Bishasha kuri Israel - Hamas: Ingabo za Israel zinjiye mu bitaro Al-Shifa - uwabibonye

Yatangajwe

Igisirikare ca Israel gitangaza ko ingabo zaco zinjiye mu bitaro bikuru Al-Shifa muri Gaza.

Umwe mu babibonye, Khader Zaanoun, yabwiye BBC ati: “Nabonye ibimodoka vy’intambara bitamenwa n’amasasu hagati mu bitaro hamwe n’abakomando ba Israel barenga ijana.

"Binjiye mu cumba gikuru c’indembe, bamwe mu basirikare bari bambaye ibitambara vyo kwiyoberanya bavuza akaruru mu carabu ngo ‘guma hamwe guma hamwe’”.

Imbere y’aha, Khader yari yavuze ko abasirikare “baturikije ikibombe c’imyotsi catumye abantu bahema bigoranye”.

Yavuze kandi ko yabonye abasirikare binjira mu gisata kidasanzwe c’ibagiro.

Ibiro vyo kumenyesha amakuru vy'ubutegetsi bwa Hamas vyasohoye itangazo, aho bivuga ko igitero ca Israel ku bitaro Al-Shifa vyo muri Gaza ari “icaha co mu ntambara”, “icaha c’ububuramutima”, kandi ko ari “icaha kuri kiremwamuntu”.

Iri tangazo rivuga ko abarwayi, abakozi hamwe n’abasivire bataye izabo, bose hamwe bangana na 9000, bari muri ibi bitaro igihe haba iki gitero cikinze ijoro.

Muri videwo ikigo ca Palestina kijejwe kumenyesha amakuru cacishije ku rubuga rwa X rwahoze ruzwi nka Twitter, umukuru wa Hamas Izzat al-Rishq, avuga ko Israel yateye ikigo ca gisivire, atari ikigo ca gisirikare.

Mw’itangazo ry’imbere y’aha, Hamas yari yavuze ko Washington (umugwa mukuru wa Reta Zunze Ubmwe za Amerika) na Perezida Joe Biden ari bo babazwa iki gitero.

Israel na Amerika vyagiriza Hamas – umuhari ufatwa na Amerika, Ubwongereza n’Ubumwe bwa Bulaya nk’uw’iterabwoba – ko ifise ikigo nyobozi musi y’ibi bitaro Al-Shifa, ivyo Hamas ihakana.

IDF ihamagarira 'abarwanyi b'iterabwoba ba Hamas' bari muri Al-Shifa kwishikana

Imbere y’aha, IDF yemeje ko yariko irakora "ibikorwa mu bibanza bizwi neza bigamije kurwanya Hamas mu gace kanaka mu bitaro Al-Shifa", ikoreye ku makuru y’igendereza.

Mu butumwa yacishije kuri X, IDF yavuze kandi ko yari yagabishije ku mugaragaro incuro nyinshi ko “kubona Hamas ibandanya ikoresha gisirikare ibitaro Al-Shifa ari ugushira mu kaga ubudahangarwa bwavyo mu mategeko mpuzamakungu”, kandi ko yatanze “umwanya uhagije wo guhagarika iri koreshwa ry’ibi bitaro mu buryo butemewe n’amategeko”.

Iri tangazo rihamagarira “abarwanyi b’iterabwoba bose ba Hamas bari muri ibi bitaro kwishikana” rigashimangira kandi ko IDF “yateguye uburyo burambuye bwo kuva” muri ibi bitaro.

Abajejwe ubutabazi bavuga ko ibintu “vyifashe nabi cane” mu bitaro Al-Shifa, mu gihe ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu mu butegetsi bwa Hamas buvuga ko ibihumbi n’ibihumbi bari muri iyi nyubakwa mu kwikinga ibibombe vya Israel.

Umunyamakuru ari muri ibi bitaro, avuga ko ingabo za Israel zica mu cumba kimwe ku kindi, igorofa imwe ku yindi, zibaza ibibazo abantu bose – abakozi n’abarwayi – kandi ko ziherekejwe n’abaganga hamwe n’abavuga ururimi rw’icarabu.

Abataye izabo bagahungira muri iyi nyubakwa bategetswe gukoranira mu kibanza c’imbuga y’ibi bitaro, bamwe muri bo bakaba bagenzurwa.

Avuga kandi ko igisirikare ca Israel ubu “kigenzura ibi bitaro” kandi ko ubu ata masasu akivuga.

BBC ntirashobora guhinyuza aya makuru avuga ko ibi bitaro ubu biri mu minwe y’ingabo za Israel.