India: N'imiburiburi 12 bapfiriye mu ruhagarara mu misi mikuru y'umwaka mushasha mw'isengero

Yatangajwe

Abantu n'imiburiburi 12 bapfuye abandi batari bake barakomereka biturutse ku ruhagarara rwabaye mu rusengero rwo mu Buhindi.

Iri bara ryaguye kuri uyu wa gatandatu igihe ingenzi zari mu rugendo ku rusengero rwa Mata Vaishno Devi mu karere k'intara ya Kashmir kegukira Ubuhindi guhimbaza umwaka mushasha.

Umushikiranganji wa mbere w'ico gihugu Narendra Modi avuga ko yababajwe n'abatakaje ubuzima.

Abantu ibihumbi mirongo bama bagendera uru rusengero imisi yose, bikavugwa ko rwari rwarengewe kubera ari igihe c'imisi mikuru.

Nk'uko bivugwa n'umutegetsi mukuru mu gipolisi, abantu 14 nibo bakomerekeye muri uru ruhagarara, bose bakaba bajanwe mu bitaro.

Umutegetsi umwe w'igihugu yabwiye itororokanirizo ry'amakuru AFP ko igitigiri c'abapfuye gishobora kuduga kuko uru rusengero rwari rwakiriye abantu benshi cane bagihe kwigina umwaka mushasha.

Uru rusengero rusanzwe ruri hafi y'igisagara ca Katra, ruri mu bibanza bisengerwamwo bisanzwe vyubahwa cane mu Buhindi. Vyari vyategetswe ko igitigiri c'ingenzi kitorenga abantu bababa 25.000 kubera ikiza ca Covid-19.

Icateye uru ruhagarara rwabaye mu gaturuturu ntikiramenyekana, ariko bamwe mu babibonye bavuga ko hatabaye ugukurikirana neza abantu isinzi bari muri ico kibanza.

Hatangujwe amatohoza kugira bamenye icateye iri sanganya.