Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Amatora ya France: Macron na Le Pen bagiye guhangana mu gice ca kabiri
- Umwanditsi, Na Paul Kirby
- Igikorwa, BBC News, Paris
- Yatangajwe
Emmanuel Macron niwe ari imbere mu gice ca mbere c'amatora y'umukuru w'igihugu yaraye abaye mu Bufaransa, akaba ahanganye n'umukeba wiwe Marine Le Pen wo ku ruhande rw'abagendera ku vyiyumviro vya kera mu gice ca kabiri c'aya matora.
Macron yabwiye abanywanyi biwe ati: "Ntihagire uwihenda, ibintu ntibiradadanuka".
Yaratsinze cane igice ca mbere c'aya matora, ariko ivyiyumviro biva mu batora vyerekana ko bashobora kwegerana cane mu gice ca kabiri.
Umupfasoni Le Pen atera akamo abadashigikye Macron bose kwifatanya nawe "tukagarukana Ubufaransa ku murongo".
Mu gihe amajwi 97% amaze guharurwa, Emmanuel Macron afise 27.6% y'amajwi, Marine Le Pen nawe 23.41% mu gihe Jean-Luc Mélenchon na we afise 21.95%.
Umukandida wo ku ruhande rw'abashaka ko ibintu bihinduka Jean-Luc Mélenchon yavyifashemwo neza gusumba mbere mu myaka itanu iheze kandi ubu akaboneka ko ari we afise ububasha bwo kubanguranya.
"Kirazira guha ijwi na rimwe Marine Le Pen," niko avuga mu kugabisha abanywanyi biwe, ariko nta kintu na kimwe yavuze co gushigikira umukuru w'igihugu, nk'uko bimeze ku bandi bakandida.
Mu masaha yo ku mugoroba w'ejo, abanywanyi ba Mélenchon baranakoraniye ku biro bikuru vyiwe bibaza ko yari kuba n'uwa kabiri ariko siko vyagenze.
Mu gihe yaronse ayarenga ica gatanu c'amajwi yose, abatoye Mélenchon bashobora kuba ari bo bafise urupfunguruzo rw'igice ca kabiri c'aya matora, ariko birashoboka ko benshi muri bo bashobora kutitabira igice ca kabiri abandi ntibagire aho bahagaze.
Hitoje abantu cumi na babiri, ariko aba ni bo batatu bonyene baronse amajwi arenga 10%.
Abenshi mu batora basa n'ababonye ko vyoba vyiza bitoreye muri abo batatu, kuko babona ko abo bandi icenda ata mahirwe na makeya bari bafise yo kuja mu gice ca kabiri.
Abenshi muri aba icenda vyaraboneka ko ata mahirwe menshi bari kuronka, ariko amatora ya 2022 azokwama yibukwa ku makuba ashikiye imigambwe ibiri yigeze kuba ari yo yama irongora Ubufaransa, Abarepubulika n'Abasosiyaliste. Yose isa n'iyagiye akagirire, aho umusosiyaliste Anne Hidalgo atashikanye na 2%.
Valérie Pécresse wo ku ruhande rw'aba Repubulika yari amaze amezi make ari mw'ihiganwa. Yarakubiswe bimwe bibi, umugambwe wiwe ukaba utanaronse na 5% akenewe kugira ngo usabe ko wosubizwa uburyo wakoresheje mu matora.
Iyi ni inkuru y'incamugongo ku mugambwe usanzwe uriko uratabagurika. Imigambwe inaniwe no gushikana 5% ironka gusa ama Euro 800,000 atangwa na reta mu kwitegurira matora , mu gihe Abarepubulika bakoresheje amafaranga arenga kure n'iyo ico gitigiri.
Imyiyamamazo y'igice ca kabiri iratanguye ubu nyene
Urugamba rwo kurwanira amajwi ruratanguye atavyo gufyina birimwo.
Marine Le Pen ashobora gushigikirwa n'abanywanyi ba Eric Zemmour yaje ku mwanya wa kane kubera poritike yiwe ishira imbere inyungu z'Ubufaransa hejuru y'ibindi (nationalism), ku majwi 7%.
