Ikibumbano ca Kobe Bryant cashizwe aho kajugujugu yagiriye isanganya

Yatangajwe

Umuhinga mu gukora ibibumbano Dan Medina yajanye ikibumbano c'icamamare cakinira umugwi wa basketball Los Angeles Lakers Kobe Bryant n'umukobwa wiwe Gianna ku kibanza c'aho kajugujugu barimwo yagiriye isanganya bakarirwamwo haraheze imyaka ibiri.

Ico kibumbano gipima 73kg ni ic'imfatakibanza ariko Medina yizeye ko hazoba igihoraho kizoshirwa mu kibanza kiboneka cane muri Los Angeles.

Medina yavuze ati: "Ibi nabikoze ku gatwe kanje, nta n'umwe yansavye kubikora."

"Kuri uyu munsi, kw'isabukuru igira kabiri y'iryo sanganya, nafashe ingingo yo kukizana ngaha kuva mu gitondo gushika rirenge kugira mfashe aba fana biwe gukira buke buke umubabaro iryo sanganya ryabateye.

"Uyu munsi wari umunsi udasanzwe kuko vyinshi naravyiboneye. Abantu baraja kuza hanyuma batahe bumva ko hari ikibashimishije."

Amazina y'abantu icenda baguye muri iryo sanganya yanditswe ku ntebe y'ico kibumbano, hananditseko kandi amajambo azwi cane ya Bryant: "Intwari ziraza hanyuma zikagenda, ariko 'ba harabaye' bahoraho".