Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Rwanda: Ikigega AFD ca France kigiye kugarukana Igifaransa mu mashure
Ikigega mpuzamakungu c'Ubufaransa kijejwe iterambere, Agence Française de Développement, AFD, caraye gisubiye kwugurura imiryango mu Rwanda inyuma y'imyaka 28 kidakorera muri iki gihugu.
Ibikorwa vya AFD bitanguriye ku mugambi munini wo kwigisha ururimi rw'Igifaransa mu gihe umubano w'Urwanda n'Ubufaransa ugenda utera imbere.
Ururimi rw'Igifaransa rwasa n'urwaciwe mu mashure y'Urwanda guhera mu mwaka wa 2006, igihe iki gihugu gihagarikiye imigenderanire n'Ubufaransa.
Umuyobozi w'iki kigega avuga ko ibikorwa vyaco vyari vyahagaze mu 1994, bikaba bisubiye gutangura inyuma y'ibiganiro vyari bimaze imyaka ishika itatu.
Remy Roux yateye igikumu ku masezerano y'umugambi w'imyaka ine wo kwigisha igifaransa mu mashure y'igihugu cose uzotwara imiriyoni zababa 200 z'amafaranga y'ama euro, ni ukuvuga imiriyaridi zigera kuri 250 z'amafaranga y'amanyarwanda.
Roux ati: "Twishimye gufasha Urwanda kuba igicumbi c'indimi zitandukanye mu karere dufatanije n'ishirahamwe ry'ibihugu bikoresha ururimi rw'igifaransa".
Ku ruhande rw'Urwanda, umushikiranganji w'indero, Valentine Uwamariya, avuga ko ubushikiranganji arongoye bwiteguye gusubira kwakira Igifaransa mu mashure, mu gihe cari kimaze imyaka yababa cumi caraciwe mu mashure.
Umushikiranganji Uwamariya ati: "Kwigisha ururimi rw'igifaransa ku mice yose y'indero, ni ukuvuga mu mashure matomato, ayisumbuye na kaminuza, kwigisha abarimu ni umugambi w'imyaka ine, bisigura ko inyuma y'iyi myaka ine twotegerezwa kuba twamaze guha abigisha bacu ubushobozi bwo kubandanya bigisha uru rurimi.
"Imfashanyo ya AFD ni iyo kudufasha kurwigisha no kurutsimbataza, hanyuma inyuma y'iyo myaka ine tukaba dushobora kubandanya turwigisha ata ngorane".
Mu ntango, ikigega AFD kigiye kurungika mu Rwanda abigisha b'igifaransa bashika 70 bazotangurana n'umwaka uza w'amashure uzotangura mu kw'icenda.
Uwu mugambi wo kugarukana Igifaransa mu mashure yo mu Rwanda uje inyuma y'uwundi usa nawo uherutse gutangurwa n'ishirahamwe ry'ibihugu bikoresha ururimi rw'Igifaransa rirongowe n'umunyarwandakazi Louise Mushikiwabo.