Amwe mu mafoto yaranze akarere n'ayavuye ahandi muri ino ndwi ya 13 gushika 20 z'ukwa kabiri 2022

Yatangajwe

Amwe mu mafoto meza twabacaguriye mu karere, muri Afrika n'ahandi kw'isi

Evariste Ndayishimiye

Ahavuye isanamu, NTAHE HOUSE

Insiguro y'isanamu, Inyuma y'inama yahuje abategetsi b'ibihugu bigize ubumwe bwa Bulaya hamwe n'abategetsi b'ibihugu vy'Ubumwe bwa Afrika ku wa 17-18 ruhuhuma 2022, Perezida Evariste Ndayishimiye w'Uburundi yari yitavye iyi nama, yarabonanye, ari kumwe n'umutambukanyi wiwe, n'abarundi baba mu Bubirigi aho baganiriye ku bibazo bitari bike vy'igihugu n'ico umwe umwe wese yoterera mu kwubaka igihugu, hari ku wa gatandatu 19/02/2022
Ndayishimiye

Ahavuye isanamu, NTARE HOUSE

Insiguro y'isanamu, Muri uwu mubonano n'Abarundi baba mu Bubirigi, haraganiriwe ibibazo bitaro bike vy'igihugu n'ico umwe umwe wese yoterera mu kwubaka igihugu, hari ku wa gatandatu 19/02/2022
Pierre Claver Mbonimpa

Ahavuye isanamu, NTARE HOUSE

Insiguro y'isanamu, Uwu mubonano hagati ya Perezida Evariste Ndayishimiye n'abarundi baba mu Bubirigi wari witabiriye n'abantu batandukanye harimwo n'abaserukira amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike. Uyu ni Pierre-Claver Mbonimpa, umukuru w'ishirahamwe APRODH, yahawe ijambo arashikiriza ibibazo vyiwe, aho asaba ko ubutungane bwomutunganiriza
Gabriel Rufyiri

Ahavuye isanamu, NTARE HOUSE

Insiguro y'isanamu, Mu bitabiriye kandi uwu mubonano, harimwo Gabriel Rufyiri (i buryo) arongoye ishirahamwe OLUCOME ryishize kurwanya abarya ibiturire n'abasesagura itunga ry'igihugu
Neva

Ahavuye isanamu, NTARE HOUSE

Insiguro y'isanamu, Uwu mubonako kabaye akaryo keza ko kwimviriza iryo abarundi bari mu Bubirigir bagona ku bijanye n'ubuzima bw'igihugu
Mu mwanya w'akaruhuko k'iyi kana, Perezida Evariste Ndayishimiye yagiye abonana n'abategetsi batari bake bari bayitavye. Aha yariko aganira na Perezida Samia Suluhu Hassan wa Tanzania

Ahavuye isanamu, NTARE HOUSE

Insiguro y'isanamu, Mu mwanya w'akaruhuko k'iyi kana, Perezida Evariste Ndayishimiye yagiye abonana n'abategetsi batari bake bari bayitavye. Aha yariko aganira na Perezida Samia Suluhu Hassan wa Tanzania
Aha yariko aganira n'uwari arongoye intumwa za Bulgarie

Ahavuye isanamu, NTARE HOUSE

Insiguro y'isanamu, Aha yariko aganira n'uwari arongoye intumwa za Bulgarie
Mu bandi bantu benshi babonanye na Ndayishimiye harimwo Jutta Urpilainen, komiseri ajejwe ugufashanya n'ayandi makungu (partenariats internationaux) w'Ubumwe bwa Bulaya

Ahavuye isanamu, NTARE HOUSE

Insiguro y'isanamu, Mu bandi bantu benshi babonanye na Perezida Ndayishimiye harimwo Jutta Urpilainen, komiseri ajejwe ugufashanya n'ayandi makungu (partenariats internationaux) w'Ubumwe bwa Bulaya aho yamwemereye imfashanyo y'imiriyoni 194 z'ama euro mu migambi y'iterambere y'Uburundi, hamwe n'imiriyoni zindi 20 mu migambi ijanye n'ibidukikije (biodiversité)
Perezida Paul Kagame w'u Rwanda nawe nyne yari yitavye iyi nama yabaye ku wa 17-18 ruhuhuma 2022, aho mu vyo yavuze mw'ijambo ryiwe ari uko poritike nziza n'intwaro ibereye ari nk'umubiri w'umuntu ufise amagara meza. Ati: "Iyo intwaro ifise ibibazo, ni nk'umubiri ugoyagoya usanga ubaye ikiririmbiro ry'idwara z'ivyaduka z'ubwoko bwose"

