Umunonotsi wa Afrika 2021: Urutonde rwa BBC rw’abazotorwamwo rwasohotse

Yatangajwe

Urutonde rwa BBC rw'abazotorwamwo umunonotsi yenuriye abandi mu 2021 mu banonotsi b'abanye-Afrika (BBC African Sports Personality of the Year) rwashizwe ahabona - kandi urashobora gutora uwo ubona ko ariwe yofata ico kibanza.

Abo bahiganirwa iryo teka uko ari batandatu batowe n'umugwi w'abamenyeshamakuru bo hirya no hino muri Afrika hamwe no mu Bwongereza.

Uwo mugwi watoye urutonde ushingiye ku ho Afrika yashitse ku rugero rwiza kurusha ahandi mu nkino ku rwego mpuzamakungu mu 2021 (hagati y'ukwezi kwa mbere n'ukwezi kw'icenda).

Ico umukinyi yafashije birenze kuba ubwiwe yashitse kure mu nkino navyo vyarashingiweko.

Abatoranijwe ni aba:

  • Eliud Kipchoge (mu bunonotsi )
  • Faith Kipyegon (mu bunonotsi )
  • Ntando Mahlangu (ubunonotsi bw'abagendana ubumuga)
  • Christine Mboma (mu bunonotsi )
  • Edouard Mendy (umupira w'amaguru)
  • Tatjana Schoenmaker (mu kwoga)

Ubandanije usoma hari ayandi makuru menshi kuri abo batoranijwe, aho nawe ushobora gutora uwo ushaka ko atsinda.

Gutora bizorangira 23:59 GMT (ni ukuvuga 21:59 mu masaha yo mu Burundi no mu Rwanda) ku wa mungu , itariki 19 ukwezi kwa 12 hanyuma uwatsinze atangazwe ku wa gatanu, itariki 7 ukwezi kwa mbere 2022 mu kiganiro Focus On Africa ca BBC kuri television no kuri radio hamwe no ku rubuga rw'inkino rwa BBC Sport.

Soma vyinshi kuri abo bahiganirwa iryo teka

Eliud Kipchoge

Iguhugu: Kenya Imyaka: 37 Ico akinamwo: Yiruka marathon

Ashobora kuba ari we mwirutsi wa mbere anyaruka kuri marathon mu bihe vyose hanyuma uyu mwaka, Eliud Kipchoge yashimangiye ikibanza ciwe inyuma yo gutahukana umudari w'inzahabu ugira kabiri yikurikiranya mu nkino za Olympic.

Mu gihe yabaye uwugira gatatu mu kugwanira kugumana umudari wa Olympic muri marathon, uwo munya-Kenya mu nyuma yaciye ahabwa igihagararo c'umunonotsi w'umugabo w'urwego mpuzamakungu rw'inkino za Olympic (International Olympic Committee).

Gutahukana umudari i Tokyo vyasiguye ko atsinze 13 kuri marathon 15 amaze kwiruka kuva atanguye kwiruka kuri ico kirere mu 2013, mu vyo amaze gushikako hakaba harimwo umwanya wa mbere mwiza kw'isi wa 2:01:39 yagize i Berlin mu 2018.

Ku myaka 36, yabaye uwutsinze marathon muri Olympic w'imyaka myinshi kurusha abandi kuva umunya-Portugal Carlos Lopez ayitsinze ku myaka 37 mu 1984 kandi akaba yatsinze ku budasa bw'umwanya bwa mbere bunini kuva mu 1972.

Faith Kipyegon

Igihugu: Kenya Imyaka: 27 Ico akinamwo: Yiruka ibirere biri hagati na hagati

Faith Kipyegon yagize umwanya wa mbere mwiza wa Olympic igihe yagwanira kugumana umudari wiwe yari yatsindiye ubwa mbere mu nkino za Rio mu 2016. Uwo mugore w'umunya-Kenya yageneye intsinzi yiwe umwana wiwe w'umukobwa w'imyaka itatu, avuga ko ariwe yatumye agira umwete inyuma yo gufata ikiruhuko c'amezi 21 ataja mu nkino.

Kugenera umwana wiwe iyo ntsinzi vyarushirije kugira insiguro kuko Kipyegon niwe mu kinyi wa Olympic agira gatatu yagumije umudari wiwe inyuma yo kuvyara hagati y'inkino (abandi n'umunya-Australia Shirley Strickland, mu 1956, n'umunya-Cameroun Francoise Mbango, mu 2008).

Imbere y'uko abica bigacika mu Buyapani, yari yagize umwe mu myanya y'imbere y'isi ku 3:51.07 - umwanya ugira kane kw'isi muri kahise - i Monaco mu kwezi kw'indwi muri Diamond League - ari naho yavanye iteka ryo kuba umuhizi w'umwaka mu kwezi kw'icenda.

Kuva agize umwanya wa mbere wa Olympic, ubu arondera umwanya wa mbere w'isi.

Ntando Mahlanguu

Igihugu:Afrika y'EpfoImyaka: 19 Ico akina: gusimba ubukika no kwiruka 200m

Ntando Mahlangu yaronse umudari wiwe wa mbere w'inkino za Olympic agifise imyaka 14 igihe yaronka ifeza ku 200m mu nkino za Rio mu 2016 - amaze imyaka ibiri yonyene atanguye kwiruka.

Uyu mwaka yarongereje igitigiri c'imidari mu gutwara inzahabu ku 200m no gusimba ubukika mu bagabo i Tokyo. Gusimba ubukika vyamuhaye inzahabu anaca umuhigo w'isi ku 7,17m - n'ubwo yari yatanguye kwimenyereza gusimba amayinga atandatu imbere y'uko inkino ziba.

