Itohoza: yari ‘influencer’ rurangiranwa kuri Instagram, ubu ari mu gasho

Itohoza: yari ‘influencer’ rurangiranwa kuri Instagram, ubu ari mu gasho
Yatangajwe

Kat Torres yigisha abandi uko biteza imbere, bakabaho neza, ndetse agakurikirwa n’abantu umuliyoni (Instagram).

Uyu mu nye Brazil, yakuze ari umukene cane, yari yarahinduye ubuzima, abaho neza cane i Bulaya na USA nk’umunyamideli.

Ariko yaravugwako amabi harimwo kwonona ‘bagenzi’ biwe mu kubashurashuza, n’ayandi mabi.

Itohoza rya BBC Eye ryanamusanze iyo yajanywe gupfungirwa muri Brazil, inyuma y’amatohoza ya FBI.