Emmanuel Macron: Kuva k'uwutazwi muri poritike gushika kuba umukuru w'igihugu

    • Umwanditsi, Na Lucy Williamson
    • Igikorwa, BBC Paris
  • Yatangajwe

Haheze umunsi atsinze igice ca mbere c'aya matora, Emmanuel Macron yisanze ariko aranyinyana mu majambo bavugira hejuru n'umukozi akura amenyo.

Ata kurenganya, umwe muri bo mu vy'ukuri niwe yariko aravugira hejuru kandi ntiyari Macron, ariko amajambo bishuranye, mu gisagara ca Denain cahoze cimbwamwo ubutare, ahishura imero yashikanye prezida w'Ubufaransa ku butegetsi haraheze imyaka itanu. Ni iyo mero nyene ubu yatumye abatora benshi bamwanka.

Elodie, uwo mukozi akura amenyo, yari yarakaye. Yavugiye hejuru anegura ururimi "rutukana" rwa prezida igihe yavuga abatariteza urucanco rwa Covid.

Macron yabwiye uwo mugore ko amajambo yiwe yayafashe ukutari ko. Elodie yavugirije urwamo kandi amakori (taxes) n'ibiciro biguma biduga.

Prezida yavuze ko yagabanuye amakori kandi ko aho uwo mugore atariko aravuga uko ibintu bimeze.

"Waragabanuye amakori (taxe)?" aca aramubaza, ubona ko atemeye ivyo amubwiye.

"Wewe uraherutse kuja kunywesha igitoro ubwawe? Mbe uhembwa angahe ku kwezi?"

"Si jewe ngenzura amasoko mpuzamakungu," Macron arishura.

Elodie ati: "Ndabona ko tudashobora kwumvikana."

"Ariko birakenewe cane ko nsigura", uwo ni Macron asubije.

Umukuru w'Ubufarasa yamye ari umuntu yumva ko afise inyishu ku bibazo vy'igihugu. Kandi, ko aronse akaryo ko gusigurira abandi ingene yiyumvira, nabo boheza bakabibona.

Ukwo kwiyemera kwatumye avuga amajambo maremare, akarira abagira imyiyerekano - n'uko abantu bamwe bamwe bafata ko Macron atumviriza.

N'imbere y'uko atorwa, yaboneka nk'uwufise injiri yisangije y'umugambi afitiye Ubufaransa. Atari uko, honyene vyari kugenda gute ngo umugabo w'imyaka 39 yitoje ubwa mbere abe umukuru w'igihugu?

Alain Minc, umujenama akomeye muri poritike ari mu bagira inama Macron kare cane, avuga inkuru y'ingene yahuye n'uwo yari agiye kuzoba umukuru w'igihugu mu myaka ya mbere ya 2000.

"Ndababwira amajambo ya mbere navuganye na we. Yaraje kungendera, akiri umugenduzi w'amafaranga akiri muto hanyuma ndamubaza: "Uzoba uri iki mu myaka 20 iri imbere? Macron arishura, 'Nzoba ndi umukuru w'igihugu'. Narumiwe."

Haheze imyaka 15, ico gihe ari umushikiranganji ajewe ubutunzi, Emmanuel Macron yatanguje umugambwe wiwe wa poritike, En Marche.

Ata mugambwe n'umwe ukomeye mu iyihasanzwe umushigikiye, mu ntango nta bantu benshi bamuha amahirwe kuko bavuga ko akiri muto cane kandi ata burambe afise; "ifuro rya shampanye" rizotuma imbere y'uko umunsi w'amatora ugera.

Umwe muri bagenziwe w'umushikiranganji muri reta y'aba Socialiste yarashinyaguriye umugambwe wa Macron - abanywanyi bawo bataziriwe "Les Marcheurs" - mu gushira video y'itanguzwa ryawo ku mbuga hwaniro, iherekejwe n'indirimwo yitwa 'I Walk Alone' (Ntambuka Ndi Jenyene).

Ariko mu nyuma siko vyahavuye bigenda.

Macron yari afise igihamana kitari gike mu mwiyamamazo wiwe wa mbere w'amatora.

Abakeba biwe mu migambwe mikuru y'aba Socialiste n'aba Republicain yasize urubuga runini rwa poritike hagati na hagati mu rukino rwa poritike - urubuga yabona ko yofata.

Hanyuma uwari akomeye mu bitoza ku giti c'aba Republicain, François Fillon, aca ahura n'ibibazo vy'akamaramaza kajanye n'amafaranga mu gihe co kwiyamamaza.

