South Africa: 'Nararokotse inyuruzwa ariko hari uruhande napfuye uwo musi'

Yatangajwe

Inyuma y'ukwiyongera kw'ibitigiri vy'abanyuruzwa muri ino myaka ya vuba, Afrika y'Epfo iri mu bihugu bifise ibitigiri binini cane vy'abantu banyuruzwa kw'isi, nk'uko bivugwa na Mpho Lakaje ari i Johannesburg.

Mu ntango, Lesego Tau ntiyasimbwe n'umutima igihe umuntu atazwi yugurura umuryango w'inyuma w'imodoka yiwe ya Mercedes C-Class agaca yiteramwo.

Yari yayihagaritse hanze y'isoko rya kijambere (centre commercial/shopping mall) i Johannesburg akaba yariko yandikira mugenziwe kuri terefone imbere y'uko aja kugura utuntu dukeya two guteramirako ku mugoroba w'uyo musi.

Avuga ibi bintu vyamubayeko mu kwa gatandatu guheze, yabwiye BBC ati: "Namurabiye mu kiyo nkaguma nibaza nti: 'Uyu muntu ivyo ari vyo vyose araterwa n'isoni ni yabona ko yuriye imodoka atari yo',".

Ariko rero uku ntikwari ukwihenda.

"Twararabanye mu maso nca ndamenya icari kigiye kuba".

Iri ryari inyuruzwa.

Amezi atandatu imbere y'aha, umugwizatunga Yasin Bhiku yafatiwe mu kayira kaja muhira iwe, hafi ya Johannesburg, avuye mu musigiti.

Video ya CCTV yazungurutse cane ku mbuga hwaniro yerekana Bhiku yambaye agapira gasa n'ubururu n'ipantaro yirabura aganira neza n'umugenzi.

Haboneka abagabo babiri basohoka bavuye mu yindi modoka yari yahagaritswe ku rundi ruhande. Ubwa mbere bateye bamwegera, hanyuma bamusimbirako aho Bhiku amariye kubona ivyo ari vyo akagerageza guhunga.

Yaraneshejwe aca yinjizwa mu modoka afatiweko inkoho. Mu nyuma uyu mugwizatunga bagiye kumutora ataco yabaye arabohozwa n'igipolisi.

Uyu mugore Tau asanzwe afise ikompanyi ikora isuku i Pretoria na we nyene yaragerageje guhunga amaze kubona ko yagomba anyuruzwe.

Avuga ko yagerageje kwugurura umuryango w'imodoka yiwe, ariko uwundi mugabo yambaye nk'umukozi wo muri parikingi aca arazibira umuryango.

Uyu mugabo yari yicaye inyuma yaciye yerekana ko afise inkoho aca ategeka uyu mugore Tau kuvana iyi modoka muri ico kigo c'akaguriro.

Ari mu nzira, yarategetswe guhagarika imodoka, maze uwundi muntu aca yinjiramwo.

Amagorwa y'amasaha ane

Bamaze kugenda ibirometero hafi 15 baja hagati mu gihugu muri urwo rugendo ruteye ubwoba, aba bari bamunyuruje bategetse Tau guhagarara.

Haciye haza imodoka itukura, umuntu umwe aca arururuka, amwaka amakarata y'ibanki hanyuma amutegeka kumubwira ibiharuro-kabanga.

"Abandi bantu bari mu modoka...baciye batangura kwinjira mu makarata yanje atandukanye. Bariko barakurako amahera".

Muri uwo mwanya nyene, abo bantu bari bamunyuruje babandanije bamukubita mu mutwe n'inkoho, bamutegeka kwongereza urugero rw'amafaranga ashobora gukurako.

Aya magorwa yarabandanije mu kiringo c'amasaha ane.

Igihe kimwe, yumvise umuntu kuri terefone bariko bavugana avuga ngo: "Mukureho. Ahacu twahejeje".

Tau ati: "Naciye niha amahoro kuko nabona ko bari bagiye kunyica, ariko nariyumviriye, nca mbona ko nategerezwa kwirwanira. Ni ngombwa turwane. Nimba bagiye kunyica, nshobora no kurwana".

Yararwanye arashobora kuva mu modoka ariko abari bamunyuruje baramucakiye baca batangura kumukubita. Yahavuye abacoroka ariruka mw'ibarabara yinyuranganya mu mamodoka.

Ibi vyamushikiye n'ivyashikiye Bhiku si vyo vyonyene.

Mu kwa kabiri, umushikiranganji ajejwe igipolisi Bheki Cele yamenyesheje ko mu mezi atatu ya nyuma ya 2021 habaye 2.605 bituye ubutegetsi bavuga ivy'inyuruzwa.

Mu myaka cumi kuva 2010, inyuruzwa ryariyongereye incuro zirenga zibiri muri Afrika y'Epfo, kandi abantu 10 kuri 100.000 baranyuruzwa, nk'uko bivugwa n'ikigo ca Afrika y'Epfo cigisha ibijanye n'umutekano, Institute for Security Studies. Ni kimwe mu biharuro binini cane vy'abanyuruzwa kw'isi.

Mu 2018, umushikiranganji Cele yemereye abanyagihugu ko yari agiye gushira imbere ukurwanya inyuruza.