Ahavuye isanamu, RWANDA PRESIDENCY

Insiguro y'isanamu, Perezida Paul Kagame w'u Rwanda nawe nyne yari yitavye iyi nama yabaye ku wa 17-18 ruhuhuma 2022, aho mu vyo yavuze mw'ijambo ryiwe ari uko poritike nziza n'intwaro ibereye ari nk'umubiri w'umuntu ufise amagara meza. Ati: "Iyo intwaro ifise ibibazo, ni nk'umubiri ugoyagoya usanga ubaye ikiririmbiro ry'idwara z'ivyaduka z'ubwoko bwose"
Imbere y'uko inama itangura i Bruxelles/Brussels mu Bubirigi, mu gatondo ko ku wa 17 Perezida Kagame yabonanye n'umushikiranganji wa mbere w'Ubugiriki, Kyriakos Mitsotakis

Ahavuye isanamu, RWANDA PRESIDENCY

Insiguro y'isanamu, Imbere y'uko inama itangura i Bruxelles/Brussels mu Bubirigi, mu gatondo ko ku wa 17 Perezida Kagame yabonanye n'umushikiranganji wa mbere w'Ubugiriki, Kyriakos Mitsotakis
Imbere y'uko yitaba iyi nama, Perezida Kagame yari yitavye inama ijanye n'incanco kuri Afrika yabereye i Marburg mu Budagi yari yatunganijwe n'ikigo gikora incanco BioNTech, aha hari ku wa 16 ruhuhuma 2022

Ahavuye isanamu, PaulKagame/Flickr

Insiguro y'isanamu, Imbere y'uko yitaba iyi nama, Perezida Kagame yari yitavye inama ijanye n'incanco kuri Afrika yabereye i Marburg mu Budagi yari yatunganijwe n'ikigo gikora incanco BioNTech, aha hari ku wa 16 ruhuhuma 2022
Aha hari ku wa 15 ruhuhuma, aho Perezida Kagame yari mu mubonano na Malu Dreyer, arongoye reta y'akarere ka Rhénanie-Palatinat, Rhineland-Palatinate, mu gisagara ca Mayence /Mainz

Ahavuye isanamu, PaulKagame/Flickr

Insiguro y'isanamu, Aha hari ku wa 15 ruhuhuma, aho Perezida Kagame yari mu mubonano na Malu Dreyer, arongoye reta y'akarere ka Rhénanie-Palatinat, Rhineland-Palatinate, mu gisagara ca Mayence /Mainz
Perezida Paul Kagame kandi yaritabiriye inama mpuzamakungu ijejwe umutekano yabereye i Munich mu Budagi ku wa 18-20 ruhuhuma 2020. Aha hari kw'igenekerezo rya 18 ruhuhuma aho yari kumwe n'abandi mu murwi bariko bahanahana ivyiyumviro ku citwa "Health Security, Small bugs, Big bombs"

Ahavuye isanamu, PaulKagame/Flickr

Insiguro y'isanamu, Perezida Paul Kagame kandi yaritabiriye inama mpuzamakungu ijejwe umutekano yabereye i Munich mu Budagi ku wa 18-20 ruhuhuma 2020. Aha hari kw'igenekerezo rya 18 ruhuhuma aho yari kumwe n'abandi mu murwi bariko bahanahana ivyiyumviro ku citwa "Health Security, Small bugs, Big bombs"
1px transparent line
Ingenzi zihagaze hampande "y'inzu icuritse" hafi ya Johannesburg muri Afrika y'Epfo ku wa kabiri 15/20/2022, iyo nzu mbere ifise n'ivyumba bicuritse