Ariko aho Macron ashaka kwerekeza Ubufaransa hari hatomoye, kandi hari hashasha, kandi hasigurwa n'inguvu kandi n'umwete mwinshi.

Mu bikorane vyo kwiyamamaza, uwo yariko aritegurira kuba umutegetsi yasa n'uwitangira uwo mugambwe atiziganya. Yavugana ibishobisho, nk'uwuzanye urukiza, yarasemerera, umutwe akanaga, agata amaboko, abwira abamukurikira ko abakunda, ko abakeneye. Wamenga ni umuririmvyi wa rock ariko arakina poritike.

Vyagaragara nk'uko hari umuyaga mushasha uriko urahuhura muri poritike mu Bufaransa, uzanye icizere c'uko bose bayironkamwo ikibanza hamwe na demokrasi. Ivyo vyose biriko biraronderwa n'umugabo umwe.

Imbere yo kwubaka integuro y'imigambi ya poritike, abo muri En Marche babanje kugirisha ibiganiro abatora 25.000 mu gihugu cose, baja ku nzu ku nzu babaza abantu ibibazo bibiri: Ibigenda neza mu Bufaransa ni ibihe, ibitagenda neza ni ibihe?

Ariko umwanditsi w'ibitabo vy'ubuzima bw'abanyaporitike Marc Endeweld avuga ko, n'ubwo yari afise ishusho ya demokrasi nshasha y'abantu bari ku murongo w'urugero rumwe, Macron yamye ariwe aba afise ubutegetsi.

"Utegerezwa kubona ko impera n'imperuka, En Marche ari ikintu c'ubutegetsi buva hejuru bukamanuka," nk'uko yambariye ico gihe.

"Ugiye kubiraba nta muyobozi w'imyiyamamazo ahari. Emmanuel Macron imigenderanire yiwe yayishize mu bisata, kandi afise we nyene ubwiwe ingene yumva ubutegetsi."

Emmanuel Macron yari afise ibintu bibiri arushije abandi igihe yitoza ubwa mbere mu kibanza c'umukuru w'igihugu ubu atoba agishingirako amahirwe.

Ico gihe, yari umuntu mushasha ku rubuga rwa poritike rwacotse - akiri muto kandi asa n'uwutazwi. Kandi aho ashaka kujana ibintu hamwe n'ivyo yemerera Abafaransa navyo ntacari bwabihinyuze mu bibazo bikomeye vya poritike mu Bufaransa.

Ubivuze neza, mu ntango yagirijwe ko aho ahagaze hadasobanutse neza, ko ari vyose ku bantu bose, ko avuga "vyose kandi ataco avuze".

Ico gihe umu-Socialiste Martine Aubry yavuze ati: "Iyo ibintu bidasobanutse neza, akenshi haba hari ikintu cinyegeje kizogukomora".

Ico Macron yiyemeza, co gusambura imigambwe ya kera ikurakuranwa muri reta agashinga umugambwe mushasha wo hagati na hagati uvuye mu bimanyu vy'iya kera, bisigura kuba ikiraro gihuza inkombe zamyeho muri poritike mu Bufaransa co gukwegakwega abatora bo ku mpande zompi.

Yari afise ivyiyumviro vyuguruye ku bibazo vy'imibano - uburengenzira bw'abagiranira imigenderanire mpuzabitsina n'abo babihuje n'ukungana kw'ibitsina, nk'akarorero - ivyo akaba yarabishigikiweko n'aba-Socialiste (gauche/left); ariko kandi yari afise intumbero yuguruye ku bibazo vy'ubutunzi, yemera ko abagwizatunga bokworoherezwa kugira ubutunzi bukore neza, ivyo navyo bikaba vyakweze abatora benshi b'aba-Republicain (droite/right). Uko kuba "hagati na hagati ku mpande zompi" cari ikintu gishasha mu Bufaransa.

Yatsinze amatora yo mu 2017, nk'uko yari yarabitegekanije, ashigikiwe n'abatora bo hagati na hagati ku mpande zompi, biyungiye ku mukuru w'igihugu w'ivyiyumviro vyuguruye kandi ashira imbere ishirahamwe rya Buraya. Ariko inyuma y'imyaka itanu ku butegetsi, ubu ugushigikirwa kwimukiye mu ba-Republicain, kandi ubu ku ruhande rw'aba-Socialiste hari benshi batakimwishimiye cane.

Macron yaragwije ubuzi, yasohoye miriyaridi zo gushigikira abakozi n'abagwizatunga mu gihe ca Covid, kandi yasohoye amafaranga yo gutuma ibiciro vy'ibitoro na gaz bitaguma biduga cane mu Bufaransa mu mezi atandatu aheze.

