Mu mafoto: umusi ukomeye kuri Zelensky i Washington

Mu kiganiro n'abanyamakuru, Perezida Biden wa Amerika yabwiye Zelensky ati: "Ntuzigera utabwa wenyene"

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Mu kiganiro n'abanyamakuru, Perezida Biden wa Amerika yabwiye Zelensky ati: "Ntuzigera utabwa wenyene"
Yatangajwe

Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine ari i Washington, mu rugendo rwiwe rwa mbere hanze kuva Uburusiya buteye igihugu ciwe mu kwa kabiri.

Yagendeye Maison Blanche/White House (ibiro vy'umukuru w'igihugu wa Amerika), aho yagiranye ikiganiro rusangi n'abamenyeshamakuru ari umwe na Perezida Joe Biden wa Amerika.

Perezida Biden wa Amerika yabwiye Zelensky ati: "Ntuzigera utabwa wenyene".

Dukubitize amaso ku mafoto amwe yo muri runo rugendo.

Imbere y'uko afata urugendo aja muri Amerika, Zelensky yagendeye igisagara ca Bakhmut ku wa kabiri, igisagara kiberamwo urugamba rukomeye. Abasirikare bamuhaye ibendera ry'igihugu, bamusaba ko yoribahera Perezida Biden

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Imbere y'uko afata urugendo aja muri Amerika, Zelensky yagendeye igisagara ca Bakhmut ku wa kabiri, igisagara kiberamwo urugamba rukomeye. Abasirikare bamuhaye ibendera ry'igihugu, bamusaba ko yoribahera Perezida Biden
Amabendera ya Ukraine na Amerika yahungabana kw'ibarabara Pennsylvania Avenue rigana ku ngoro y'amakoraniro y'inama nshingamateka na nkenguzamateka (Capitol) ku wa gatatu

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Amabendera ya Ukraine na Amerika yahungabana kw'ibarabara Pennsylvania Avenue rigana ku ngoro y'amakoraniro y'inama nshingamateka na nkenguzamateka (Capitol) ku wa gatatu
Igihe yururuka ndege, Zelensky yakiriwe n'uwuserukira Ukraine muri Amerika hamwe n'uwujejwe protocole Rufus Gifford

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Igihe yururuka ndege, Zelensky yakiriwe n'uwuserukira Ukraine muri Amerika hamwe n'uwujejwe protocole Rufus Gifford
Abamenyeshamakuru benshi bari bagandagaje hanze ya Maison Blanche barindiriye ko Zelensky ashika

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Abamenyeshamakuru benshi bari bagandagaje hanze ya Maison Blanche barindiriye ko Zelensky ashika
Zelensky yakiriwe muri Maison Blanche na Perezida Biden n'umutambukanyi wiwe Jill Biden

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Zelensky yakiriwe muri Maison Blanche na Perezida Biden n'umutambukanyi wiwe Jill Biden
Baciye bazungurutse iyo nyubakwa gushika mu biro umukuru w'igihugu akoreramwo (Oval Office)

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Baciye bazungurutse iyo nyubakwa gushika mu biro umukuru w'igihugu akoreramwo (Oval Office)
Aba bategetsi baganira bota agacanwa muri Oval Office

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Aba bategetsi baganira bota agacanwa muri Oval Office
Mu nyuma aba bategetsi babiri bahavuye baremeshereza hamwe ikiganiro n'abamenyeshamakuru

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Mu nyuma aba bategetsi babiri bahavuye baremeshereza hamwe ikiganiro n'abamenyeshamakuru

Amafoto yose atangirwa uruhusha