Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Kenya yemeye igihembo kuri uwo wese yokwerekana aho uwukekwako ubwicanyi Collins Khalusha yinyegeje
- Umwanditsi, Basillioh Rukanga
- Igikorwa, BBC News, Nairobi
- Yatangajwe
- Igihe co gusoma: iminota 2
Igipolisi ca Kenya cemeye "agahembo k'amahera" ku wotanga inkuru zofasha guhagarika umwicanyi ruhebwa yatorotse agasho.
Collins Jumaisi Khalusha yatorotse agasho ko ku kirindiro c'igipolisi ca Gigiri kiri ku mugwa mukuru Nairobi ku musi wa kabiri ari kumwe n'abandi 12.
Kuva ico gihe, abapolisi umunani baciye bahagarikwa mu kazi abandi batanu bashikanwa muri sentare kugira babazwe ivyerekeye uko gutoroka, igipolisi kivuga ko vyashobotse bafashijwe n'abasanzwe bakora ngaho.
Mu kwezi guheze, igipolisi cavuze ko Khalusha yiyemereye ko yishe abagore 42, harimwo n'umugore wiwe, kuva mu 2022 - ariko uwumuburanira avuga ko yavyemejwe amaze gusinzikarizwa ubuzima.
Ku musi wa kane, igisata kijejwe gutohoza ivyaha vy'ubwicanyi (DCI) casohoye urwandiko ruhamagarira abantu gutanga inkuru zishobora gufasha gusubira guhagarika Khalusha.
Bivugwa ko uwo munyororo yagirizwa icaha c'ubwicanyi.
Akamo katewe na DCI aho isaba abantu gutanga inkuru mw'ibanga ku gipolisi canke ku gituro c'igipolisi ico ari co cose mu gihugu, kagira kandi gati: "Agashimwe k'amahera atari make kazohabwa umuntu wese afise inkuru zizewe zotuma Khalusha ahagarikwa."
Ntibiramenyekana uko ayo mahera azotangwa nk'agashimwe k'uwuzotanga inkuru angana.
Khalusha yari yahagaritswe inyuma y'aho hatorewe ibihimba vy'umubiri vy'abagore icenda mu kwezi guheze mu kibanza catabwamwo umwavu i Nairobi.
Abo bagore bari bafise imyaka iri hagati ya 18 na 30, kandi bose bishwe mu buryo bumwe, nk'uko bivugwa n'igipolisi.
Itoroka ry'umwicanyi ruhebwa nk'uwo ryarababaje abanye Kenya benshi.
Icegeranyo cakozwe kivuga ko abo banyororo 13 batorotse agasho k'igipolisi babanje gukata igisenge kigizwe n'intsinga hanyuma baca basimba uruzitiro.
Igituro c'igipolisi ca Gigiri kiri ku birometero 10 uvuye mu gisagara ca Nairobi, ahari ibiro nserukirabihugu vya ONU hamwe n'ibindi bihugu.
Mu kwezi kwa kabiri, Kevin Kangethe, yaronderwa na Amerika yagirizwa ubwicanyi, yaratorotse ku kindi kirindiro c'igipolisi i Nairobi aho yari apfungiwe ata n'umwe ashoboye kumufata.
Yasubiye gufatwa mu nyuma, sentare ikaba yaciye itegeka ko ashikirizwa igihugu ca Reta zunze Ubumbwe za Amerika.