Umugabo yamugaye inyuma yo gucika uruti rw'umugongo yasubiye gutambuka, bamushizemwo icuma

- Umwanditsi, Na Pallab Ghosh
- Igikorwa, Umwanditsi mu bijanye n'ubuhinga, Lausanne
- Yatangajwe
Umugabo yamugaye inyuma y'aho uruti rw'umugongo rucikiye yashoboye gutambuka kandi, inyuma yo guterwa icuma gikoresha umuyagankuba cakozwe n'umurwi w'abashakashatsi bo mu Buswusi.
Ni bwo bwa mbere umuntu yacitse rwose uruti rw'umugongo asubira gutambuka.
Ni nabwo buhinga bwakoreshejwe mu gusubiza ubuzima uwundi muntu yari yamugaye gushika n'aho asubira kuvyara.
Ubu bushakashatsi bwatangajwe mu kinyamakuru Nature Medicine gitangaza amakuru ajane n'ubushakashatsi mu vyo ubuvuzi.
Michel Roccati yamugaye biturutse kw'isanganya ry'ipikipiki, imyaka itanu iraheze. Uruti rw'umugongo rwaracitse rwose - akaba ata n'utuguvu na dukeya yari afise mu maguru.
Ariko ubu arashobora gutambura - kubera icuma gikoresha umuyagankura bometse mu ruti rw'umugongo.
Nta muntu yagize imvune yo kuri uru rugero yari bwigere asubira gutambuka.
Aba bashakashatsi bashimangira ko iki atari umuti w'imvune y'uruti rw'umugongo kandi ko ubu buhinga bukigoye cane ku buryo budashobora gukoreshwa mu buzima bwa misi yose, ariko bagashima cane ko ari intambwe ikomeye mu bijanye no gukomeza amagara y'uwamugaye.
Narasanze Michel muri laboratoire yakorewemwo iki cuma. Yambwiye ati ubu buhinga ni "umugisha kuri jewe".
"Ndahaguruka, nkagenda aho nshatse hose, ndashobora gutambuka ku ngazi - ni nk'aho ndi mu buzima busanzwe".
Si ubu buhinga bwonyene bwatumye Michel atora mitende. Uyu musore w'umutaliyano yamye afise ishaka ryo gusubirana itoto.
Yambwiye ko kuva igihe ahura n'iri sanganya, yagumye arondera ingene yotera imbere.
"Nahora nkora umukino wo guterana ingumu, nkiruka, mbere ngakora imyimenyerezo ngororamubiri mu nzu y'ibikorwa ngororamubiri (gym). Ariko inyuma y'iri sanganya, sinashoboye gukora ibi bikorwa nakunda cane, ariko sinigeze ncika intege. Sinigeze mpagarika ibikorwa vyo kwisubiza itoto. Namye nshaka gutorera umuti ikibazo canje".
Umuvuduko wa Michel mu kurondera gukira watangaje umuganga yamushizemwo ico cuma akaba n'umuhinga yafatanije intsinga z'iki cuma n'imitsi yiwe, Prof Jocelyne Bloch, wo muri Laboratoire de Neurothérapies et Neuromodulation - LNTM.
Avuga ati: "Naratangaye cane. Michel ni igitangaza rwose. Yarashoboye gukoresha ubu buhinga agenda atera imbere, amera neza gusumba".
Ubu bushakashatsi bwashigikiwe na Ram Hariharan, umuhinga mu bitaro Northern General Hospital biri i Sheffield ariko adakorana n'uyu murwi w'abashakashatsi, akaba avugira ishirahamwe Spinal Injuries Association.
Ati: "Bakoze ikintu kitari bwigere gikorwa gushika ubu.
"Si nari bwigere numva ubu buhinga, aho bashize icuma [mu murwayi yacitse rwose uruti rw'umugongo] gushika aho imitsi isubira gukora agashobora guhagarara no kugendagenda".
Ariko yongerako y'uko hagikenewe ibikorwa vyinshi vyo kugerageza ubu buhinga kugira ngo yemere neza ko ari umuti nyawo.
"Dukeneye ibiharuro vyinshi [vy'abarwayi] kugira ngo ubwa mbere tumenye ko ata ngorane butera hanyuma kandi ko bushobora koko guteza imbere amagara yabo. Ni ho dushobora kubushikana imbere."
Imitsi y'uruti rw'umugongo niyo itwara amakuru iyavana mu bwonko ikayashikana mu maguru. Rero hari bamwe baca bamugara iyo iyi mitsi yononekaye mw'isanganya.