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Ingenzi zihagaze hampande "y'inzu icuritse" hafi ya Johannesburg muri Afrika y'Epfo ku wa kabiri 15/20/2022, iyo nzu mbere ifise n'ivyumba bicuritse
Umusi umwe imbere y'aho mu gisagara ca Randfontein kiri hafi ya Johannesburg, umugore yari yafashwe isanamu ahagaze imbere y'igisanamu kinini c'ijisho, ikimenyetso cerekana ko inzu ari ivuriro ry'amaso

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Umusi umwe imbere y'aho mu gisagara ca Randfontein kiri hafi ya Johannesburg, umugore yari yafashwe isanamu ahagaze imbere y'igisanamu kinini c'ijisho, ikimenyetso cerekana ko inzu ari ivuriro ry'amaso
1px transparent line
Ku musi mukuru wahariwe abakundana Saint Valentin/Valentine's Day iri duka ryo ku mugwa mukuru wa zimbabwe Harare, ryafashwe isanamu ryasizwe ibicapo vy'ibisharizo vyerekana iminwa isomana, aha hari ku wa Mungu bumca bahimbaza uwo musi

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Ku musi mukuru wahariwe abakundana Saint Valentin/Valentine's Day ku wa 14 ruhuhuma 2022, iri duka ryo ku mugwa mukuru wa zimbabwe Harare, ryafashwe isanamu ryasizwe ibicapo vy'ibisharizo vyerekana iminwa isomana, aha hari ku wa Mungu bumca bahimbaza uwo musi
Aha hari ku musi mukuru w'abakundana, ku wa mbere 14/02/2022, uzwi nka Saint Valentin/ Valentine aho umugore wo ku mugwa mukuru wa Kenya, Nairobi yari ahawe ishurwe n'uwumukunda mu guhimbaza uwo musi mukuru

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Aha hari ku musi mukuru w'abakundana, ku wa mbere 14/02/2022, uzwi nka Saint Valentin/ Valentine aho umugore wo ku mugwa mukuru wa Kenya, Nairobi yari ahawe ishurwe n'uwumukunda mu guhimbaza uwo musi mukuru
Ku wa mbere, abanya Liberia bahimbaje umusi mukuru w'imyaka 200 igihugu cabo kimaze kibayeho.

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Ku wa mbere igenekerezo rya 14 ruhuhuma 2022, abanya Liberia bahimbaje umusi mukuru w'imyaka 200 igihugu cabo kimaze kibayeho.
Ons Jabeur wo muri Tunisia yariko yitaza ngo atere umupira mw'ihiganwa rya Tennis rihuza abagore ryitiriwe Dubai Duty Free Tennis hari ku wa kabiri 15/02/2022

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Ons Jabeur wo muri Tunisia yariko yitaza ngo atere umupira mw'ihiganwa rya Tennis rihuza abagore ryitiriwe Dubai Duty Free Tennis hari ku wa kabiri 15/02/2022
Israel Adesanya wo muri Nigeria yari akubise umunya Australia Robert Whittaker mw'ihiganwa ryo kurwana , rizwi nka Ultimate Fighting Championship (UFC) ryahuza abafise ibiro biri hagati na hagati, hari ku wa gatandatu 12/02/2022

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Israel Adesanya wo muri Nigeria yari akubise umunya Australia Robert Whittaker mw'ihiganwa ryo kurwana , rizwi nka Ultimate Fighting Championship (UFC) ryahuza abafise ibiro biri hagati na hagati
Sika Kone wo muri Mali (i bubamfu) na Victoria Macaulay wo muri Nigeria bifotoje na bagenzabo ku wa Mungu inyuma yo kwitwa abakinyi batanu b'ibihangange mu murwi B mw'ihiganwa mpuzamakungu ry'umupira w'amaboko rihuza abagore ( FIBA Women's Basketball World Cup) muri Serbia.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Sika Kone wo muri Mali (i bubamfu) na Victoria Macaulay wo muri Nigeria bifotoje na bagenzabo ku wa Mungu inyuma yo kwitwa abakinyi batanu b'ibihangange mu murwi B mw'ihiganwa mpuzamakungu ry'umupira w'amaboko rihuza abagore ( FIBA Women's Basketball World Cup) muri Serbia.

aya mahpto yose afise abo yitirirwa.