Ariko we yemera ko amahinduka y'ubutunzi, mu kworohereza abagwizatunga no gusaba abakozi kwitanga gusumba, ariyo nzira yo kugabanya ubukene no kuronka uburyo bwo gushira mu migambi nkoramutima ku bo muri gauche. Aho kuzana inyishu yo hagati na hagati, vyatumye ubutandukane bwa poritike no hagati y'imice mu mibereho busubira gukomera.

Hanyuma zimwe mu ngingo zikomeye, zafashwe akimara kuba umukuru w'igihugu, zabaye nk'ibimenyetso vy'igifatwa nko "guhemukira" umuce w'abakozi batobato mu Bufaransa - vyatumye ahabwa itazirano rya "Prezida w'Abantunzi".

Ingingo yiwe yo kugabanya ikori ku batunze cane mu Bufaransa biracarya benshi mu batora bo muri gauche. Uretse kubona ko ari poritike y'amakori, bavuga ko isa n'iyirekana ivyo ashira imbere kuruta ibindi ivyo ari vyo, kandi yagaragaje akagaye ku batora.

Ni bene abo batora bataronse ivyo bari biteze ubu Macron ariko ariruka inyuma mu bice nk'igisagara cahoze cimbwamwo ubutare ca Denain, imbere y'uko ahiganwa mu gice ca kabiri n'indongozi ya extreme droite Marine Le Pen muri iyi ndwi.

Amajambo rero yateranye na Elodie, umukozi akura amenyo, niyo majambo yagumye aterana n'abamugwanya kuva ashitse ku butegetsi - kuva ku masendika gushika ku bagira imyiyerekano biyita 'gilets jaunes': Ubufaransa butegerezwa kwinjiza amafaranga kugira buronke ayo bukoresha.

Kwagirizwa ko ari umukuru w'igihugu w'abatunze ntibijana neza n'ivyo prezida Emmanuel Macron akunda kwivugako.

Mu myaka itanu iheze, igihe yari mu myiyamamazo yo kwitoza nk'umukuru w'igihugu, umumenyeshamakuru yagarutse kuri kahise ka Macron nk'uwahoze akora mu mabanki, yibaza niba ashobora gukwegakwega amajwi y'abakozi batobato.

Ico gihe uwo yariko ararondera kuba umukuru w'igihugu ntiyihanganye mu kwamirira kure iciyumviro c'uko ari mu mugwi w'abaza imbere mu bandi mu mibereho.

Biboneka ko bimukoze ahababaza, yaciye avuga ati: "Navukiye mu gisagara co mu ntara, mu muryango ata na hamwe wari ufise wohurira n'abamenyeshamakuru, abanyaporotike b'abanyamabanki.

"Iyo mvuga ko ndi umukandida w'abakozi n'imice yo hagati, ndabivuga nemye."

Avuga mu gitabo c'ubuzima bwiwe ko ba sekuru na ba inakuru bari umwigisha, umukozi wo kw'ibarabara rya gariyamoshi, umukozi w'imibano, n'umuhinga mu kwubaka amabarabara.

Inakuru avyara se, Manette - ariwe yari umwigisha - yagize uruhara rudasanzwe mu buzima bwiwe, niwe yamwigishije gusoma ibitabo n'akaranga, anamwigisha ingene biyumvira.

Ariko yanamuhaye ikindi kintu yari gukoresha mu kurondera gushika ku butegetsi. Nyina wa Manette ubwiwe ntiyari yarize, inkuru rero y'umwe mu bamwamukako ariko ararondera gushika ku kirimba ca Champs Elysee yari harabaye y'akaroruhore - akaroruhore kurusha harabaye y'umuhungu w'umuganga w'udutsi nsozabwenge (neurologue/neurologist) yize ku mashure y'abikorera ivyabo, mu nyuma akitoza kuba umukuru w'igihugu inyuma yo gukora muri banki y'imitahe.

Ukuri ni uko kahise k'umuryango wa Emmanuel Macron ari inkuru yo kugerageza kugabanya ubutandukane hagati y'imice y'abantu, nk'uko mu nyuma yahavuye agerageza kubigira muri poritike.

Ukuba yiyemera cane mu cerekezo ciwe n'ingene yihweza ibintu yazanye ku butegetsi biranabonekera kandi no mu buzima bwiwe bwite. Umugore wa Macron, Brigitte, yigeze kuba ari umwigisha wiwe w'ivyese (drama) - amurusha imyaka 24 y'amavuko kandi, ico gihe, yari afise umugabo n'abana batatu.

