Burundi: Igipolisi kivuga ko cishe abitwaza iterabwoba babiri mu Kayanza

Yatangajwe

Igipolisi c'Uburundi kivuga ko cishe abitwaza iterabwoba babiri ku wa kabiri ku mugoroba muri komine Matongo mu ntara ya Kayanza.

Umuvugizi w'igipolisi, Pierre Nkurikiye avuga ko umwe muri abo bitwaza iterabwoba yakomeretse uwundi arafatwa.

Ntavuga ariko uwo mugwi wateye uwo ari wo.

Nkurikiye avuga ko umwe mu bategetsi bo mu nzego zo hasi hamwe n'umupolisi umwe bakomerekejwe na grenade yatewe n'abo bagizi ba nabi.

Inkuru zivuga ko abo bateye bariko bararonderwa kuva ku musi w'Imana.

Mu mpera z'ukwezi kw'icenda abantu babiri bariciwe mu gitero ca grenade ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura, ku mugwa mukuru w'Uburundi.

Ico gihe, ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu gihugu, iterambere rusangi n'umutekano bwavuze ko ari igikorwa c'iterabwoba.

Bwagize buti: "ubwo bubisha bw'iterabwoba butagira izina buza bwerekana ko n'igihugu cacu na co nyene kirimwo imigwi y'iterabwoba".

Ico gitero caje gikurikirana n'icari cabaye ku kibuga c'indege ca Bujumbura.

Itariki 9 z'ukwezi kwa gatanu harabaye igitero cahitanye intwazangabo mu gisirikare Liyetena Koroneri Onesphore Nizigiyimana hafi y'umugwa mukuru w'intara ya Muramvya, aho abantu bitwaje ibigwanisho barashe ku rukurikirane rw'imodoka zine zitwaye abantu.

Ico gitero kikaba cabereye ku birometero bine uvuye mu gisagara ca Muramvya igihe c'isaha 19h35, nk'uko vyavuzwe n'ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati, umutekano n'iterambere.