Abahuye n'ivyo vyago barabagumya ku nguvu, bamwe bakaronderwako ingwati, abandi amakonte yabo y'amabanki akavanwako amafaranga yose, canke naho bagakorerwa ihohotera rishingiye ku gitsina.

Hari bamwe baruhira kuhatakariza ubuzima, n'aho urugero rutazwi neza.

Mu ntumbero yo kugerageza kurwanya amabi nk'aya, igipolisi carashinze umurwi ujejwe kurwanya inyuruzwa.

Imirwi y'inkozi z'ikibi yiziziye Afrika y'Epfo

Ikintu kimwe kimaze kuboneka ni uko abanyuruza abantu basa n'abakorera mu mirwi kandi bigakorwa hakurikijwe integuro kanaka aho usanga buri muntu afise ico ajejwe, nk'uko umuvugizi w'igipolisi Athlenda Mathe yabibwiye BBC.

"Inderetsi ni barya bakurikirana uwugiye kunyuruzwa. Abamufata ni barya baca bamutwara".

Abanyuruza abantu akenshi banyonga amamodoka anyaruka cane kandi ugasanga bafise ibirwanisho.

"Hakaba rero n'abandi bamugumya ...gushika harishwe ingwati".

Ariko muri ako kabi, hariho umuhinga akora ubushakashatsi akanamukurikiranira hagufi.

Koroneri Marthe avuga ati: "Uwuri hejuru ya bose ashobora kuba ari umuntu abayeho neza kandi adashobora gukora ako kabi kabishe".

Iyi mirwi y'inkozi z'ikibi ifise amashami mu bihugu vyo hanze nk'igihugu kibanyi ca Mozambike gushika mbere no mu bihugu vya kure nko muri Pakistani.

Basa n'abizizira abagwizatunga bifise, bafise ubushobozi bwo kuriha ingwati, ariko bamwe mu babikorerwa bava mu turere tw'abantu babayabaye mbere n'abana ntibasigwa inyuma.

Gérard Labuschagne asanzwe agiriranira ibiganiro vyo kubohoza abanyurujwe ku giti ciwe avuga ko inyuruza ryo ku rwego rwo hejuru ryiyongereye. Ingwati ishobora gushika ku miriyoni zitatu z'amadorari y'abanyamerika.

Labuschagne agira ati: "Imirwi y'inkozi z'ikibi muri Mozambike no mu tundi turere twa Afrika ubu yarafashe ingingo ko, uko vyogenda kwose, Afrika y'Epfo ari igihugu ciza co gukoreramwo ubukozi bw'ikibi nk'ubu, kandi iramaze kubukora neza".

Ku mbuga hwaniro, bamwe babona ko ukutubahiriza amategeko kwatumye Afrika y'Epfo iba ikirimbiro ry'imirwi y'inkozi z'ikibi iva mu mpande zose z'isi.

Imbere y'abanyagihugu barakaye, igipolisi kiremera ko hakiri igikorwa kinini ariko Koroneri Mathe avuga ko bamaze gutera intambwe.

"Kuva iyi mirwi imenyekanye, tumaze guhagarika abikekwa muri ubwo bukozi bw'ikibi 115, harimwo abanya-Pakistani, abanya-Mozambike hamwe kandi n'abanya-Afrika y'Epfo".

Umwe muri abo bafashwe ni Faizel Charloos w'imyaka 43 yafashwe agapfungwa mu kwa gatatu.

Azwi ko ari we yateguye urukurikirane rw'inyuruzwa riherutse.

Mu gitero cakozwe n'igipolisi ku matungo atari make afitaniye isano nawe i Johannesburg, ibiyayuramutwe, amafaranga n'amamodoka meza meza ni vyo vyatowe.

Charloos aherutse kurengutswa mu bucamanza, ari kumwe n'abandi batari bake, ku birego vyo kunyuruza abantu. Ntaco arabivugako.

Vyabonetse ko afise ubwenegihugu bubiri ubwa Afrika y'Epfo na Mozambike.

'Igipolisi ntigitabara abanyuruzwa'

Mu bindi vyabaye muri Ndamukiza (4), igipolisi carashoboye kurokora umwana w'umukobwa w'imyaka ine yari yibwe kw'ishure rimwe i Johannesburg n'umugore yigize umurezi wiwe.

Imbere yaho, uwari yamunyuruje yari yasavye ibihumbi n'ibihumbi vy'amadorari kugira ngo amusubize.

Ariko abantu bane baje guhagarikwa hafi y'inyubakwa y'idandarizo baje gutora ingwati.

N'aho bashitse kuri ivyo, Labuschagne ntiyemera ko igipolisi kiriko kiratsinda uru rugamba.

"Turamaze kubona incuro imwe canke zibiri bahagarikwa. Ariko bwinshi muri ubu bukozi bw'ikibi, abapolisi ntibabohoza ababa banyurujwe aho bapfungiwe. Baza kurekurwa hatanzwe aya mafaranga".

Uyu mugore Tau yagize amahirwe arashobora kubaca mu ryahumye, ariko abari bamunyuruje bamunyaze amadorari 1400 y'abanyamerika.

Amarorerwa yamubayeko yaramuhahamuye mbere n'umuryango wiwe ukaba waratuntuye.

"Papa wanje si umuntu arira, ariko yarakoroye amosozi. Yaguma yumva y'uko yategerezwa kuba yankingiye".

"Haracari uruhande rumwe rwanje rwapfuye uwo musi".