Igihe yava kw'ishure uwo mugore yigishako afise imyaka 16, Macron yari yamaze kurahira ko azomurongora.

Brigitte yabwiye ikiganiro co mu Bufaransa ati: "Twama turiko turahamagarana tukamara amasaha n'amasaha kuri terefone.

"Buke buke, araruha aranesha ukwihagararako kwanje, mu buryo bw'igitangaza, n'ukwihangana kwinshi."

Bagize ubugeni mu 2007.

N'inkuru y'urukundo itamenyerewe, kandi umwe mu bandika ku buzima bwa Macron, Anne Fulda, avuga ko ari inkuru bompi bahisemwo kutamenyekanisha gushika yitoze kuba umukuru w'igihugu.

Mu 2017 Fulda yambariye ati yashaka kwerekana ko "niba yarashoboye kuresha umugore yamurusha imyaka 24, bitabonwa neza, abantu babitera akajisho, hari ababishinyaguriza, arashobora no gutahukana Ubufaransa nk'uko nyene."

Ariko none arashobora kwongera kubishikako?

Bibiri mu bintu yaharurako ubuheruka ubu ntavyo agifise: ntakiri umuntu mushasha muri poritike, kandi imigambi yiwe ntikiri iy'icerekezo c'aho ashaka kujana Ubufaransa kidasobanutse neza kandi kitarahura n'ibihuhusi vya poritike.

Ikintu kimwe kikiri nk'ubwa mbere n'ubu n'uwo bazohiganwa mu gice ca kabiri, indongozi ya extreme droite, Marine Le Pen, n'ubwo amanota yo muri iri higanwa ashobora kwegerana cane gusumba mbere.

Mu myaka itanu iheze, umujenama wa poritike Alain Minc yavuze ko ikiringo ca Macron ku butegetsi kigenze neza cari gusigura 'kwiyumva mw'ishirahamwe rya Buraya gusumba, kugabanuka kw'ubushomeri, hamwe n'isubira hasi ry'ivyiyumviro vya extreme droite".

Yambwiye muri iyi ndwi ati : "Mfatiye ku vyo nari nafatiyeko ico gihe, kwiyumva mw'ishirahamwe rya Buraya gusumba carashitsweko, no kugabanuka kw'abatagira akazi carashitsweko, igabanuka rya extreme droite (abahagaze cane ku kudashima abanyamahanga) - aho yarananiwe."

Aho bibabarije ni uko ari Emmanuel Macron yafashije umugambwe wa Marine Le Pen kuba nk'iyindi hanyuma akamwinjiza mu ruhari nyamukuru rwa poritike igihe, haraheze imyaka itanu, yahindukiza poritike nk'urugamba rw'umuntu ku wundi hagati ya poritike yiwe ishira imbere ubugwizatunga n'ishirahamwe rya Buraya, hamwe na poritike ya Le Pen ishira inyugu z'igihugu imbere y'ibindi vyose mu buryo burenze urugero.

Urwo rugamba n'ubu ruracagwanwa.

Ikigoye ubu n'igitigiri kiguma kiba kinini c'abatora babona ko uko umwanya uhera ariko batabona neza uwoba mubi kurusha uwundi mu gutwara Ubufaransa: indongozi ya extreme droite avuga impinduka, canke indongozi yo hagati na hagati (centriste) atumviriza.

N'imbere y'uko uwo yagira inama atorwa ubwa mbere, Alain Minc yari yaratanze imburi ko Macron azoba "umunyagitugu, umunyaporitike cane, umukuru w'igihugu cane".

"Iyo abantu bavuga ngo aracari muto cane, azoba umukuru w'igihugu yoroshe - emwe!"

Inyuma y'imyaka itanu, na Minc ubwiwe avuga ko uburyo prezida atwara abugereranya "n'ubutegetsi bwa Napoleon."

Emmanuel Macron amaze indwi zibiri ziheze agerageza kwiyegereza abamugwanya, asubiramwo indinganizo yo kuja mu za bukuru, kandi yiyemeza gushira mu migambi yiwe y'imbere ikoreshwa ry'ibidukikije.

"Kugira asubire gutorwa, inyuma yo gutwara igihugu imyaka itanu, coba ari ikintu gikomeye cane ashitseko," nk'uko Minc abivuga. "Nizeye ko ico kintu gikomeye kitazokwongereza ukwiyemera kwiwe. Nizeye ko azohinduka, ariko ndabifiseko amakenga."