Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
BAL2022: Umugwi New Star usaba urundi rukino inyuma yo kwirukanwa mw'ihiganwa
Ishirahamwe ry'umupira w'amaboko Basketball mu Burundi FEBABU ryandikiye ishirahamwe ry'isi yose ry'urwo rukino FIBA risaba ko umugwi wa New Star urenganurwa ku ngingo wafatiwe zo kwirukanwa mw'ihiganwa kubera Covid.
Umugwi wa New Star wahagaritswe mw'ihiganwa inyuma yo gusanga abakinyi bane b'uwo mugwi n'ababaherekeje babiri bafise umugera wa Covid-19.
Mu rwandiko rwa FIBA ruvuga ko uwabanduje ari umukinyi yitwa Brian Kavakure.
FIBA ikavuga ko, hishimikijwe amategeko y'iryo shirahamwe, abakinyi bose bategerezwa guca bashirwa mu kibanza ca bonyene.
Banditse kandi ko "kubera abanduye bashobora kwanduza abandi ku kibuga, hafashwe ingingo ko umugwi wa New Star wirukanywe mw'ihiganwa."
Urukino rwategerezwa guhuza New Star na Cape Town Tigers rwaciye rufutwa, New Star ica itsindwa impaga.
Ishirahamwe rya Basketball mu Burundi FEBABU ribivugako iki?
Baba abarongozi b'umugwi wa New Star canke ba FEBABU ishavu riraniga, bavuga ko barenganijwe.
Bagiriza umugwi wa Afrika y'Epfo, Cape Town Tigers, wari watsinzwe na New Star mu rukino rwa mbere ko ari wo woba uri inyuma y'uko kwirukanwa mw'ihiganwa.
New Star ntihakana ko ari abakinyi bayo basanganywe Covid ariko bagatangazwa n'uko umugwi wa Cape Town Tigers na wo wasanganywe umukinyi afise uwo mugera ata ngingo n'imwe wafatiwe.
Aho ni mu gihe ari wo bategerezwa gutana mu mitwe.
FEBABU iranibaza iti: "Bigenda gute ngo FIBA ivuge ko umukinyi wacu Brian Kavakure ari we yanduje abandi ariko akaba ata Covid bamusanganye, mbere akanahabwa n'uburenganzira bwo gutahana n'abandi mu Burundi?"
Ikindi ishirahamwe rya Basketball mu Burundi rivuga n'ingene umugwi bari baraye bakinye na New Star wa Cobra Sport bawuretse urabandanya ihiganwa.
New Star kandi, n'aho yari ibuze abakinyi bakomakomeye, yaratonze ku kibuga kugira bakine na Cape Town Tigers, ariko abo na bo ntibitaba.
Ivyo ngo bikagaragara ko ari ivyari vyateguwe ko babakubita impaga babagiriza ko bamwe muri bo batowe Covid.
Kubera izo mvo zose, FEBABU isaba ko New star yobandanya ihiganwa hisunzwe amanota iyo migwi ibiri yari imaze kuronka, canke hatunganywe urundi rukino rwobahuriza ku kindi kibuga.