba Ukraine bavuze ko igitero c'Uburusiya ku kibanza c'akaruhuko mu ntara ya Zaporizhzhia cahitanye abantu babiri congera gikomeretsa n'abandi 12.

Zelensky ati: "Nta nsiguro n'imwe ya gisirikare muri iki gitero. Nta kindi atari ubugome mu ntumbero yo gutera ubwoba abanyagihugu".