China irahakana kwinjirira poritike ya UK inyuma y'aho igisata c'igendereza MI5 kigabishirije reta

Ubushinwa burahakana kwivanga muri poritike y'Ubwongereza inyuma y'aho igisata c'igendereza MI5 kigabishirije ko hari intumwa y'ico gihugu yavogereye inama nshingamateka.
Uru rwego rujejwe igendereza ruvuga ko Christine Ching Kui Lee "yubatse ubucuti" hagati y'umugambwe urongoye Ubushinwa, Chinese Communist Party (CCP), n'abashingamateka hamwe n'abarondera kuba abashingamateka b'Ubwongereza.
Ruvuga kandi ko yahaye n'imfashanyo abanyaporitike, harimwo n'umushingamateka w'umugambwe w'Abaokozi (Labour Party) Barry Gardiner, yahawe amafaranga arenga amapawundi ibihumbi 420 (ni ukuvuga amadorari arenga ibihumbi 574 ,5).
Ubuserukizi bw'Ubushinwa i Londres bwagiriza MI5 "gucafuza no gutera ubwoba" Abashinwa baba mu Bwongereza.
Mw'itangazo ryacishijwe ku rubuga ngurukanabumenyi bw'ubu buserukizi, umuvugizi wabwo avuga ati: "Ubushinwa bwama bugendera ku ngingo yo kutivanga mu biraba ikindi gihugu.
"Ntabwo dukeneye kandi ntituzigera turondera "kugura abantu" mu nama nshingamateka y'igihugu ico ari co cose. Turarwanya dushimitse amayeri yo gucafuza no gutera ubwoba Abashinwa bari mu Bwongereza".
Nk'uko MI5 ibivuga, intumbero y'uyu mupfasoni Lee mu kwivanga mu nama nshingamateka ni "uguhagararira Abashinwa bo mu Bwongereza no gutsimbataza ubudasa".
Ariko MI5 ivuga ko ibi "vyakozwe mu kinyegero bihagarariwe n'igisata kijejwe igendereza (United Front Work Department, UFWD) c'umugambwe CCP, amafaranga akaba atangwa n'abanyamahanga baba mu Bushinwa no muri Hong Kong".
UFWD yagirizwa kurondera "gukomeza ubucuti n'abanyaporitike bakomakomeye" mu ntumbero yo kurondera ko poritike y'Ubwongereza yokworohereza umugambwe CCP hamwe no kurwanya abo bose barwanya uyu mugambwe, harimwo n'abawagiriza guhonyanga agateka ka zina muntu.
Iki gisata kijejwe umutekano kivuga ko umupfasoni Lee afitaniye "imigenderanire ikomeye n'abantu batari bake muri poritike y'Ubwongereza", harimwo n'umurwi w'abashingamateka wiyita All Party Parliamentary Group (APPG) wiswe Chinese in Britain (ni ukuvuga abashinwa mu Bwongereza) ariko ubu ukaba warasambutse.
MI5 igabisha ko umupfasoni Lee "ashobora kwifuza gushinga imirwi myinshi ya APPG [imirwi y'abashingamateka] kugira ngo ishobore guhagararira inyungu z'umugambwe CCP.
Ku wa kane, niho umushingamateka wo mu mugambwe w'abagendera ku vya kera akaba ari na we yahoze arongoye uyu mugambwe, Sir Iain Duncan Smith, yazana mu nama nshingamateka iri tangazo ryo kugabisha, yemeza ko umukuru w'inama nshingamateka yarirungikiye abashingamateka, akoresheje ubutumwa-muravyo (email).
Avuga ko ari "ikibazo gikomeye", aca asaba ko umupfasoni Lee yosubizwa iwabo kandi ko reta yogira ico ibwiye inama nshingamateka.
Umunyamabanga ajejwe intwaro yo hagati Priti Patel avuga ko "biteye amakenga" kubona hari umuntu "yivanze n'ibigirankana mu bikorwa vya poritike vy'Ubwongereza kw'izina ry'umugambwe wa gikomunista w'Ubushinwa [Chinese Communist Party] agakorana n'abashingamateka".
Ariko avuga ko Ubwongereza busanzwe bufise integuro "yo kubona umunyamahanga yivanga mu biraba igihugu".

Umushingamateka Gardiner yatanguye kuronswa imfashanyo zitanzwe n'ikompanyi y'abanyamategeko yegukira umupfasoni Lee, Christine Lee & Co, mu mpera za 2014.
Umuhungu w'umupfasoni Lee na we azwi ko yakoreye ku buntu uyu mushingamateka wo mu mugambwe w'abakozi, mu nyuma akaba yahawe akazi nk'umutunganyabikorwa wiwe.
Gardiner avuga ko yari amaze imyaka itari mike avugana n'inzego zijejwe umutekano ku vyerekeye uyo mugore.
Avuga ko umupfasoni Lee ata ruhara na rumwe yigeze agira mu kugena abashakashatsi biwe kandi ko imfashanyo zose "zamenyeshejwe".
Mu nyuma, umushingamateka Gardiner yabwiye imboneshakure Sky News ati: "Jewe uko ndabibona, ayo mafaranga yamfashije mu bikorwa nashoboye kurangura mu nama nshingamateka, hamwe n'ibikorwa nashoboye gukorera uturere twanje - yarishwe aba bashakashatsi kandi mu biviye mu muco, nta rufaranga na rumwe rwakoreshejwe ku nyungu zanje bwite".
Umukuru w'umugambwe w'abigenga (Liberal Democrat), Sir Ed Davey, na we nyene yarahawe imfashanyo y'ibihumbi 5.000 vy'amapawundi igihe yari umunyamabanga ajejwe amasoko ntanganguvu - ariko akavuga ko aya mafaranga yakiriwe n'ishirahamwe ryiwe kandi ko ari "bwo bwa mbere yumvise yoyagirako impungenge".










