Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Iyicwa rya Ndadaye: 'Nta terabwoba nagize kuri Rugigana'- Lt Ngomirakiza umwe mu bari intwazangabo mu gisirikare c’Uburundi
- Umwanditsi, Na Alain Majesté Barenga
- Igikorwa, Umunyamakuru ari i Bruxelles
- Yatangajwe
- Igihe co gusoma: iminota 5
Inyuma y’aho Jenerali de Brigade Joseph Rugigana yahoze ari mu bacungera ikirimba ca Melchior Ndadaye asohoreye igitabo kw’igandagurwa ry’uno mukuru w’igihugu wa mbere yari yitorewe n’abanyagihugu, hari ku wa 9 Munyonyo (11) 2024, haribonekeza uguterana amajambo gukomeye hagati ya bamwe mu bahoze ari intwazangabo mu gisirikare c’igihugu n’uwacanditse.
Abatemera ibiri muri ico gitabo bavuga ko Jenerali Rugigana ari umubeshi, mu gihe wewe yemeza ko ari inkuru y’ukuri y’ivyo yiboneye, aho anagiriza abavugwamwo kumutera ubwoba n’umuryango wiwe kubera ukuri yashize ahabona.
Muri iri murikwa rya kabiri ryabereye mu nyubakwa ya kaminuza Université Libre de Bruxelles mu Bubiligi kuri uno wa 09 Munyonyo 2024 - ni inyuma y’irya mbere ryabereye mu gisagara ca Paris mu Bufaransa ku wa 2 Munyonyo - ikiyago cari citezwe cahindutse urubuga rw’impari hagati y’abasirikare bari baje guhakana ibiri muri ico gitabu hamwe na nyeneco Jenerali de Brigade Joseph Rugigana.
Ico gitabu ca Jenerali Rugigana yari afise ipete rya Liyetena mu 1993, kigaruka ku masaha ya nyuma ya Perezida Melchior Ndadaye kuwa 21 Gitugutu (10) 1993, kuva ikirimba ciwe gitewe, aho anashira ahagaragara bamwe mu basirikare bagize uruhara mw’igandagurwa ryiwe.
Igandagurwa rya Perezida Ndadaye, umukuru w’igihugu wa mbere w’Umuhutu muri kahise k’Uburundi, ryabaye intandaro y’intambara yo hagati mu gihugu yamaze imyaka irenga cumi, hagati y’igisirikare c’igihugu ico gihe cari ciganziwe n’Abatutsi, n’imihari yakirwanya yari ihurikiyemwo ahanini Abahutu.
Muri ico gitabo, Jenerali Joseph Rugigana avuga ukuntu yagerageje guhungisha Melchior Ndadaye ariko bikaba ivy’impfagusa, kuko bamwe mu bakuru mu gisirikare, nk’uko abisigura, bari bamaze gufata ingingo ko yicwa.
Mu bo agarukako ahanini harimwo Koroneli Alfred Nkurunziza yigeze kuba umushikiranganji wo kwivuna abansi avugwa nk’umwe mu bagize uruhara rukomeye mw’igandagurwa rya Melchior Ndadaye aho izina ryiwe rigaruka incuro 23 muri ico gitabo.
Abandi bavugwa ni abasirikare bari bakomeye nka Jean Bikomagu yari umukuru w’ibiro bikuru vya gisirikare ico gihe, Koroneli Pascal Simbanduku yari arongoye gendarmerie (ikijandarume), n’abandi.
Koroneli Alfred Nkurunziza asanzwe aba mu gihugu ca Australia yari yaje muri iryo murikwa aje guhakana ibivugwa muri ico gitabu, aho yateranye amajambo na nyeneco ku mugaragaro, akamwita umubeshi agomba gucapfuza abari abasirikare bakomeye mu 1993.
