Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
CECAFA U 23: Umumenyereza w'ikipe y'u Burundi avuga ko gushika muri 1/2 bitari vyoroshe
Umumenyereza w'ikipe y'u Burundi y'abari munsi y'imyaka 23 avuga yuko umukino wabahaye itike yo kuja mu ca kabiri c'ihiganwa rya CECAFA bayikuye kure.
Jimmy Ndayizeye yavuze yuko abakinyi biwe bategerejwe gukora iyo bwabaga kugira bikure imbere ya Ethiopia bakanganya 1-1.
U Burundi bwari bukeneye inota rimwe gusa kugira burengane nyuma yo gutsinda Eritrea mu rukino rwa mbere ibitsindo 3-0.
Umumenyereza Jimmy Ndayizeye yagize ati: "Novuga yuko rutari urukino rwari rworoshe kuri twebwe [...] Ethiopie kuva match itangura gushika ihere baturushije bakinira muri 'camp' yacu, hanyuma badutangura igitsindo ariko ntitwigeze ducika intege."
Ikipe Intamba mu Rugamba yari ikeneye kunganya muri uru rukino kugira ibandanye mu ca kabiri c'ihiganwa, umumenyereza Ndayizeye akavuga ko ashimiria cane abakinyi biwe.
Yagize ati: "Ndashimiye cane abakinyi banje ingene bashoboye gukina. Ni match twari dukeneyemwo inota rimwe kugira dushobore kurengana. Ni urukino rutari rworoshe."
Mu ca kabiri c'ihiganwa u Burundi buzohura n'igihugu ca Kenya kandi umumenyereza Jimmy Ndayizeye aremera ko naho nyene bitazokworoha kuko ikipe ya Kenya ifise inguvu hamwe n'ubuhinga.
Yagize ati: "Naragerageje kuraba uko bakina, tugiye kubikorerako muri entraînements nka zibiri tugiye gukora turabe yuko dushobora kubatsinda."
Izi nkino za CECAFA z'abatarenza imyaka 23 zibera mu muji wa Bahir Dar mu gihugu ca Ethiopia.