Hosni Mubarak yahakanye gutegeka kwica

Ahavuye isanamu, AP
Yatangajwe
Bwari ubwa mbere avugira imbere y'abacamanza, aho yemeye ko hari amakosa yakoze mu gihe yari umukuru w'igihugu.
Ariko yemeza ko yakoze ibishoboka vyose kugirango ayobore neza.
Bwana Mubarak ubu akwije imyaka 86, avuga ko atigeze aniganira ubutegetsi canke ububasha bwa politike.
Avuga kandi ko yavuye ku ntebe y'umukuru w'igihugu ku bushake mu kwanka ko amaraso aseseka.
Bwana Mubarak yari yitavye urubanza aregwamwo kwica amajana y'abari mu myiyerekano yo kumwiyamiriza mu 2011.
Uru rubanza rwasubiwemwo, inyuma yo gusesa urwari rwamutsinze mu mwaka uheze.