Koroneli Nkurunziza avuga ko Jenerali Rugigana ata kindi agamije atari ukwambika ibara abari intwazangabo ko ari bo bishe Ndadaye, aho yanamwagirije ko ari we yobazwa urupfu rwiwe, ngo na burya mu kumuhungisha yamushize mu basirikare bari bagumutse hakumuhungishiriza mu kibanza cizewe.
Avuga kandi ko bidatahuritse ukuntu agisohoye inyuma y’imyaka 31 kuva Ndadaye agandaguwe, aho yamwise umunyenzigo agomba guteza urubwa abahoze bamurongoye mu gisirikare
Mu gihe avugwa ko yari mu basirikare bavuga irya nyuma mw’ikambi ya Muha itariki 21 Gitugutu 1993, kandi ko ari no mu batutse Jenerali Rugigana arokoye Ndadaye, Koroneli Alfred Nkurunziza avyamirira kure.
Agira ati: “Sinigeze nja mw’ikambi ya Muha na Rugigana ntawe nabonye, nico gituma navuye muri Australia kugira nze kubibeshuza”.
Uwundi yarakariye cane Jenerali Rugigana ni Liyetena Jean Ngomirakiza yahoze ari intwazangabo yanapfunzwe imyaka 10 azira urupfu rwa Ndadaye, nawe nyene akavuga ko iki gitabo ari icegeranyo c’ibinyoma kije kwambika ibara intwazangabo zahoze mu gisirikare ca kera.
Jenerali Rugigana yanditse iki gitabo wewe yemeza ko yavuze ukuri, kandi ukuri kubabaza, aho yasavye abatacemera nabo nyene kwandika ivyo babonye.
Yabwiye abari bitavye iri murikwa ko hari abariko baramutera ubwoba, we n’umuryango wiwe, bipfuza kumugirira nabi.
Yabwiye BBC Gahuzamiryango ko hari imvugo zibiba urwanko ziriko zirarungikwa ku mbuga ngurukanabumenyi zo gutuma abantu bamugirira nabi we n’umuryango wiwe, akavuga ko ivyo bikorwa na bamwe mu bo bahoranye mu gisirikare batipfuza ko ukuri kw’igandagurwa rya Perezida Ndadaye kuja ahabona. Atunga urutoke cane cane Liyetena Jean Ngomirakiza n’abandi.
Inyuma yo gusoma iyi nkuru, Liyetena Jean Ngomirakiza nawe yakuye BBC Gahuzamiryango, avuga ko yifuza kugira ico avuze ku vyamuvuzweko.
Mu butumwa bugufi yarungikiye BBC Gahuzamiryango yagize ati: "Ivyo bintu narabibonye ndumirwa. Ndiyamirije iyo nyifato igayitse yo kubesha. Nta terabwoba nigeze nkora, sinzi n'ingene barikora. Jewe niyamiriza ivyo Jenerali Rugigana yanditse gusa, kandi n'areme n'umuryango wiwe."
Liyetena Jean Ngomirakiza arangiza avuga ko yemera ko uburenganzira bwo gushikiriza ivyiyumviro mu mwidegemvyo buriho ku muntu wese ('le débat reste démocratique et ouvert au public'- mu majambo yiwe).
Térence Ntahiraja aserukira Uburundi mu Bubiligi ni umwe mu bari bitavye iri murikwa gushigikira Jenerali Rugigana, aho yashimagije cane uwagisohoye anavuga ko ari igitabo c’akarorero kije guterera mu kumenya ukuri kuri kahise kabishe kahekuye Abarundi itariki 21 Gitugutu 1993, umunsi Melchior Ndadaye yagandagurwa.
Avuga ko kubona ico gitabo canditswe n’umwe mu bari bajejwe gukingira ubuzima bwa Perezida Ndadaye kandi yamubonye mu banyuma ari ngirakamaro, akaba yasavye n’abandi bagize ico babonye uwo munsi gusohora ukuri kwabo mu nyandiko kugira ukuri kuvyabaye kuje ahabona.