Ku kibazo ca Michel, nta kimenyetso na kimwe gishika mu maguru kubera uruti rw'umugongo rwacitse rwose. Ariko iki cuma bamushizemwo kirashikana amakuru mu maguru bikamutuma ashobora gutambuka, ariko aho ni igihe iki cuma kiba cakije.
Gushika ubu, abantu icenda gusa nibo bamaze guhabwa iki cuma bagasubirana ubushobozi bwo kugendagenda.
Nta n'umwe muri bo agikoresha kugira ngo kimufashe gutembera mu buzima bwabo bwa misi yose - kubera gushika ubu kikigoye gukoresha. Ico bakora, bagikoresha mu kwimenyereza gutambuka - kugira ngo imitsi ntidadarare, kigakomeza amagara yabo.
David M'zee ni umwe mu barwayi ba mbere bashizwemwo iki cuma. Nk'uko vyagenze kuri Michel, yarashoboye kugendagenda n'iki cuma ariko akoreshejeje ico yishimikiza.
Amagara ya David yarateye imbere ku buryo yashoboye no kuvyarana n'umugore wiwe Janine umwana w'umwigeme, ibitashoboka inyuma y'isanganya yagize mu 2010.
Umukobwa wiwe, Zoe, ubu afise umwaka umwe. Igihe nari kumwe nabo, yarasiganywe na se wiwe akoresheje n'icishimikizo c'umwana yaryohewe cane abonye asize se wiwe.
N'umunezero mwinshi nka se w'umwana, avuga ati: "Ni ukuri ni ibintu bihimbaye cane".
"Ni ibintu biryoshe cane. Ni bwo bwa mbere njanye na we nk'uku - akoresha icishimikizo nk'umwana, nanje ngakoresha icishimikizo canje".
Kugira umuryango vyahaye David umunezero udasanzwe. Kandi iki cuma kiramufasha bukebuke, ariko mu buryo budasanzwe.
"Kiramfasha cane mu kugenzura ivuduka ry'umurindi w'amaraso. Ni ingorane maranye igihe kirekire. Ubwa mbere sinashotse ndayibona. Nama numva uburuhe igihe cose".
"Igihe tumenya ko iki cuma gishobora gutuma umurindi w'amaraso wongerekana, twagize tuti 'Ohooo, niko bimeze mu buzima!'"
Yambwiye ati: "Utu tuntu duto duto ni two dutuma ibintu bihinduka".

Haracari urugendo rutari ruto kugira ngo ubu buhinga bushobore gukoreshwa mu buryo busanzwe mu gufasha abafise ubumuga gutembera, nk'uko bivugwa na Prof Grégoire Courtine ari na we yari arongoye uyu murwi watoye ubu buhinga kw'ishure ry'ubuhinga École Polytechnique Fédérale de Lausanne (EPFL).
"Uwu si umuti ku mvune y'uruti rw'umugongo. Ariko ni intambwe idasanzwe mu gukomeza ubuzima bw'abantu. Tugiye guha abantu ubushobozi. Tugiye kubaha ubushobozi bwo guhagarara, kugendagenda. Ibi ntibikwiye, ariko ni intambwe idasazwe".
Umuti kwoba ari ugusubiza itoto uruti rw'umugongo, kumbure mu kuvura imitsi yacitse, ibi navyo bikaba bikiri ku rugero rwo hasi cane mu bushakashatsi. Prof Courtine yemeza ko iki cuma gikoreshwa muri ubu buhinga gishobora kuzokoreshwa mu buryo bwo kuvura iyi mitsi mu gihe cotangura gukoreshwa ica kera.