Eka na Nicolas Dupont-Aignan na we nyene aramushigikiye. Ibi bisigura ko amaze kuronka 33% y'amajwi yose.
Abajejwe amatora ku ruhande rwa Macron baza bariko barategura urukurikirane rw'amakoraniro manini hamwe n'ibiganiro bikomeye ku mboneshakure.
Abenshi mu bakandida bo ku ruhande rw'abashaka ko ibintu bihinduka (la gauche/the left) baramushigikiye, nka Valérie Pécresse, mbere uwigeze kwiyamamaza ku ruhande rw'aba Sosiyaliste Ségolène Royal avuga ko umukuru w'igihugu ubu ari ngombwa "gutsinda".
Ashikiriza ijambo abanywanyi biwe, Perezida Macron yasa n'uwuvuga yishigikiye akaba yabemereye ko agiye gukora cane gusumba mu gice ca mbere c'imyiyamamazo. Yatanguye imyiyamamazo mu misi umunani imbere y'aha, umutwe wose ukaba wari ku ntambara ya Ukraine.
Ati: "Iyo aba bantu bagendera ku vyiyumviro vya kera bikaze mu buryo ubwo ari bwo bwose bafise ikibanza kinini mu gihugu, ntidushobora kuvuga ko ibintu bimeze neza".
Yarabwiye ijambo n'abanywanyi ba Le Pen nabo nyene ati: "Ndashaka kubereka mu misi mike iri imbere ko imigambi yacu ari inyishu nyayo ku bwoba bafise n'ibibazo bibahanze muri kino gihe".
Umupfasoni Le Pen avuga ko iki gihe ari ico "impinduka zikomeye", ku wa 24 z'uku kwa kane bazotora abantu bafise ivyiyumviro bidasa na gato: "Hagati y'amacakubiri n'akajagari, canke ugusubiza hamwe Abafaransa n'uburenganzira kuri bose".
Yubakiye imyiyamamazo yiwe ku buzima busanzwe buzimvye ku mugabane wose wa Bulaya, yemerera abanywanyi ko azogabanya amakori, akanafuta ikori ku mwimbu ku bantu bari musi y'imyaka 30.
Ntiyibanda cane ku gushira imbere inyungu z'Ubufaransa gusa, ariko arashaka ko haba kamarampaka ku bijanye no guhagarika uruja n'uzura rw'abimukira mu gihugu, impinduka zikomeye mw'ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Bulaya hamwe no kubuza za nyambaro za hijab z'aba-Islam mu bibanza bihuriramwo abantu benshi.
Imyiyamamazo yagiye gukomera cane mu ndwi zibiri za nyuma, ubwa mbere kubera ikiza ca Covid hanyuma haca haza intambara y'Uburusiya. Ariko igitigiri c'abatoye si gito nk'uko bari bavyiteze, kuko gishika hafi ku 75%.
Mw'ijambo yashikirije, vyarumvikana neza ko Macron ategura gukora urugamba rukomeye ku migenderanire ya hafi cane umupfasoni Le Pen afitaniye n'Uburusiya. N'aho yiyamirije intambara ya Vladimir Putin, yaramugendeye imbere y'amatora aheruka kandi umugambwe wiwe warahawe ingurane n'Uburusiya.
Macron ashaka ko Ubufaransa bwunga ubucuti n'ibihugu bikomeye bishira imbere demokarasi kugira ngo bushobore kwikingira, nk'uko abivuga, ha kugira igihugu kizokwitandukanya n'Ubulaya kikarangwamwo n'abanka abanyamahanga.
Ica kane c'abatora bashigikiye umukuru w'igihugu, n'aho abarenga ica gatatu bari hagati y'imyaka 18 na 24 bahisemwo Jean-Luc Mélenchon nk'uko bivugwa n'ikigo Elabe gikora ivyigwa ku matora.
Marine Le Pen yavyifashemwo neza mu bantu bari hagati y'imyaka 35-64, mu gihe umukuru w'igihugu yakunzwe n'abarenza imyaka 65.