Imbwa ya Biden yariye abajejwe gucungera umutekano wiwe incuro 24

Ahavuye isanamu, Reuters
- Umwanditsi, Adam Durbin
- Igikorwa, BBC News
- Yatangajwe
Imbwa ya Perezida Joe Biden wa Amerika yitwa Commander yariye abakozi b’urwego rw’abashinzwe umutekano wiwe incuro nibura 24, nk’uko inyandiko nshasha zibivuga.
Inyandiko z’urwego rw’ibanga rushinzwe umutekano w’umukuru w’igihugu n’icegera ciwe zirerekana uburyo iyi ntozo yo mu bwoko bwa German Shephard (Berger Allemand) yateje uruhagarara mu bajejwe gucungera umutekano w’umukuru w’igihugu.
Umwe mu bakozi bakuru avuga ko kuribwa n’iyi mbwa vyatumye uru rwego ruhindura amayeri, akagira inama abakozi barwo “kuyigira kure gusumba”.
Iri gabisha ryatanzwe amezi make imbere y’uko iyi mbwa Commander ivanwa muri Maison Blanche/White House – ikirimba c’umukuru w’igihugu ca Amerika.
Izi nyandiko zashizwe ahabona biciye kw’itegeko Freedom of Information ritegeka inzego za reta ya Amerika gushira ahabona amakuru yerekeye igihugu hanyuma zishirwa ku mbuga ngurukanabumenyi.
Zanditswe mu buryo buhanitse mu ntumbero yo gukingira abakozi bo muri uru rwego be n’amabanga ajanye n’imikenyuro yabo yo gucungera umutekano.
Zerekana ko iyi ntozo yariye aba bakozi incuro nibura 24 hagati ya Gitugutu (10) 2022 na Mukakaro (7) 2023, harimwo aho yabariye ku bikonjo, ku kuboko, ku nkokora, mu rukenyerero, ku gikiriza, kw’itako no ku bitugu.
Izi nyandiko si ukuvuga ko zerekana incuro zose ino ntozo Commander yagiye irya abantu, kuko zerekana gusa uru rwego rw’ibanga, ariko zikaba zitavuga ku bandi bakozi bo muri Maison Blanche canke abakozi bo mu nyubakwa y’umwiherero, Camp David, i Maryland.
Ino mbwa y’umuryango wa Biden yavuye muri Maison Blanche muri Gitugutu umwaka uheze, indwi imwe inyuma y’aho umukozi w’uru rwego bibaye ngombwa ko aja kwivuza ku gikomere kinini yari yagize inyuma yo kuribwa n’ino ntozo.
Ivyaheruka imbere y’aho ni ivyabaye muri Ruheshi (6) aho umukozi w’uru rwego yariwe ku kuboko agira “igikomere kinini”, aho vyabaye ngombwa ko ashonwa. Amaraso yakorokeye kw’isima mu gace kamwe ko muri Maison Blanche yatumye uruja n'uruza ruhagarikwa mu gice co mu buseruko bw’iyi nyubakwa mu kiringo c’iminota 20, nk’uko biri mu rwandiko rumwe.
Muri Mukakaro (7), uwundi mukozi yariwe ku kiganza bica biba ngombwa ko ashonwa. “Yarakomeretse cane” bituma “atangura kuva amaraso menshi”, nk’uko biri muri email imwe.
Uwo mukozi yahawe na bagenziwe ''agatu gatoya'' nk'akaganuke karimwo imiti y'ububabare, amavuta y'ibisebuzi, umuti wo gusukira w'ipiripiri, n'ibisuguti vy'imbwa ku ''mvo z'umutekano''.
Umukozi mukuru atavuzwe izina muri email imwe yasavye abakozi bajejwe umutekano wa Biden n’umuryango wiwe ko “bategerezwa guhindura imikenyuro ku nyungu z’umutekano wacu bwite ".
Yanditse ati: "Iyi mbwa Commander iherutse kuturya yatumye biba ngombwa ko duhindura imikenyuro iyo ariho iri – ndabasabe kuza murayigira kure bikwiye”.










