Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ntahokatarondererwa: Omar Niyokindi yize kuvura muri kaminuza ariko ubu ni kimyozi
Omar Niyokindi yahejeje kaminuza mu buvuzi mu 2017, amaze gusaba akazi henshi arakabura, ubu akora akazi ko kumwa imishatsi.
Ako kazi yari asanzwe agakora kuva yiga mu mwaka w'indwi mu 2004, gushika aheze kaminuza.
Avuga ko kagiye karamufasha kwigurira ibintu vya nkenerwa yakenera kwishure.
Agira ati:"Natanguye kumwa niga mu mwaka w'indwi. No muri kaminuza ndonse akanya naca nja kumwa."
Omar Niyokindi, yize mu gisata co kuvura abantu muri kaminuza (Soins Infirmier), aho yaronse urupapuro rw'umutsindo mu 2017.
Avuga ko yagerageje kurondera akazi nk'uko bigenda kuri buri munyeshure arangije amashure arabura.
Agira ati:"Kuva ndangije kaminuza, maze gusaba akazi ahantu harenga cumi ariko ndakabura.
"Naciye mpitamwo kubandanya umwuga wo kumwa nari naramenyereye kandi urantuze."
Niyokindi avuga ko ku kwezi adashobora kubura n'imiburiburi 300.000 Fbu (150$) ku kwezi.
Ayo mahera avuga ko amufasha mu gutunga umuryango wiwe ugizwe n'umupfasni n'abana batatu, mbere akaba amaze no guha umutahe umupfasoni wiwe.
Abantu bamubona gute
Umwuga wo kwuvura abantu nigiye izina ryawo ntirihinduka, n'ubu ni ko banyita.
Agira ati:"Hari igihe haza abo twiganye canke abagwayi navuye kwimwesha, bikabatangaza basanze ari jewe ndiko ndamwa.
"Kandi bose bampamagara muganga."
Omar avuga ko bishika abo bakorana batize bakamubwira bakamubwira ko nimba ari ukwiga kaminuza ugahereza kuza kumwa ata co bimaze. Ariko we si ko abibona.
Agira ati:"Muvyo ukuri, kwiga ni vyiza. Ariko mu gihe utararonka akazi k'ivyo wigiye ntiwoca urera amaboko. Nta kazi kabi kabaho.
Avuga ko ubu hari abanyeshure benshi bamaze kubona kure, usanga bakora ubuzi butandukanye, harimwo gushona canke gukora imodoka mu kwironderera ico bakora.
Igihe hariko harashingwa umugambi ujanye no gutanga akazi ku rwaruka mu Burundi mu 2019, igisata ca Onu kijejwe iterambere PNUD, cavuze ko ubushomeri mu rwaruka buri ku ncuro zitatu ugereranije n'abantu bari hagati y'imyaka 25-64.