Chile: Abapolisi bariwe n'inzuki mu gihe bariko barabuza imyiyerekano y'abavumbi

Abapolisi indwi bariwe n'inzuki igihe bagerageza gukuraho ibitiba aba bavumbi bari bakoresheje

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Abapolisi indwi bariwe n'inzuki igihe bagerageza gukuraho ibitiba aba bavumbi bari bakoresheje
Yatangajwe
Igihe co gusoma: iminota 1

Abavumbi bane barapfunzwe muri Chili inyuma y'imyiyerekano yari ifise intumbero yo gusaba ko reta yoshigikira akazi kabo.

Aba bavumbi bateguye imyiyerekano hanze y'ikirimba c'umukuru w'igihugu ku mugwa mukuru, Santiago.

Abapolisi indwi bariwe n'inzuki igihe bagerageza gukuraho imizinga aba bavumbi bari bakoresheje mu kuzibira ibarabara rikuru.

Uruzuba rwinshi rurageramiye ubworozi bw'inzuki muri Chili, mu guhonya amasoko y'indya z'inzuki nk'amashurwe n'ibiterwa.

Mu kwerekana akababaro kabo, aba bavumbi bafashe imizinga 60 irimwo inzuki zababa 10.000 babishira imbere y'ikirimba kugira ngo abapolisi ntibashobore gushwiragiza iyi myiyerekano.

Tambuka X ubutumwa
Uremeye ibiri kuri X?

Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookie n'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.

Uragaba: Ibitangwa n'izindi mbuga bishobora kubamwo gutangaza

Impera ya X ubutumwa

Presentational white space

BBC ntibazwa ibivuye ku mbuga zo hanze

Umwe mu bari muri yo yabwiye abanyamakuru ko atari kuri bo gusa, ko ari no kw'isi yose.

Aba bavumbi basaba reta gusubiramwo ibiciro vy'ubuki canke naho ibahe imfashanyo, nk'uko bivugwa n'itororokanirizo ry'amakuru Reuters.

Abategetsi b'ubushikiranganji bw'uburimwi bavuga ko bumva akababaro k'aba bavumbi ku bijanye n'ingaruka ry'uruzuba, bakavuga ko bamaze amezi batanga imfashanyo ku banyagihugu bafise ingorane zikomeye z'amazi.

Ariko iyi myiyerekano yatumye inzuki zimwe zitoroka zigashwara ikirere, ivyateje ingorane ku banyagihugu baca hafi yaho.

Umwe yabwiye abanyamakuru ati: "Ni ikibazo ku bantu bakarirwa, kuko bishobora gutuma abantu bapfa".

Inzuki kw'isi yose zigenda zigabanuka cane muri ino myaka kubera imvo nyinshi, harimwo kubura aho ziba, ukwononekara kw'ikirere hamwe no gukoresha ya miti yica udukuko.