Batatu baraye bakomerekeye mu gitero c'imbugita mw'igari ya moshi mu Budagi

Yatangajwe

Abantu batatu barakomeretse bikomeye mu gitero c'imbugita cakozwe kw'igari ya moshi mu bumanuko bw'Ubudagi.

Igipolisi caciye gihagarika umugabo w'imyaka 27 akomoka muri Syria yikekwa ko ari we yakoze ico gitero kw'igari ya moshi ikorera mu bisagara vya Regensburg na Nuremberg mu karere ka Bavaria.

Icatumye uyu mugabo akora ibi muri iri joro ryakeye ntikiramenyekana.

Mu bakomeretse nta n'umwe avugwa ko ubuzima bwiwe bubangamiwe. Ingenzi ziharurwa mu majana zabanje guhungishwa.

Umugore umwe yabwiye ikinyamakuru co mu Budagi Bild ko yari ahagaze mu kayira aza yumva izindi ngenzi zikoma induru: "Ngw'aho imbugita! Mwese muje inyuma".

Iyo gari ya moshi yagiye guhagarara ishitse ku gituro c'ahitwa Seubersdorf ku birometero hafi 70 uvuye i Nuremberg, ari naho uyo mugabo yaca ahagarikwa.

Nk'uko bivugwa n'ibinyamakuru vy'Ubudagi, uyu mugabo yahagaritswe yari aherutse kuronswa ubuhungiro inyuma y'aho yinjiriye mu Budagi mu 2014, kandi ko yari afise "ibibazo vyo mu mutwe".

Iki gitero kibaye inyuma y'amezi makeya umwimukira w'umunya Somalia acumise imbugita (icyuma mu kinyarwanda) abagore batatu agahakwa kubica mu gisagara ca Würzburg.

Ibitero bisa nk'ibi bimaze igihe vyibonekeza muri ino myaka, bikaba biteye icuka kibi n'ukutumvikana mu Budagi, mu gihe bamwe mu babikora ari abinjiye mu gihe havyuka ikibazo c'abimukira binjira i Bulaya mu 2015, ari naho umushikiranganji wa mbere Angela Merkel yugururira imiryango abantu hafi 900.000 barondera ubuhungiro.