Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Covid: Guverineri Greg Abbott wa Texas yaciye ko inkingo ziba itegeko muri iyi leta
Guverineri Greg Abbott wa leta ya Texas muri Amerika yatanze itegeko-teka ribuza ibigo byose, birimo na za kompanyi z'abikorera, gushyira mu bikorwa guhatira abantu kwikingiza coronavirus muri iyo leta.
Bwana Abbott, wo mu ishyaka ry'abarepubulikani, amaze igihe ari umwe mu bategetsi bo muri Amerika bamagana bikomeye ko kwiteza inkingo za Covid bihinduka itegeko.
Mbere na bwo yatanze amategeko ameze nk'iryo, ariko ubu ni ubwa mbere rinareba noneho abikorera hamwe n'abakiliya babo.
Benshi babona ko kugira inkingo itegeko ari ukurengera ku bwisanzure bw'umuntu.
Guverineri Abbott yasabye abagize inteko ishingamategeko yo muri iyo leta kuryemeza nk'itegeko.
Mu itangazo, Bwana Abbott yagize ati: "Urukingo rwa Covid-19 ruratekanye, ni ingirakamaro, kandi [ni] ubwirinzi bwacu bwiza cyane kuri virusi, ariko rukwiye gukomeza gufatwa ku bushake ntiruhatirwe na rimwe".
Ibi biramuhanganisha na Perezida w'Amerika Joe Biden, wo mu ishyaka ry'abademokarate, mu kwezi gushize wasabye za kompanyi gushyiraho uburyo bw'itegeko bwo kwikingiza ku bakozi bazo.
Mu ntangiriro y'uyu mwaka, Guverineri Abbott yakuyeho gusaba kwambara udupfukamunwa muri iyi leta.
Mu kwezi kwa munani yanashyize umukono ku itegeko-teka ribuza kugira itegeko inkingo ku bakozi bo mu bigo bya leta, harimo n'amashuri ya leta na za kaminuza.
Inkiko zo muri Texas zirimo kwiga ku madosiye ya benshi bamaganye ikurwaho ryo kwambara udupfukamunwa.
Mu kwezi kwa munani, Bwana Abbott bamusanzemo coronavirus ubwo hari harimo kwiyongera umubare w'abajya mu bitaro kubera Covid. Yavuze ko gukira kwe kwihuse kwatewe no kuba yari yarikingije byuzuye.
Iri tegeko-teka rishyashya rije mu gihe Bwana Abbott arimo kotswa igitutu n'abakandida babiri b'abacyeba be mu matora y'ibanze y'abarepubulikani yo mu mwaka utaha: abo ni Don Huffines wahoze ari senateri uhagarariye iyi leta na Allen West wahoze ari depite uhagarariye Florida.
Abo bombi bahatanye na we bamagana bikomeye ko inkingo ziba itegeko.
Mu butumwa bwo kuri Twitter, Bwana Huffines yagize ati: "[Bwana Abbott] azi aho umuyaga urimo guhuha werekeza. Azi ko abatora b'abarepubulikani bo mu badashaka impinduka barambiwe amategeko yo kwikingiza kandi ko bamurambiwe nk'umuyobozi wananiwe".
Ibigo binini by'ubucuruzi bifite amashami muri Texas na byo byagiye bigarukwaho kubera iki kibazo.
Facebook na Google, bikoresha abantu benshi muri iyo leta, ni bimwe mu bigo byasabye abakozi babyo ko bacyeneye kwerekana gihamya yuko bakingiwe kugira ngo basubire mu biro.
Impaka ku kugira itegeko kwikingiza zikomeje kuba ikibazo gicamo ibice abantu muri Amerika.
Abanenga kugira inkingo itegeko babona ari ukurenga ku itegekonshinga, ariko ababishyigikiye bavuga ko bicyenewe ko ziba itegeko mu guhangana n'ikiza cyo ku rwego rw'igihugu kimaze kwica abantu barenga 700,000.
Hagati aho, muri uku kwezi kwa cumi, California yabaye leta ya mbere muri Amerika isabye ko abanyeshuri bose bakingirwa Covid kugira ngo bashobore kwinjira mu ishuri. Iyi leta ni imwe mu zifite ikigero kiri hejuru cyane cy'abamaze gukingirwa muri Amerika ndetse isanzwe yaranasabye abakora mu rwego rw'ubuvuzi bose gukingirwa.