Uwu muyabaga afise kazoza mu kwiruka - amaguru yiwe yaciwe kuko atatera imbere, agifise imyaka 10 - afatanya ubunonotsi n'ivyigwa. Mu kwezi kwa kane, yashinze umwanya wa mbere mwiza kw'isi ku masekunda 22.4 ku 200m mu bagabo.

Christine Mboma

Igihugu: Namibia Imyaka: 18 Ico akina: yiruka ikirere kigufi

"Ukwiruka kwa mbere kwiza mu buzima bwanje" - uko niko Christine Mboma yavuze ingene yirutse mu nkino za Tokyo 2020 mu kuba umugore wa mbere wo muri Namibia yatahanye umudari wa Olympic.

Uwo mudari wabaye uwa mbere wa Namibia mu myaka 25, uwo muyabaga akaba yatahukanye ifeza ku 200m mu gushika inyuma y'umunya-Jamaica amaze gutwara umudari wa Olympic gatanu Elaine Thompson-Herah. Umwanya w'amasekunda 21,81 yagize niwo wari uwa mbere muto ugizwe n'umugore afise munsi y'imyaka 20.

Mu nyuma yabandanije mu gutsinda ihiganwa rya Diamond League mu kwezi kw'icenda i Zurich, aho umwanya wiwe w'amasekunda 21,78 wongeye gushinga umwanya wa mbere muto kw'isi w'abafise munsi y'imyaka 20 uba n'uwa mbere muri Afrika.

Uwo mukobwa w'imyaka 18 yatanguye kwihatira ku 200m mu ntango z'uyu mwaka aho amariye kwakwa amahirwe yo kwiruka 400m n'urwego rw'isi ruraba inkino z'ubunonotsi kubera asanzwe afise urugero ruri hejuru rw'inkabuzo ya testosterone.

Edouard Mendy

Igihugu: SenegalImyaka: 29 Ico akina: umunyegori mu mupira w'amaguru

Edouard Mendy aratamarirwa i Stamford Bridge kuva atanguye gukinira Chelsea avuye muri Rennes yo mu Bufaransa mu kwezi kw'icenda 2020 akaba yabaye kirumara mu vyo uwo mugwi wo mu burengero bwa Londres washitseko muri Champions League mu kwezi kwa gatanu.

Yashitse ku muhigo w'inkino icenda atinjijwe igitsindo mu rugendo rwo gutwara ico gikombe mu mwaka w'inkino wiwe wa mbere muri iryo higanwa. Mendy kandi yanditse amateka mu kuba umunyegoli wambere w'umunye-Afrika akinye mu rukino rwanyuma rwa Champions League aba kandi uwa mbere akinye mu rukino ruhambaye ku mugabane wa Buraya kuva aho umunye-Zimbabwe Bruce Grobbelaar abonekeye mu kibuga mu 1985 mu rukino rw'ihiganwa rya European Cup (igikombe ca Buraya), ryabanjirije Champions League, akaba yakinira Liverpool.

Inkino 19 Mendy yamaze atinjijwe igitsindo mu mwaka w'inkino uheruka yaba muri Champions League canke muri Premier League, zatumye atwara agashimwe k'umunyegoli yenuriye abandi i Buraya mu mwaka w'inkino 2020-21 (Uefa Goalkeeper of 2020-21).

Uyu munonotsi yanatsindiye Uefa Super Cup, yaranashizwe mu bahiganirwa agashimwe ka Fifa k'umunyegoli yenuriye abandi mu 2021, ariko uyu mugabo yatahukanye umudari w'ikibanza ca kabiri mu gikombe ca FA mu kwezi kwa gatanu, yahushije gutsindira Yashim Trophy ihabwa umunyegoli yenuriye abandi i Buraya, igikombe gitangwa n'ikinyamakuru France Football.

Tatjana Schoenmaker

Iguhugu: Afrika y'Epfo Imyaka: 24 Ico akina: Breaststroke (ubwoko bwo kwoga)

Tatjana Schoenmaker yarabiciye biracika i Tokyo aho uretse gutahana inzahabu n'ifeza mu gihugu ciwe ca Afrika y'Epfo, yanaciye umuhigo w'isi n'uwo mu nkino za Olynpic ku 200m no ku 100m mu kwoga ivyo bita brasse canke breaststroke.

Mu gukora ivyo yaciye aha Afrika y'Epfo umudari wa mbere wa Olympic mu kwoga mu rwego rw'anbagore kuva mu 2000 aca arangiza imyaka 25 Afrika y'Epfo yari imaze irindiriye umudari w'inzahabu mu nkino za Olympic mu kwoga kuko yahejeje ari uwa mbere ku 200m.

Schoenmaker yarahatswe guheba inkino mu 2016 igihe yabura amanota yo kuronka itike yo kwitaba inkino za Rio abuze ic'ijana c'umusekunda. Ariko ntiyataye hasi maze kuva ico gihe amaze guca imihigo yo mu gihugu no ku mugabane, inzahabu zibiri mu nkino za Commonwealth hamwe n'umudari w'ifeza ku rwego rw'isi.

Yavuze ati: "Ubu ihangiro rikurikira ni irihe, ingene notera imbere kurusha? Nkeneye kubona iyo ukwoga kwanje kuzotera kuja."

Ushaka gutora tugusavye kuja ngaha https://www.bbc.co.uk/sport/africa/59089895 aho unasanga amategeko ajanye n'ubuzima bwite. Gutora bizohera kuwa Mungu itariki 19/12/2021 saa 23:59 GMT.