Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Brittany Higgins: Inama nshingamateka ya Australia irasaba imbabazi uwuvuga ko yahafatiwe ku nguvu
Umushikiranganji wa mbere wa Australia Scott Morrison yasavye imbabazi ku mugaragaro ku wahoze ari umuhanuzi muri politike avuga ko yafatiwe ku nguvu mu nama nshingamateka n'uwo bakorana mu 2019.
Ivyashikiye Brittany Higgins vyatumye haba amatohoza yimbitse yatumye batahura "akagwi k'abahungu" bo mu nama nshingamateka gasanzwe gafise iyo nyifato.
Ugusaba imbabazi mu nama nshingamateka ku musi wa kabiri vyabaye no ku bandi bakorewe ihohoterwa rishingiye ku gitsina canke batewe ubwoba.
Morrison yari yabanje kunebagurwa ku kungene yavyifashemwo.
Umupfasoni Higgins yakoreye abashikiranganji babiri, yari yicaye mu kibanza rusangi mu nama nshingamateka yumviriza amajambo yo gusaba ikigongwe y'umushikiranganji wa mbere, ayo umukuru w'abatavuga rumwe na reta hamwe n'abandi.
Morrison yagize ati: "Nsavye imbabazi, turasavye imbabazi. Ndasavye imbabazi Higgins ku bintu bikomeye vyamushikie ngaha. Ikibanza categerezwa kuba ari co umutekano, cahindutse ico amagorwa.
"Ndasavye imbabazi gusumba no ku bandi. Kuri abo bose vyashikiye n'imbere ya Higgins... ariko yaragize ubutwari bwo kubivuga, none raba turabiteye ivyatsi."
Higgins yafashije abantu ibihumbi n'ibihumbi kuja mu myiyerekano mu mwaka uheze inyuma y'aho avugiye ivyamushikiye.
Amatohoza yakozwe mu nyuma n'uwurongoye umugwi ujejwe kugwanya amacakubiri ashingiye ku gitsina, Kate Jenkins, yasanze umukozi umwe kuri batatu bakorera mu biro vy'inama nshingamateka amaze gukorerwa ihohoterwa rihagaze ku gitsina.
Umugwi arongoye wabajije abantu 500, basoma ubutumwa barungikiwe burenga 300, hanyuma bumviriza abantu bashika ku 1.723 hamwe n'amashirahamwe 33. Icegeranyo cawo kirerekana ido n'ido ry'inyifato yaterwa n'akaboregwe mu "kubonera abantu no kubahohotera bishingiye ku gitsina."
Ikigongwe co kuri uyu wa kabiri ni kimwe mu vyasabwe na Kate Jenkins.
Morrison yaranebaguwe cane ku nyifato ya reta yiwe ku vyo Higgins yashize ahabona. Harabaye agashavu inyuma y'aho atangarije amatohoza ku nyifato yo mu nama nshingamateka mu kwezi kwa kabiri mu mwaka uheze, inyuma yaho avuganiye n'umupfasoni wiwe yamufashije mu gushikiriza uko abibona mu kugereranya umupfasoni Higgins n'abakobwa biwe bwite.
Ico gihe umwanditsi w'ibitabo Jamila Rizvi yanditse kuri Twitter ati: "Si ngombwa ko umugabo arinda kuba afise umukobwa kugira yumvire ikigongwe abapfasoni bahohotewe."
Brittany Higgins yavuze ko yafatiwe ku nguvu mu biro vy'umukoresha wiwe mu 2019, hanyuma igihe yavuga ivyamushikiye ku wari umushikiranganji wo kwivuna abansi w'ico gihe Linda Reynolds, yaciye yigizwayo, ahabwa ubufasha buke anashirwako inguvu ngo ahebe akazi.
Mu mwaka uheze, Higgins yagirije umushikiranganji wa mbere "gukoresha imvugo yo kwagiriza abakorewe icaha", imvugo "imbabaza cane kuri jewe no ku bandi batagira igitigiri babikorewe."
Uwahoze ari umunye-Australia yagize ubuhizi kurusha abandi mu mwaka, Grace Tame, na we yigeze kugirirwa ihohoterwa rishingiye ku gitsina, yise isaba ry'ikigongwe co kuri uyu wa kabiri ko ''rikomeye'' aca asaba ''ingingo mperekeza zo gukinga'' ku rubuga rwiwe rwa Twitter.
Vyitezwe ko abapfasoni Tame na Higgins bashikiriza amajambo kuri uyu wa gatatu.
Umugabo yagirizwa gufata ku nguvu umupfasoni Higgins vyitezwe ko atangura kuburanishwa mu kwezi kwa gatandatu.