Africa muri iyi ndwi mu mafoto: 22-28 ukwezi kw'icumi, 2021

Yatangajwe

Amwe mu mafoto meza kurusha ayandi yo muri Afrika n'ahandi.

Short presentational grey line
Boys run past a bright mural of children wearing face masks.

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Ku wa gatatu, abana biruka baca iruhande y'igicapo co ku ruhome ca Senzart911 muri Soweto, Afrika y'Epfo.
A woman stands next to a large mesh sculpture of human hands.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Igicapo cerekana pyramides za Giza mu Misiri , aho ibikorwa vy'abanyatugenegene mpuzamakungu 10 biriko birerekanwa mw'isabukuru y'utugenegene, aho ni ku wa mungu
Nigerian officials place their hands on the bronze cockerel.

Ahavuye isanamu, PA Media

Insiguro y'isanamu, Ikibumbano ca bronze cari casahuwe n'ingabo z'Ubwongereza mu 1897 mu Bwami bwa Benin , mu gisagaye ari Nigeria ubu, casubijwe abategetsi ba Nigeria ku wa gatatu.
Visitors look at doors of King Glele's Palace (1880-1889).

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Umunsi umwe imbero y'aho, inzu ndangakaranga y'i Paris irerekana iyi myango yo ku kirimba c'Ubwami bwa Dahomey bwo mu kinjana ca 19, imbere y'uko isubizwa Benin.
A young boy plants a tree seedling in the ground.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ku wa gatandatu, uwo mwana w'umuhungu yifatanije n'abandi mu gutera ingemwe z'ibiti mu karere kahonejwemwo ibiti mw'ishamba rya Mau muri Kenya.
A woman holds the Golden Stallion of Yennenga trophy at the Palais des Sports in Ouagadougou.

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Uwo munsi nyene, agashimwe ka mbere k'ihiganwa ry'ama sinema rya Fespaco muri Burkina Faso, Etalon d'Or de Yennenga , kazanywe nk'amata y'abashitsi kwerekanwa - kahawe umunya-Finlande akomoka muri Somalia atunganya ama sinema Khadar Ahmed, kw'ireresi yiwe The Gravedigger's Wife (umugore w'umwimvyi w'imva).
Yvonne Orji (L) and Issa Rae on the red carpet.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Umukinyi yavukiye muri Nigeria, Yvonne Orji na Issa Rae - afise se w'umunya-Senegal - bariko bararaba incuro ya mbere urukurikirane rwabo rwa nyuma rw'kiganiro cabo co kuri television Insecure , hari ku wa gatanu i Los Angles .
Tsitsi Dangarembga and her husband Olaf Koschke chat and smile.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Umwanditsi w'umunya-Zimbabwe Tsitsi Dangarembga afashe akanya n'umugabo wiwe Olaf Koschke i Frankfurt ku wa mungu , aho yahawe agashimwe ka Book Trade's Peace Prize k'Ubudagi . Mw'ijambo ryo kwakira ako gashimwe, yateye akamo k'uko haba "igihe gishasha c'umuco" ("new Enlightenment").
A lion is seen behind the bars of the cage it is travelling in.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Intare yatabawe ku wa kabiri ivanywe mu Burusiya ijanwa muri Tanzanaia kugira isubire kumenyerezwa kubaho bisanzswe
The owner inspects the damage at his house in Mossikro, Abidjan, after flooding caused by heavy rains, which left at least 4 people dead.

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Ivyasambuwe `n'imyuzure yahitanye abantu ku wa gatandatu i Abidjan muri Cote d'Ivoire
Sudanese people block roads and protest against Monday's coup.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Hanyuma ku wa kabiri, abantu ibihumbi n'ibihumbi bashavuye barabandanya imyiyerekano yo kwiyamiriza itembagazwa ry'ubutegetsi n'abasirikare muri Sudan , aho iyindi imyiyerekano yahamagajwe ku wa mungu.