Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
OMS/WHO ifise ubwoba bwinshi kuri Covid yasubiye kuvyura umugara i Bulaya
Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y'abantu rifise "ubwoba bwisnhi cane" ku kiza ca Covid-19 casubiye kuba nsane i Bulaya mu gihe uyu mugabane uriko urarwana n'igihuhusi gishasha c'abandura.
Avugana na BBC, Dr Hans Kluge arongoye iri shirahamwe kuri uyo mugabane agabisha ko abantu bashika ku 500.000 bashobora kuba bamaze guhitanwa n'iki gihuhusi gishasha kiretse hagize igikorwa kugira ngo bagihagarike.
Dr Kluge avuga ko mu gihe abantu bosubira kwambara udupfukamunwa vyofasha kugihagarika.
Aka kamo gatewe mu gihe ibihugu bitari bike bitangaza ko ibitigiri vy'abandura vyasubiye kuduga ku rugero ruteye ubwoba, ivyatumye bisubira gufata za ngingo za guma mu rugo.
Dr Kluge avuga ko bimwe mu bituma ibitigiri vy'abandura bisubira kuduga harimwo ikirere ca kino gihe c'urushana, ibitigiri bito vy'abicandagisha hamwe n'ikwirakwira ry'ubwoko bushasha bwa Covid-19 buzwi nka Delta bwandukira cane.
Atera akamo ko abantu bokwicandagisha bakongera bagakurikiza ingingo shingiro z'isuku, hakongerezwa n'iyindi miti mishasha yo kuvura abanduye, ngo ibi vyofasha kugabanya ibitigiri vy'abandura.
Yabwiye BBC ati: "Covid-19 yasubiye gufata ikibanza ca mbere mu bihitana abantu mu karere kacu, kandi igikwiye gukorwa turakizi kugira ngo turwanye uwu mugera".
Dr Kluge avuga ko impera n'imperuka hofatwa ingingo zitegeka abantu kwicandagisha, ariko ko vyoba vyiza habaye ibiganiro kuri iki kibazo.
Avuga ati: "Imbere y'aho, hariho ubundi buryo nko gukoresha igitabo c'inzira ca Covid (Covid pass)", akongerako y'uko ibi atari mu ntumbero yo "guhonyanga ubwigenge bwa muntu, ko ahubwo ari uburyo bwo kubungabunga ubwigenge bwacu".
Ku wa gatanu, igihugu ca Autriche cabaye ica mbere ku mugabane wa Bulaya gitangaza ko kwicandagisha Covid-19 ari itegeko, kandi ko rizotangura kuja mu ngiro mu kwa kabiri, mu gihe ingingo zizoyiherekeza zikiriko zirigwa.
Hagati aho, ejo ku wa gatandatu ibihumbi n'ibihumbi vy'abanyagihugu barihaye amabarabara ku mugwa mukuru Vienna biyamiriza iyi ngingo. Benshi muri bo bari bafise ivyapa vyanditseko ngo "Ntavy'incanco ng'aho" na "twaduhiwe".
Hari ibindi bihugu vyinshi vyo ku mugabane wa Bulaya biriko birafata ingingo ruhasha kubera ibitigiri vy'abandura biriko biriyongera.
Bimwe muri vyo biranategekanya ingingo za guma mu rugo mu gihugu cose mu gihe vyoba ngombwa.